Publicidade

1 Samuel 7

1 Nuko abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu badugana iyo Sandugu y’Uhoraho, bayijana mu rugo kwa Abinadabu rwari ku gasozi, baca barobanura Eliyezeri umuhungu wiwe kugira ngo yiteho iyo Sandugu y’Uhoraho.

Samweli atsindira Abafilisitiya i Misipa

2 Iyo Sandugu y’Uhoraho imara igihe kirekire kingana n’imyaka mirongo ibiri yose, ikiri i Kiriyati-Yeyarimu.

Muri ico gihe, Abisirayeli bose batakambira Uhoraho bababaye kuko bumva umenga Uhoraho yarabahevye. 3 Maze Samweli abwira Abisirayeli bose ati: "Nimwaba mugarutse k’Uhoraho n’imitima yanyu yose, nimwitandukanye n’ibigirwamana vy’amahanga hamwe n’ibishushanyo vya Ashitaroti, mwiyegurire Uhoraho kandi mumukorere wenyene, na we azobakiza abakure mu maboko y’Abafilisitiya." 4 Nuko Abisirayeli bitandukanya n’ibigirwamana Bayali na Ashitaroti, bakorera Uhoraho wenyene.

5 Hanyuma Samweli aravuga ati: "Nkoraniriza Abisirayeli bose i Misipa nanje ndabasengera k’Uhoraho." 6 Bamaze gukoranira i Misipa, bavoma amazi bayasuka imbere y’Uhoraho. Kuri uwo musi barisonzesha maze baratura bati: "Twaracumuye k’Uhoraho." Aho i Misipa ni ho Samweli yakorera nk’umucamanza w’Abisirayeli.

7 Abafilisitiya bamenye ko Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abatware b’Abafilisitiya baca baduga kubatera. Abisirayeli na bo bavyumvise, baca baterwa n’ubwoba bwinshi kubera abo Bafilisitiya. 8 Babwira Samweli bati: "Ntuhagarike gutakambira Uhoraho Imana yacu ku bwacu, kugira ngo adutabare adukure mu maboko y’Abafilisitiya." 9 Maze Samweli afata umwagazi w’intama uconka awushikanira wose Uhoraho kw’ikimazi co guturirwa n’umuriro. Atakambira Uhoraho kubw’Abisirayeli, Uhoraho aramwishura.

10 Samweli agitanga ca kimazi giturirwa n’umuriro, Abafilisitiya barabegereza ngo babahwikire. Ariko kuri uwo musi Uhoraho aturagarira hejuru y’Abafilisitiya nk’umuturagaro ukomeye, bacika ivutu kubera ubwoba, bituma Abisirayeli babatsinda. 11 Abisirayeli baca bavuduka i Misipa bakurikira Abafilisitiya, bagenda barabicira mu nzira gushika musi y’igisagara ca Beti-Kari.

12 Maze Samweli afata ibuye arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, bisigura ngo: "Gushika n’ubu Uhoraho aracadutabara."

13 Nuko Abafilisitiya baratsindwa ntibasubira kwongera gutera Abisirayeli.

Igihe cose Samweli yari akiriho, ukuboko kw’Uhoraho kwagumye guhanamiye Abafilisitiya. 14 Abisirayeli bigarurira ibisagara vyose vyari hagati y’i Ekuroni n’i Gati, ivyo Abafilisitiya bari barabanyaze, kandi Abisirayeli bigarurira n’intara yari ibegereye bayinyaze Abafilisitiya. Haba impore hagati y’Abisirayeli n’Abamori.

15 Nuko Samweli aguma ari umucamanza w’Abisirayeli imisi yose yabayeho. 16 Ku mwaka yama afata urugendo akava i Beteli aja i Gilugali gushika i Misipa, acira Abisirayeli imanza muri ivyo bice vyose. 17 Ariko yama ataha i Rama, ahari urugo rwiwe, kandi n’aho nyene yarahacira imanza z’Abisirayeli. Maze yubakira Uhoraho igicaniro aho nyene.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-