Publicidade

1 Samuel 23

Dawidi atabara igisagara c’i Keyila

1 Umusi umwe inkuru iragenda ishikira Dawidi ko Abafilisitiya bariko baratera i Keyila kandi bariko baranyaga ingano bazikura ku mbuga aho zisekurirwa. 2 Dawidi aca asiguza Uhoraho ati: "Ngende gutera abo Bafilisitiya?"

Uhoraho aramwishura ati: "Egome, genda, utere Abafilisitiya utabare Keyila."

3 Ariko abantu ba Dawidi baramubwira bati: "Na hano turi i Buyuda turi n’ubwoba, none twokwubahuka tukaja kugwanira Keyila, tukihanga ingabo zose z’Abafilisitiya?"

4 Dawidi yongera gusiguza Uhoraho, Uhoraho aramwishura ati: "Manuka i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe." 5 Nuko Dawidi n’abantu biwe baja i Keyila, bagwanya Abafilisitiya babanyaga ibitungwa vyabo vyose. Atsinda Abafilisitiya bahaburira ibintu vyinshi cane kandi yongera akiza abantu baho. 6 (Abiyatari mwene Ahimeleki igihe yahungira iyo Dawidi ari i Keyila, yahunganye efodi.)

Sawuli ahiga Dawidi

7 Mu nyuma, babwira Sawuli ko Dawidi yagiye i Keyila, na we aca aravuga ati: "Imana iramugabuye mu maboko yanje, kuko Dawidi yiyugaraniye mw’ibohero mu kwinjira igisagara gifise inzugi n’ibihindizo." 8 Maze Sawuli atumako ingabo ziwe zose ngo baje mu ntambara, ngo bamanuke bose i Keyila bafate Dawidi n’abantu biwe.

9 Dawidi amenye iyo nteguro ya Sawuli, aca abwira Abiyatari umuherezi ati: "Zana ya efodi." 10 Dawidi aravuga ati: "Yewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, umusavyi wawe numvise ko Sawuli yateguye kuza i Keyila gusambura igisagara kubera jewe. 11 Mbega abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe? Mbega Sawuli azomanuka, nk’uko navyumvise? Yewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, mbwira jewe umusavyi wawe."

Maze Uhoraho aravuga ati: "Azomanuka."

12 Dawidi yongera kubaza ati: "Mbega abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko ya Sawuli?"

Uhoraho aravuga ati: "Bazogutanga."

13 Nuko Dawidi n’abantu bari kumwe na we, bakaba bari nk’amajana atandatu, bava i Keyila bagenda bacumbika mu bibanza bitandukanye. Sawuli amaze kubwirwa ko Dawidi yahunze akava i Keyila, ntiyaba akijayo.

14 Dawidi aguma yinyegeje mu bugaragwa no mu misozi yo mu bugaragwa bw’i Zifu, Sawuli akaguma amuhiga umusi ku wundi, ariko Imana ntiyagabura Dawidi mu maboko yiwe.

15 Igihe Dawidi yari i Horeshi mu bugaragwa bw’i Zifu, yumva ko Sawuli aje kumwica. 16 Maze Yonatani mwene Sawuli aja kwa Dawidi i Horeshi ajanywe no kumuremesha ngo akomere mu kwizera Imana. 17 Aramubwira ati: "Ntutinye. Data Sawuli ntazogukorako. Uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba icegera cawe. Kandi na data Sawuli arabizi." 18 Bompi bagira isezerano imbere y’Uhoraho. Maze Yonatani arataha, ariko Dawidi aguma i Horeshi.

19 Abantu b’i Zifu baraduga kwa Sawuli i Gibeya bamubwira bati: "Mbega Dawidi ntiyinyegeje i Horeshi, ku musozi w’i Hakila, mu bumanuko bwa Yeshimoni? 20 None rero, mwami, manuka igihe cose uzobishakira, natwe tuzomutanga mu maboko yawe."

21 Sawuli arabishura ati: "Uhoraho abahezagire kuko mumbabaye. 22 Genda mutohoze neza. Mumenye aho Dawidi akunda kuja, n’umuntu yoba yaramubonyeyo. Kuko ndazi ko ari umunyabwenge. 23 Mumenye aho akunda kubunda hanyuma muze mumpe inkuru y’imvaho. Maze nzojana namwe; niyaba ari muri ako karere, nzomuhiga hose no mu nzu zose zo mu muryango wa Yuda."

24 Nuko barasohoka bitangira imbere ya Sawuli. Dawidi n’abantu biwe bari mu bugaragwa bw’i Mayoni, muri Araba mu bumanuko bwa Yeshimoni. 25 Sawuli n’abantu biwe batangura kubaririkiza, maze babibwiye Dawidi, aca amanuka ku gitandara aguma mu bugaragwa bw’i Mayoni. Sawuli avyumvise, aja mu bugaragwa bw’i Mayoni ahiga Dawidi.

26 Sawuli yariko aca mu mbavu z’umusozi, Dawidi na we n’abantu biwe bari ku rundi ruhande, bihuta ngo basige Sawuli. Kandi Sawuli n’ingabo zari kumwe na we begereje gufata Dawidi n’abari kumwe na we, 27 intumwa iza kuri Sawuli imubwira iti: "Nimunyaruke ningoga! Abafilisitiya barateye igihugu." 28 Maze Sawuli aca areka gukurikira Dawidi aja kugwanya Abafilisitiya. Ni co catumye aho hantu hitwa Sela Hamahilekoti risigura "igitandara co gutandukana". 29 Nuko Dawidi aca araduga ava aho aja kwinyegeza i Eni-Gedi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-