Colheita
A colheita é princípio bíblico universal: colhemos o que semeamos. Quem semeia na fé e obediência colherá bênçãos abundantes do Senhor.
Semear e colher
Quem semeia no Espírito, do Espírito colherá vida eterna. Não nos cansemos de fazer o bem — ao tempo certo colheremos.
Uwubiba kugira ngo anezereze kamere muntu kiwe, azokwimbura ukubora muri ako kamere nyene. Ariko uwubiba kigira ngo ahimbare Mpwemu, azokwimbura ubugingo budashira muri Mpwemu.
Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura.
Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa.
None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.
Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.
Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
Fidelidade na semeadura
Honra ao Senhor com as tuas primícias. O Senhor abrirá as janelas do céu e derramará bênção sem medida.
Wubahishe Uhoraho ubutunzi bwawe,
hamwe n’ivya mbere vyo mu vyeze mu mirima yawe.
Nimuzane ikigiracumi gikwiye mu bubiko bwanje, kugira ngo mu nzu yanje habemwo ivyokurya. Ehe nimubingeragereshe, jewe Uhoraho Mushoboravyose, murabe ko ntugurura imiryango yo mw’ijuru, nkabacuncuburirako imigisha mukabura n’aho muyikwiza.
Nimwitondera ivyo nashinze, mugashira umutima ku kwitondera amabwirizwa yanje, nzobarungikira imvura mu gihe cayo, kandi isi izokwera ivyimburwa vyayo n’ibiti vyame ivyamwa vyavyo.
Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?
Umuvinyu urakamye
umusukoni urakabiranye;
amakomamanga, ibigazi n’amapome,
n’ibiti vyose vy’ivyamwa birumye.
Ni ukuri umunezero w’abantu
uraheze.
Naho umusukoni wanje utoshurika,
inzabibu zanje ntizame,
naho umwimbu wa elayo worumba
imirima ntigire ico yera,
naho intama zohera mu rugo,
umukuku ugahera mu ruhongore,
nzonezererwa Uhoraho,
nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.