Kristo arengeye vyose
15 Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose, 16 kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe. 17 We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa. 18 Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta, 19 kuko Imana yahimbawe n’uko ubumana bwayo bwuzuye buba muri we, 20 kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.