Publicidade

1 Samuel 31

Urupfu rwa Sawuli

1 Maze Abafilisitiya bagwanya Abisirayeli; Abisirayeli barata barahunga, kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa. 2 Abafilisitiya babirukako basugereza Sawuli n’abahungu biwe, bica abahungu biwe Yonatani, Abinadabu na Maluki-Shuwa. 3 Maze Sawuli urugamba rumumerera nabi cane, abanyamiheto baramurasa, arakomereka bikomeye.

4 Sawuli abwira uwari amutwaje ibigwanisho ati: "Sokora inkota yawe unsogote, kugira ngo izo ntakebwa ntizimfate ngo zinsogote, zinyice nabi."

Ariko uwamutwaza ibigwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota yiwe ayisukako. 5 Umwe yamutwaza ibigwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene yisuka ku nkota yiwe bagwa hamwe. 6 Nuko Sawuli n’abahungu biwe batatu n’uwamutwaza ibigwanisho hamwe n’abantu biwe bapfira hamwe bose kuri uwo musi nyene.

7 Abisirayeli bari mu kiyaya n’abari hakurya ya Yorodani babonye ko ingabo z’Abisirayeli zihunze kandi ko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Maze Abafilisitiya baraza babibamwo.

8 Bukeye, Abafilisitiya baja aho urugamba rwabereye kwambura abapfuye ibigwanisho n’ibintu vyabo vy’agaciro, basanga Sawuli n’abahungu biwe batatu baguye ku musozi Gilibowa. 9 Bamuca umutwe, bamwambura n’ibigwanisho vyiwe, baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya ngo bakwize iyo nkuru mu ngoro z’ibigirwamana vyabo no mu bantu. 10 Baca bashira ibigwanisho vyiwe mu ngoro y’imanakazi Ashitaroti, babohera umuvyimba wiwe ku ruhome rw’i Beti-Shani.

11 Maze abantu b’i Yabeshi Gileyadi bumvise ivyo Abafilisitiya bakoreye Sawuli, 12 abagabo bose b’abahizi bagenda ijoro ryose baja i Beti-Shani. Bafata imivyimba ya Sawuli n’abahungu biwe bayikura ku ruhome rw’i Beti-Shani, bayijana i Yabeshi barayiturira. 13 Maze bafata amagufa yabo bayahamba musi y’igiti c’umutamarisi c’i Yabeshi, baca barisonzesha kumara imisi indwi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-