1 Muri ico gihe Samweli arapfa, maze Abisirayeli bose bakoranira hamwe baramuririra; bamuhamba i muhira iwe i Rama.
Hanyuma Dawidi aramanuka aja mu bugaragwa bw’i Parani.
2 Umuntu umwe w’i Mayoni, yari afise itongo ngaho i Karumeli, yari atunze cane. Yari afise impene igihumbi n’intama ibihumbi bitatu, akaba yama azimwera ubwoya i Karumeli. 3 Uwo mugabo yitwa Nabali, umugore wiwe na we akitwa Abigayili. Uwo mugore yari umunyabwenge kandi akaba mwiza cane, ariko umugabo wiwe, yakomoka mu muryango wa Kalebu, yari umuntu agoye kandi w’ingeso mbi.
4 Dawidi akiri mu bugaragwa, yumva ko Nabali ariko aramwa intama ubwoya. 5 Nuko arungika abasore cumi arababwira ati: "Nimugende kwa Nabali i Karumeli mumundamukirize. 6 Mumubwire muti: ‘Urakaramba! Ugire amagara meza n’ivyo utunze vyose n’abawe bose! Amagara meza abe ku kintu cose citwa icawe!
7 Numvise ko ari igihe co kumwa intama zawe. None rero, abungere bawe bari kumwe natwe, ntitwigeze tubagirira nabi, kandi igihe cose bamaze i Karumeli nta kintu na kimwe mu vyabo cazimiye. 8 Baza n’abakozi bawe barabikubwira. Nuko rero ugirire neza aba bantu banje, kuko tuje ari ku musi mukuru. Ndakwinginze nuhe abasavyi bawe n’umuhungu wawe Dawidi ico ushobora kubaronkera cose.’ "
9 Ba bantu ba Dawidi bashitse, bashikiriza Nabali bwa butumwa bwa Dawidi, baca bararindira.
10 Nabali yishura ba basore ba Dawidi ati: "Uwo Dawidi ni nde? Mwene Isayi ni nde? Muri iyi misi hari abakozi benshi bahunga ba shebuja. 11 Ni kuki nofata indya zanje n’amazi yanje, n’inyama nabagiye abariko baramwa intama, ngo ndabihe abantu ntazi iyo bavuye?"
12 Ba bantu ba Dawidi barahindukira basubira inyuma. Bashitse, bamushikiriza ivyo babwiwe vyose. 13 Dawidi abwira abantu biwe ati: "Nimwambare inkota zanyu!" Nuko bambara inkota zabo, na Dawidi na we nyene yambara iyiwe. Abagabo bashika nk’amajana ane badugana na Dawidi, amajana abiri na bo basigara barinze ibintu.
14 Umwe mu bakozi abwira Abigayili muka Nabali ati: "Dawidi yarungitse intumwa ziva mu bugaragwa zizaniye indamukanyo databuja, ariko yabakiriye nabi arabatuka. 15 Kandi abo bantu batugiriye neza cane, nta kibi na kimwe bigeze batugirira, kandi igihe cose twari mu misozi hafi y’aho bari nta na kimwe cabuze. 16 Mw’ijoro no ku murango bari nk’uruzitiro rudukikije igihe cose twari turagiye intama hafi yabo. 17 None rero nuvyiyumvire ugire ico ukoze, kuko ivyago bihanamiye databuja n’abo mu rugo rwiwe rwose. Ni umuntu mubi ku buryo ata muntu yomuvugisha."
18 Abigayili ntiyatevye. Afata imikate amajana abiri, imikuza ibiri y’umuvinyu, intama zitanu zateguwe neza, ingero seya zitanu z’ingano zikaranze, n’amahando y’inzabibu zumye ijana n’udukate dukozwe mu nsukoni ziseye, abikorera indogoba. 19 Maze abwira abakozi biwe ati: "Nimunyitangire imbere; nanje ndaza inyuma yanyu." Ariko ntiyabwira umugabo wiwe Nabali.
20 Maze aragenda ari ku ndogoba yiwe ku mpinga y’umusozi, Dawidi n’abantu biwe bariko baramanuka batumbereye iyo ari, hanyuma barahura. 21 Dawidi yari yavuze ati: "Nta co vyamaze kuba narinze neza ibintu vy’uwu mugabo mu bugaragwa kugira ngo ntihagire ikibura. Anyishuye ibibi ku vyiza namukoreye. 22 Imana ize ibimpanire, mbere birushirije, nihashika mu gitondo hagisigaye izina muhungu mu bantu biwe!"
23 Abigayili abonye Dawidi, yururuka ningoga ava ku ndogoba yiwe yunama imbere ya Dawidi, yubamye hasi. 24 Yubama imbere y’ibirenge vyiwe avuga ati: "Nyakwubahwa, amakosa yose naje kuri jewe. Ndakwinginze, unyemerere umusavyikazi wawe mvugane nawe; Niwumvirize ivyo umusavyikazi wawe ngira mvuge. 25 Icompa umwami wanje ntashire umutima ku vyo urya muntu mubi Nabali yavuze. Izina ni ryo muntu, izina ryiwe ni igipfu, kandi ubupfu bujana na we. Ariko jeho, umusavyikazi wawe, sinabonye abantu databuja yari yarungitse."
26 "None rero nyakwubahwa, ko Uhoraho yakurinze ngo ntuvishe amaraso kandi ntiwihore n’amaboko yawe, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho n’ukubaho kwawe nyene, icompa abansi bawe n’abagomba kukugirira nabi bakaba nka Nabali. 27 Kandi iri shikanwa, umusavyikazi wawe nzaniye databuja, rihabwe aba bantu bari inyuma yawe.
28 Harira icaha c’umusavyikazi wawe, kuko Uhoraho azoshimangira ubwami bwa databuja, kuko ugwana intambara z’Uhoraho. Ntihabe igikorwa kibi kiboneka kuri wewe igihe cose ukiriho. 29 Naho hari umuntu aguhiga ngo akwice, ubuzima bwa databuja buzozigamirwa mw’isi y’abazima n’Uhoraho Imana yawe. Ariko ubuzima bw’abansi bawe buzoshiburirwa kure nk’ibuye ritewe n’umugozi. 30 Igihe Uhoraho azoba yakugiriye vya vyiza vyose yagusezeranira kandi niyaba yakugize umurongozi w’Abisirayeli, 31 ntuze ugire ikikwagiriza mu mutima ko wishe umuntu bidakenewe canke ko wihoye. Kandi Uhoraho niyakugirira neza, nyakwubahwa, uze wibuke umusavyikazi wawe."
32 Dawidi abwira Abigayili ati: "Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yakurungitse uwu musi guhura nanje. 33 Uragahezagirwa kuko wiyumviriye neza ukaza kuntangira ngo simvishe amaraso uwu musi kandi ngo sinihore n’amaboko yanje ubwanje. 34 Iyo bitaba uko, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yandinze ngo sindabagirire nabi, iyo utaba waje wihuta aho ndi, nta zina muhungu mu ba Nabali yari gusigara akiriho ejo mu mutwenzi."
35 Maze Dawidi yakira ivyo wa mugore yari azanye vyose aca amubwira ati: "Genda amahoro. Numvise amajambo yawe kandi nkoze ivyo wasavye."
36 Abigayili agiye kwa Nabali, asanga ari mu nzu yateguye amazimano nk’ay’umwami. Yari yaborewe cane atakimenya ico avuga. Nuko ntiyagira ico amubarira gushika bukeye. 37 Maze mu gitondo, Nabali inzoga zamuvuyeko, umugore wiwe amubwira ivyaraye bibaye, aca agwa igihumura umutima wiwe umera nk’ibuye. 38 Haciye nk’imisi cumi, Uhoraho akubita Nabali arapfa.
39 Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga ati: "Uhoraho ahimbazwe, yangwaniye kwa Nabali kuko yari yankengereye. Yarinze umusavyi wayo gukora ikibi maze isubiza ibibi Nabali yakoze ku mutwe wiwe ubwiwe."
Maze Dawidi atuma intumwa kuri Abigayili, amusaba ko yomubera umugore. 40 Abakozi biwe bagenda i Karumeli babwira Abigayili bati: "Dawidi yadutumye ngo tukujane umubere umugore."
41 Maze arunama ashikana umutwe hasi, avuga ati: "Umusavyikazi wawe ndi hano, niteguriye kugukorera no kwoza ibirenge vy’abakozi ba databuja." 42 Abigayili ava hasi ningoga yurira indogoba, aherekejwe n’abaguranokazi biwe batanu, bajana na za ntumwa za Dawidi aca aba umugore wiwe. 43 Dawidi yari yararongoye na Ahinowamu w’i Yezireyeli, bompi bari abagore biwe. 44 Ariko Sawuli yari yaramaze guha umukobwa wiwe Mikali muka Dawidi, umugabo yitwa Palutiyeli mwene Layishi yava i Galimu.