Sinais do fim dos tempos
A Bíblia descreve sinais que precederão a volta de Jesus. Guerras, falsos mestres, sinais cósmicos e a pregação do evangelho a todas as nações — tudo aponta para o fim dos tempos.
Sinais proféticos
Este evangelho do Reino será pregado em todo o mundo e então virá o fim. Os sinais dos últimos tempos já se manifestam.
Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.
Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana ukugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro. Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba zisamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.
Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako. Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
Os últimos dias
Nos últimos dias virão tempos difíceis, homens amantes de si mesmos. Mas derramarei o meu Espírito sobre toda a carne.
Umenye neza ibi: mu misi ya nyuma hazoba ibihe bigoye. Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ikintu na kimwe cejejwe. Urukundo rwabo ruzotimba, ntibazoshobora guharira, bazovuga nabi, bananirwe kuganza ingeso zabo, bazoba bateye ubwoba, banka iciza cose. Bazoba buzuye ubuhemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana. Bazoba bigira abagororotsi ariko bahakana aho ubushobozi bwo kugororoka buva. Uze wame witandukanye n’abantu nk’abo.
‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma
nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose;
abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje,
n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe,
abatama banyu bazorota inzozi.
N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,
muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje
kandi bazovugishwa nanje.
Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru
n’ibimenyetso hasi kw’isi:
amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.
Izuba rizohinduka umwijima,
ukwezi guhinduke amaraso,
imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.
Kandi umuntu wese
azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’
Kandi hanyuma y’ivyo,
nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose.
Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa,
abatama banyu bazorota indoto,
n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.
N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,
nzobasukako Mpwemu wanje muri iyo misi.
Maze ico gihe, Mikaheli, umumarayika ahambaye w’ubwoko bwawe, azohaguruka. Hanyuma hazoba ibihe vy’umubabaro bikomeye kurusha ivyigeze kubaho kuva amahanga abayeho. Ariko, muri ico gihe, uwo mu bwoko bwanyu azoba yanditswe mu gitabu c’Imana azorokoka. Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira. Abagize ubwenge bazokwakaka nk’umuco wo kw’ijuru, kandi abashikanye benshi ku kugororoka bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bidashira.
Esperança e prontidão
O dia do Senhor virá como ladrão. Mas nós não somos das trevas — estejamos sóbrios, vigiliando e esperando.
Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira. Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira. Nuko muremeshanye n’ayo majambo.
Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe. Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro. Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma. Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka, kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose. Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu."
Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe. Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.
None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro. Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.
Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi. Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi.
"Ehe raba ngiye kurema ijuru rishasha
n’isi nshasha.
Ivya kera ntibizosubira kwibukwa,
ntibizosubira no guca mu mitwe y’abantu.
Ariko nimuhimbarwe, munezerererwe ibihe vyose
ivyo ngiye kurema,
kuko ngira ndemere Yerusalemu kuba ibihimbaro,
n’abantu baho kuba umunezero.
Nzonezererwa Yerusalemu,
mpimbarwe n’abantu banje;
urwamo rw’amarira n’amaborogo
ntibizosubira kwumvikana.
"Nta nkeka uwo musi uraje, kandi uje waka nk’itanure. Abibona n’inkozi z’ibibi bazoba nk’ubwatsi bwumye, kandi uwo musi uje uzobatongora," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. "Nta kimeze nk’umuzi canke ishami kizosigara kuri bo. Ariko mwebwe muhindira agashitsi imbere y’izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mishwarara yaryo. Maze muzosohoka mwishire mwizane, mutamba mwiginagura nk’uko inyana ziginagura iyo zisohowe ziva mu ruhongore.
Hanyuma nca mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari. Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe. Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."