1 Maze Dawidi ariyumvira ati: "Umusi umwe Sawuli azomfata. Icoba ciza ni uko nohungira mu Bafilisitiya. Maze Sawuli azoca aheba kundonderera ahantu na hamwe muri Isirayeli, nanje nzoca ndamukira."
2 Nuko Dawidi na ba bantu amajana atandatu bari kumwe na we baja kwa Akishi mwene Mayoshi, umwami w’i Gati. 3 Dawidi n’abantu biwe baba i Gati hamwe na Akishi. Umugabo wese yari kumwe n’umuryango wiwe, na Dawidi yari kumwe n’abagore biwe babiri: Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili w’i Karumeli yahora ari umugore wa Nabali. 4 Sawuli amaze kumenya ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyongera kumuhiga.
5 Nuko Dawidi abwira Akishi ati: "Ninaba ngiriwe ubuntu mu maso yawe, ndasavye ugire aho umpaye mu bisagara vyo mu gihugu cawe, kugira ngo mbeyo. Mbega ni kuki umusavyi wawe nobana nawe mu gisagara c’ubwami?"
6 Nuko kuri uwo musi Akishi amuha Zikulagi, kandi aho haciye hegukira abami b’i Buyuda kuva ico gihe kugeza n’ubu. 7 Dawidi amara umwaka n’amezi ane mu gihugu c’Abafilisitiya.
8 Nuko Dawidi n’abantu biwe bava ngaho baja kugwanya Abageshuri, Abagiruzi n’Abamaleki. (Kuva kera abo bantu baba hafi y’i Shuri, hegereye ku rubibe rwa Egiputa.) 9 Igihe cose Dawidi yatera ahantu, nta muntu n’umwe yasiga ari muzima, yaba umugabo canke umugore, ariko yaca atwara intama n’inka, indogoba n’ingamiya, n’impuzu. Maze agaca asubira kwa Akishi.
10 Maze Akishi abajije ati: "Mwagiye gutera hehe uwu musi?" Dawidi yaca avuga ati: "Twateye i Negebu h’i Buyuda" canke ati: "Twateye i Negebu h’i Yerahimeyeli" canke ati: "Twateye i Negebu h’Abakayini." 11 Ntiyasigaza umugore canke umugabo yozana ari muzima i Gati, kuko yibaza ati: "Bohava batanga inkuru kuri twebwe bakavuga bati: ‘Ibi ni vyo Dawidi yakoze.’ " Uko ni ko yakora igihe cose yabaye mu gihugu c’i Bufilisitiya. 12 Nuko Akishi yizigira Dawidi, yibwira ati: "Yarigize uwo kwankwa urunuka n’abo mu gihugu ciwe b’Abisirayeli, rero azoba umushumba wanje ibihe vyose."