Publicidade

2 Pedro 1

1 Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo,

Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:

2 Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye, ivyo muronkeshwa no kumenya Imana na Yesu Umwami wacu.

Umuhamagaro n’ugutoranywa vy’Abakristo

3 Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivya nkenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe. 4 Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.

5 Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi; 6 ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana; 7 ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo. 8 Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo. 9 Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi kandi ni impumyi. Yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.

10 Nuko rero bene Data, murushirize kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara, 11 kandi muzokwakiranwa igishika gikomeye mu Bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.

Ubuvugishwa buva mu Vyanditswe

12 Ibi nzokwama ndabibibutsa, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mwigishijwe. 13 Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri, 14 kuko nzi ko vuba cane ngiye kuwamburwa, nk’uko Umwami Yesu Kristo yabimenyesheje. 15 Kandi nzogira umwete kugira ngo ninamara kugenda muze mwame muvyibuka.

16 Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero. 17 Yahawe na Data Imana icubahiro n’ubwiza igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: "Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara." 18 Twebwe ubwacu twariyumviye iryo jwi rivuye mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi wejejwe.

19 Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira, kuko rimeze kurya kw’itara rimurika ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu. 20 Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye, 21 kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.

Veja também

Publicidade
2 Pedro
Ver todos os capítulos de 2 Pedro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-