1 Abantu b’i Zifu bagenda kwa Sawuli i Gibeya bamubwira bati: "Mbega Dawidi ntiyinyegeje ku musozi w’i Hakila, uhereranye n’i Yeshimoni?"
2 Nuko Sawuli aramanuka aja mu bugaragwa bw’i Zifu, ari kumwe n’ingabo ibihumbi bitatu vy’abahizi b’indobanurwa mu Bisirayeli, agiye guhiga Dawidi. 3 Sawuli ashinga amahema y’ikambi yiwe i ruhande y’inzira iri ku musozi w’i Hakila hahereranye n’i Yeshimoni, ariko Dawidi aguma mu bugaragwa. Yumvise ko Sawuli yamukurikiyeyo, 4 aca arungika abantu kugendereza, kugira ngo amenye ko Sawuli yashitse vy’ukuri.
5 Nuko Dawidi arasoboka aja hamwe Sawuli yari acumbitse. Abona aho Sawuli na Abuneri mwene Neri, umukuru w’ingabo bari, baryamye. Sawuli yari aryamye hagati muri iyo kambi, ingabo zose zimukikije.
6 Nuko Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi mwene Zeruwiya, murumuna wa Yowabu ati: "Ni nde yemera kumanukana nanje aho Sawuli ari mw’ikambi?"
Abishayi aramwishura ati: "Jewe turajana."
7 Nuko Dawidi na Abishayi bagenda aho za ngabo ziri mw’ijoro, babona Sawuli, aryamye asinziriye hagati y’ingabo n’icumu ryiwe rishinze hasi hafi y’umutwe wiwe. Abuneri n’izindi ngabo bari bamukikije.
8 Abishayi abwira Dawidi ati: "Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe. Nyemerera rero ndamucumite rimwe gusa icumu ryanje rice rimufatanya n’isi; sincumita kabiri."
9 Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: "Oya, ntumwice! Ni nde yoramvurira ukuboko ku wo Uhoraho yarobanuje amavuta, ntabeko icaha? 10 Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubwiwe ni we azomwiyicira; canke na ho umusi wiwe uzoshika apfe, canke azoja mu ntambara agweyo. 11 Ariko Uhoraho andinde gukoza ukuboko ku muntu yarobanuje amavuta. Ubu genda utore rirya cumu n’umukuza w’amazi biri ku mutwe wiwe, tugende."
12 Nuko Dawidi atwara rya cumu na wa mukuza w’amazi vyari ku mutwe wa Sawuli, baca barigira. Bose bari basinziriye, kuko Uhoraho yari yabasinzirije ubutikoma.
13 Maze Dawidi arajabuka aja hakurya ahagarara ku gatwe k’umusozi uri hirya y’aho bacumbitse; mugabo atari hafi. 14 Ahamagara ingabo na Abuneri mwene Neri ati: "Mbega Abuneri, ko utanyishura?"
Abuneri arishura ati: "Uri nde uvyura umwami?"
15 Dawidi aramwishura ati: "Wewe nzi ko uri umugabo, si ko none? Kandi ni nde muri Isirayeli ahambaye nkawe? None ni iki catumye udateramira shobuja umwami igihe umuntu yaza kumwica. 16 Ivyo wakoze si vyiza. Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho wewe n’ingabo muri kumwe mukwiye gupfa, kuko mutateramiye shobuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta. Raba hose! Icumu n’umukuza w’amazi vy’umwami vyari i ruhande y’umutwe wiwe biri hehe?"
17 Sawuli amenya ijwi rya Dawidi aravuga ati: "Ni wewe ga mwana wanje Dawidi?"
Dawidi aramwishura ati: "Egome ni jewe databuja, mwami." 18 Arongerako ati: "Ni kuki databuja umwami ahiga jewe umusavyi wiwe? Ni igiki nakoze kibi, nagirizwa iki? 19 None rero niwumvirize amajambo y’umusavyi wawe. Nimba Uhoraho ari we yakundekuriyeko, niyemere ndamuhe ikimazi. Ariko nibaba ari abantu, nibavumwe imbere y’Uhoraho! Kuko bankuye mu mugabane wanje mu vyo Uhoraho yaturaze bakavuga ngo: ‘Genda ukorere izindi mana.’ 20 Nuko ntureke ngo amaraso yanje asesekere kure y’inyonga z’Uhoraho. Umwami w’Abisirayeli yasohokanywe no guhiga jewe imbaragasa nk’uko umuntu ahiga inkware mu misozi?"
21 Maze Sawuli aravuga ati: "Nacumuye. Garuka, Dawidi mwana wanje. Kuko wahaye agaciro ubuzima bwanje uwu musi, sinzosubira kurondera kukugirira nabi. Ni ivy’ukuri, nakoze nk’igipfu, kandi nihenze cane."
22 Dawidi aramwishura ati: "Ng’iri icumu ry’umwami. Tuma umwe mu basore bawe aze kuritora. 23 Uhoraho agerera umuntu wese ibihwanye n’ubugororotsi bwiwe n’ubwizigirwa bwiwe. Uhoraho yakugabuye mu maboko yanje uwu musi, ariko sinokoza ukuboko ku wo Uhoraho yarobanuje amavuta. 24 Nk’uko nahaye ubuzima bwawe agaciro, abe ari ko Uhoraho aha agaciro ubuzima bwanje ankize amagorwa yose."
25 Nuko Sawuli abwira Dawidi ati: "Uragahezagirwa, mwana wanje Dawidi; uzokora ibihambaye kandi ni ukuri uzonesha."
Nuko Dawidi arigira, Sawuli na we asubira iwe.