1 Muri iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo kugira ngo baje kugwanya Abisirayeli. Akishi abwira Dawidi ati: "Wewe n’iyo misore yawe muzojana nanje ku rugamba."
2 Dawidi aramwishura ati: "Ni ho uzokwibonera ubwawe ivyo umusavyi wawe nshobora gukora."
Akishi aramwishura ati: "Ni vyiza, kandi nanje nzokugira uwuncungerera ubuzima."
3 Ico gihe Samweli yari yarapfuye, Abisirayeli bose bari baramugandariye, bamuhamba mu gisagara c’iwabo i Rama. Kandi Sawuli yari yarirukanye mu gihugu abapfumu n’abahamagara imizimu bose.
4 Abafilisitiya barakorana baragenda bashinga ikambi yabo i Shunemu, ico gihe Sawuli na we akoranya Abisirayeli bose bashinga ikambi yabo i Gilibowa. 5 Sawuli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya; ubwoba bwuzura umutima wiwe. 6 Asiguza Uhoraho, ariko Uhoraho ntiyamwishura haba mu nzozi, haba mu buryo bwa Urimu canke aciye mu bavugishwa. 7 Sawuli abwira abakozi biwe ati: "Nimundonderere umugore ahamagara imizimu, kugira ngo ngende kumusiguza."
Baramubarira bati: "Hariho umwe ari i Eni-Dori."
8 Maze Sawuli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, mw’ijoro ajana n’abantu babiri kwa wa mugore. Aramubwira ati: "Nsiguriza imizimu, umpamagarire uw’uwo nja kukubwira."
9 Ariko wa mugore amubwira ati: "Ni ukuri urazi neza ivyo Sawuli yakoze n’ingene yakuyeho abahamagara imizimu n’abapfumu mu gihugu. Ni kuki ugomba kuntega umutego ngo uncishe agatwe?"
10 Sawuli aramurahira mw’izina ry’Uhoraho ati: "Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ko ivyo utazobihanirwa."
11 Maze wa mugore aramubaza ati: "Ndaguhamagarire nde?"
Aramubwira ati: "Mpamagarira Samweli."
12 Wa mugore abonye Samweli, araboroga cane, abwira Sawuli ati: "Ni kuki wampenze? Uri Sawuli!"
13 Umwami aramubwira ati: "Ntutinye. Ubonye iki?"
Wa mugore aravuga ati: "Mbonye igisa n’umuzimu kiduga kiva mu kuzimu."
14 Aramubaza ati: "Gisa gute?"
Aramwishura ati: "Umutama yambaye ikanzu ni we aduze."
Nuko Sawuli amenya ko ari Samweli, aca aramwunamira, akubita ibipfukamiro akoza umutwe hasi.
15 Samweli abwira Sawuli ati: "Ni kuki uriko urangora umpamagara ngo ngaruke?"
Aravuga ati: "Ni uko ndi mu mubabaro mwinshi. Abafilisitiya baranteye, kandi Imana yarampevye. Ntikinyishura, haba biciye mu bavugishwa canke mu nzozi. Ni co gituma naguhamagaye ngo umbwire ico nkwiye gukora."
16 Samweli aramubwira ati: "Ni iki gitumye unsiguza, kandi Uhoraho yaraguhevye akaba umwansi wawe? 17 Uhoraho akoze ivyo yari yaravuze aciye kuri jewe. Uhoraho agushikuye ubwami mu maboko yawe kandi buhawe uwo muhanganye ari we Dawidi. 18 Uhoraho agukoreye ivyo uwu musi, kuko utumviye Uhoraho canke ngo ushitse uburake bwiwe bwose ku Bamaleki. 19 Uhoraho arakugabuye wewe n’Abisirayeli bose mu maboko y’Abafilisitiya, kandi ejo wewe n’abahungu bawe muzoba muri kumwe nanje. Kandi Uhoraho azogabura ingabo z’Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya."
20 Ubwo nyene Sawuli aca agwa hasi yubamye, yuzuye ubwoba kubera amajambo ya Samweli. Inkomezi zirahera, kuko ata co yari yariye uwo musi wose n’ijoro ryose.
21 Wa mugore aje aho Sawuli ari, akabona ko yagize ubwoba bwinshi, aramubwira ati: "Raba, umusavyikazi wawe nakwumviye. Nahevye amagara yanje nkora ivyo wantegetse. 22 None rero umviriza ivyo umusavyikazi wawe mvuga kandi unyemerere ndakuzanire imfungurwa kugira ngo urye, usubizwemwo intege ushobore gutaha."
23 Aranka aravuga ati: "Sindya."
Ariko abantu bari kumwe na we bafatanya n’uwo mugore baramwinginga, maze arabumvira. Ava hasi yicara ku buriri.
24 Wa mugore arihuta afata ishuri ivyibushe, arayibaga ubwo nyene. Afata ifu, arayicumba akoramwo udukate twokeje twacumbanywe amavuta, tutarimwo umwambiro. 25 Nuko abishira imbere ya Sawuli n’abantu biwe, bararya. Muri iryo joro nyene bava hasi baragenda.