Pular para o conteúdo
Publicidade

Efeso 4:1-12

Ubumwe n’ugukura mu mubiri wa Kristo

1 Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana. 2 Mwame imisi yose mwicisha bugufi, mugira ubugwaneza kandi mwihanganiranira, ku bw’urukundo. 3 Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro. 4 Hari umubiri umwe n’Impwemu imwe, nk’uko mwahamagariwe ivyizigiro bimwe vyo muri kazoza; 5 Hari Umwami umwe, ukwizera kumwe, umubatizo umwe; 6 kandi hari Imana imwe, ni yo Data wa twese, iri hejuru ya bose, igakorera muri bose kandi ikaba muri bose.

7 Ariko umwe wese muri twebwe yahawe ubuntu nk’uko Kristo yabigenye. 8 Ni co gituma bivugwa ngo:

"Hamwe yaduga iyo hejuru,

yajanye inyagano nyinshi

kandi yatanze ingabire ku bantu biwe."4:8 Zaburi 68:18

9 (Mbega "yaraduze" bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi? 10 Uwo yamanutse ni we nyene yaduze gushika hejuru ahasumba amajuru yose, kugira ngo yuzure ahantu hose.) 11 Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha, 12 kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.