Inyigisho zo kubaho ubuzima Rukristo
17 Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi. 18 Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo. 19 Kubera ata kintu kigiteye isoni kuri bo, bisutse mu vy’ubuhumbu maze bakora ibihumanya vy’uburyo bwose, kandi buzuye ukwipfuza kwinshi.