1 Dawidi ava i Gati ahungira mw’isenga ry’i Adulamu. Bakuru biwe n’abo mu nzu ya se bavyumvise, baramanuka bamusangayo. 2 N’abandi bantu bahanzwe n’ingorane, uri abaheranye, uri abashegeshwe buzuye umwikomo, baramukurikira, araheza aba umukuru wabo. Abari kumwe na we, barashika hafi amajana ane.
3 Dawidi avayo aja i Misipehi i Mowabu maze abaza umwami w’i Mowabu ati: "Ndagusavye wemerere data na mama baze babe ngaha iwawe kugeza aho nzomenyera ico Imana izonkorera?" 4 Nuko, uhereye ico gihe abavyeyi ba Dawidi babana n’umwami w’i Mowabu kandi bagumana na we igihe cose Dawidi yamaze mu kinyegero.
5 Ariko, uwavugishwa n’Imana Gadi abwira Dawidi ati: "Ntugume winyegeje. Genda mu gihugu c’i Buyuda." Nuko Dawidi aca ava ngaho aragenda yinjira mw’ishamba ry’i Hereti.
6 Nuko Sawuli amenya ko Dawidi n’abantu biwe hari abababonye aho bari. Sawuli yari yicaye musi y’igiti citwa tamarisi ku musozi w’i Gibeya, n’icumu ryiwe mu minwe, abishikira biwe bose bamukikije. 7 Sawuli arababwira ati: "Nimunyumvirize yemwe Babenyamini mwese! Mbega mwene Isayi azobaha mwese amatongo n’imizabibu? Mbega azobagira abakuru b’ingabo igihumbi abandi abagire abakuru b’ingabo ijana? 8 Mbega ni co gituma mwese mwagiye inama yo kungwanya? Nta n’umwe yigeze ambwira igihe umuhungu wanje yagiriraniye amasezerano na wa muhungu wa Isayi. Nta n’umwe ambabaye kuko ata n’umwe yambwiye igihe umuhungu wanje yosha uwo mukozi wanje kuntega imitego nk’uko bimeze uwu musi."
9 Ariko Dowegi Umunyedomu, yari ahagararanye n’abakuru b’ingabo ba Sawuli aca aravuga ati: "Narabonye wa muhungu wa Isayi aza kwa Ahimeleki mwene Ahitubu w’i Nobu. 10 Ahimeleki yamusigurije Uhoraho, amuha ivyokurya, yongera amuha na ya nkota ya Goliyati Umufilisitiya."
11 Nuko umwami atumako umuherezi Ahimeleki mwene Ahitubu n’umuryango wa se wose, bari abaherezi i Nobu, bose baza aho umwami yari ari. 12 Sawuli aravuga ati: "Umviriza rero, yewe mwene Ahitubu."
Arishura ati: "Egome nyakwubahwa."
13 Sawuli aramubwira ati: "Ni kuki mwangiriye inama wewe na mwene Isayi, ukamuha ivyokurya n’inkota ukanamusiguriza Imana, kugira ngo angararize, antege n’umutego, nk’uko yabikoze uwu musi?"
14 Ahimeleki yishura umwami ati: "Mbega mu basavyi bawe bakwumvira ni nde yoba ari umwizigirwa wawe kunganya Dawidi, umukwe w’umwami? Si we mukuru w’ingabo zicungera ubuzima bwawe kandi yubashwe n’abo mu rugo rwawe bose? 15 Mbega ugira ngo uwo musi bwari bwo bwa mbere ndamusiguriza Imana? Haba na mba! Mwami, ntiwagirize umusavyi wawe canke n’umwe mu bo mu muryango wanje, kuko umusavyi wawe ata na kimwe nzi muri ivyo vyose."
16 Ariko umwami aravuga ati: "Ahimeleki, ntugenda udapfuye, wewe n’umuryango wa so wose."
17 Nuko umwami ategeka abamucungerera ubuzima bari i ruhande yiwe ati: "Hindukira mwice aba baherezi b’Uhoraho, kuko na bo nyene bashigikiye Dawidi. Baramenye ko yariko arahunga, ariko ntibabimbwira."
Ariko abo bakuru ntibemera kwica abaherezi b’Uhoraho.
18 Nuko umwami ategeka Dowegi ati: "Hindukira wewe wice abo baherezi." Maze Dowegi Umunyedomu arahindukira yica ba baherezi. Kuri uwo musi yishe abagabo mirongo umunani na batanu kandi bacambaye efodi zera. 19 Amarisha inkota abantu b’i Nobu, igisagara c’abo baherezi, abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka, indogoba n’intama.
20 Ariko Abiyatari, mwene Ahimeleki, Ahimeleki mwene Ahitubu, arashobora kunyegera ahungira kwa Dawidi. 21 Maze abwira Dawidi ingene Sawuli yishe abaherezi b’Uhoraho. 22 Nuko Dawidi abwira Abiyatari ati: "Kuri urya musi, igihe wa Munyedomu Dowegi yari harya, nari nzi ko ategerezwa kubibwira Sawuli. Ni jewe ntumye umuryango wa so wose upfa. 23 Gumana nanje; ntutinye; uwurondera kukwica ni we ariko ararondera kunyica nanje. Uri kumwe nanje uzoba amahoro."