Publicidade

Bíblia

Por Bíblia Online

A Bíblia é a Palavra de Deus — viva, eficaz e mais cortante que espada de dois gumes. Toda Escritura é inspirada por Deus e útil para ensinar, repreender, corrigir e instruir em justiça.

Inspiração divina

Toda Escritura é inspirada por Deus. Homens santos falaram da parte de Deus movidos pelo Espírito Santo.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Kandi kuva mu bwana bwawe, waramenye Ivyanditswe Vyera, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu. Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye, kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.

Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, wihanize abari mu bibi, ubatere intege mu kubigisha neza, ugire ukwihangana kwinshi.

Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.

Poder da Palavra

A Palavra de Deus é viva e eficaz. O céu e a terra passarão, mas as minhas palavras jamais passarão.

Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.

Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.

Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana."

Nk’uko imvura na shelegi

bimanuka bivuye mw’ijuru,

hanyuma ntibisubire inyuma

bitavomeye isi,

bigatuma itota igashobora kumera,

kugira ngo ihe umubivyi umwimbu n’umuryi ivyokurya,

ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje riri:

ntirizosubira inyuma uko ryaje,

ariko rizoshitsa intumbero yanje,

rishitse intumbero yatumye ndarituma.

Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri.

Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,

ariko ijambo ry’Uhoraho

ryo rihoraho ibihe vyose."

Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.

Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?

Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.

Amajambo yawe yose ni ay’ukuri;

ivyagezwe vyawe vyose bigororotse vyamaho ibihe vyose.

Sini na Shini

Estudar e pregar

Os bereanos examinavam as Escrituras diariamente. Procura apresentar-te a Deus aprovado como obreiro que maneja bem a Palavra.

Abantu b’i Beroya bari bafise imitima yugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe Vyera umusi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.

Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato atatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera, abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: "Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo."

Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande y’uwo mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: "Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?"

Na we aramwishura ati: "Nobitahura gute ata wubinsiguriye?" Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baca baricarana.

Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa,

atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,

ntiyigeze akurako umunwa.

Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.

Kandi Ezira yari yariyeguriye kwiga no kwitondera Ivyagezwe vyUhoraho no kwigisha ivyo yihanikirije n’amabwirizwa yatanze mu Bisirayeli.

Yesu aca ababwira ati: "Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze. Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?" Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.

Maze Yesu arabegera, ababwira ati: "Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iryUmwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."

Mugende muravuga ubu butumwa muti: Ubwami bw’ijuru buri hafi.

Revelação e fidelidade

A Palavra do Senhor veio aos profetas. A graça de Deus se manifestou na Escritura para a salvação de todos.

Ijambo ryUhoraho ribwira Eliya riti:

Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yoweli mwene Petuweli.

Ijambo ry’Uhoraho ryongera gutumwa kuri Yeremiya riti:

Iri ni ijambo Uhoraho yarungikiye Abisirayeli, arivugishije Malaki.

Maze ijambo ryUhoraho ryongera kuza kuri Zakariya riti:

Maze ijambo ryUhoraho riza kuri Yesaya,

Umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho

Mpwemu wUhoraho Nyeninganji, ari kuri jewe,

kuko Uhoraho yansize amavuta

ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.

Yantumye kwunga imitima isanzaye,

kumenyesha inyagano ko zibohowe,

no guha imbohe umwidegemvyo.

Yantumye kumenyesha umwaka wo kugirirwa ubuntu nUhoraho,

n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu,

no kuremesha abagandaye bose,

nshirireho no kuri abo b’i Siyoni bagandaye,

urugori rw’ubwiza

mu gishingo c’iminyota,

amavuta y’akanyamuneza

mu gishingo c’ikigandaro,

n’umwambaro w’amashimwe

mu gishingo c’umutima wihebuye.

Bazokwitwa igiti c’ukugororoka,

catewe nUhoraho,

ngo cerekane ubwiza bwiwe.

Viver pela Palavra

Não só de pão vive o homem. Nada acrescentes nem diminuas. A Palavra é alimento, guia e espada do cristão.

Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;

ni inkinzo ku bayihungirako.

Ntihagire ico uzokwongera ku majambo yayo,

ahandi ho izoguhana ikwereke ko uri umubeshi.

Ndaburiye umuntu wese yumva amajambo y’ubuvugishwa yo muri uwu muzingo w’igitabu: Nihagira uwugira ico yongeye ku vyanditswe muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izokwongera ku vyago vyiwe, ivyago bicanditsemwo. Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.

Ubutumwa twabashikirije

Ndatangajwe n’ingene mwihuse cane kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we! Nk’uko twabivuze ubwa mbere, n’ubu ndabisubiyemwo: umuntu wese yobabwira ubutumwa butandukanye n’ubwo mwakiriye, umuvumo w’Imana ube kuri we!

Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana. Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.

Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.

None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye? Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!"

Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: "Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?" Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.

Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera."

Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu. Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu. Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.

Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.

Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo. Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga. Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.

Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.

Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-