Publicidade

1 Samuel 9

Samweli arobanuza amavuta Sawuli

1 Hariho Umuntu wo mu muryango wa Benyamini, yari atunze, yitwa Kishi wa Abiyeli, Abiyeli wa Zerori, Zerori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya, Afiya wa Benyamini. 2 Uwo Kishi yari afise umuhungu yitwa Sawuli, yari umuhungu mwiza w’akaranga kurusha Abisirayeli bose, kandi no mu burebure yarabasumba bose.

3 Umusi umwe indogoba za Kishi se wa Sawuli zirazimira, maze Kishi abwira umuhungu wiwe Sawuli ati: "Jana n’umukozi umwe muje kurondera izo ndogoba." 4 Nuko baca mu ntara y’imisozi ya Efurayimu no mu karere kegereye Shalisha, ariko ntibazibona. Barabandanya baca mu ntara y’i Shayalimu, ariko izo ndogoba ntizariyo. Nuko baca mu ntara ya Benyamini, ariko ntibazitora.

5 Bashitse mu karere k’i Zufi, Sawuli abwira wa mukozi bari kumwe ati: "Nuze dusubire inyuma, kuko data yohava areka kwiyumvira indogoba ziwe agatangura guhagarikira umutima twebwe."

6 Ariko wa mukozi amwishura ati: "Raba muri iki gisagara hari umuntu w’Imana; arubashwe rwose, kandi ico avuze cose kiba kuno. Reka tujeyo ubu nyene. Kumbure yotubwira inzira dukwiye kujana."

7 Sawuli abwira uwo mukozi wiwe ati: "Mbega nitwajayo uwo muntu tumugemurira iki? Ehe indya zaheze mu mifuko yacu! Nta co dufise tugemurira uwo muntu w’Imana. Nta co dusigaranye?"

8 Uwo mukozi arongera amubwira ati: "Raba ndafise ica kane ca shekeli y’ifeza. Ndaja kugiha uwo muntu w’Imana kugira ngo aturangire inzira dukwiye kujana." 9 (Kera muri Isirayeli, iyo umuntu agiye gusiguza Imana, yavuga ati: "Ingo, tuje kuraba uwerekwa," kuko uwitwa uwuvugishwa n’Imana uno musi, ico gihe yitwa uwerekwa.)

10 Sawuli abwira umukozi wiwe ati: "Ni vyiza, ingo tugende." Nuko bagenda batumbereye ico gisagara wa muntu w’Imana yabamwo.

11 Bakiduga umusozi baja muri ico gisagara, bahura n’abakobwa bavuyeyo bamanutse kuvoma amazi, barababaza bati: "Mbega uwerekwa yoba ari ho ari?"

12 Barabishura bati: "Ni ho ari. Ari aho imbere yanyu. Nimwihute; ashitse mu gisagara ubu nyene, kuko abantu bateguye gutanga ikimazi hejuru ku musozi. 13 Nimunyaruke mumushikire ataraja ahabera amazimano. Abantu ntibaja gufungura adashitse, kuko ategerezwa kubanza guhezagira ikimazi; mu nyuma yaho abatumiwe baca bafungura. Nimuduge; muca mumubona mu mwanya."

14 Baraduga baja mu gisagara, maze bacinjira, babona Samweli, aza atumbereye aho bari ariko araduga muri ico kibanza kiri hejuru ku musozi.

15 Ariko umusi umwe imbere y’uko Sawuli aza, Uhoraho yari yiyeretse Samweli amubwira ati: 16 "Ejo nk’aya masaha nzokurungikira umuntu avuye mu muryango wa Benyamini. Uze umurobanuze amavuta abe umurongozi w’abantu banje b’Abisirayeli; ni we azorokora abantu banje abakure mu maboko y’Abafilisitiya. Nahindukirije inyonga zanje ku bantu banje, kandi ugutakamba kwabo kwanshikiriye."

17 Samweli akibona Sawuli, Uhoraho aramubwira ati: "Uwo ni wa muntu nakubwira; ni we azorongora abantu banje."

18 Sawuli yegera Samweli mw’irembo ry’igisagara aramubaza ati: "Woshobora kundangira inzu y’umwe yerekwa?"

19 Samweli aramwishura ati: "Ni jewe nyene. Nuduge unyitangire imbere hejuru ku musozi, kuko uno musi uza gusangira nanje, maze mu gitondo nzoca nkubwira ivyo ukeneye kumenya vyose hanyuma nkurekure ugende. 20 Ku vyerekeye za ndogoba mwabura na zo, hakaba haheze imisi itatu, ntuhagarikwe umutima na zo; bazitoye. Kandi, hari uwundi Abisirayeli bahanze amaso atari wewe n’umuryango wawe?"

21 Sawuli aramwishura ati: "Ariko, jewe ndi uwo mu muryango wa Benyamini, umuryango mutoya inyuma y’iyindi muri Isirayeli, mbere n’inzu nkomokamwo ni yo ya nyuma mu nzu zigize umuryango wose wa Benyamini! Ni iki gitumye umbwira iryo jambo?"

22 Nuko Samweli ajana Sawuli n’umukozi wiwe mu nzu abicarika imbere y’abari batumiwe bari nka mirongo itatu. 23 Samweli abwira umutetsi ati: "Nzanira ya nyama naguha, imwe nakubwira ngo uyishire ku ruhande."

24 Nuko wa mutetsi azana ya nyama ayishira imbere ya Sawuli. Samweli aravuga ati: "Ibi ni ivyo twaguteguriye. Fungura, kuko ni wewe vyari vyabikiwe, mbere n’imbere y’uko ntumira aba bandi." Maze Sawuli asangira na Samweli kuri uwo musi.

25 Bamaze kumanuka bava kuri wa musozi baja mu gisagara, Samweli adugana Sawuli mu kibanza co hejuru ku nzu yiwe amutegurira aho arara. 26 Mu mutwenzi baravyuka, maze Samweli ahamagara Sawuli yari akiri muri ca kibanza co hejuru ku nzu, amubwira ati: "Niwitegure, ngomba ndakurungike usubire iwanyu." Sawuli amaze kwitegura, asohokana na Samweli hanze. 27 Bariko baramanuka, bageze aho igisagara kigarukira, Samweli abwira Sawuli ati: "Bwira uwo mukozi wawe atwitangire imbere." Wa mukozi aca akora uko abariwe aragenda. Samweli yongerako ati: "Wewe guma aha akanya gato, kugira ngo nkubwire ubutumwa buvuye ku Mana."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-