1 Umusi umwe Yonatani mwene Sawuli abwira umuhungu yamutwaza ibigwanisho ati: "Ingo, tuje ku kirindiro c’Abafilisitiya hariya hakurya." Ariko ntiyabibwira se wiwe.
2 Sawuli yari ku rubibe rw’i Gibeya yicaye musi y’igiti c’amakomamanga kiri i Miguroni. Yari kumwe n’abasoda amajana atandatu, 3 muri bo harimwo Ahiya, yari yambaye Efodi. Ahiya yari mwene Ahitubu yavukana na Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho w’i Shilo. Mu basoda, nta n’umwe yigeze amenya ko Yonatani yagiye.
4 Mu kuja kuri ico kirindiro c’Abafilisitiya, Yonatani yari yaciye mu nzira iri hagati y’ibitandara bibiri, kimwe citwa Bozezi, ikindi Senehi. 5 Kimwe cari mu buraruko werekeye i Mikimashi, ikindi mu bumanuko werekeye i Gibeya.
6 Yonatani abwira wa musore amutwaza ibigwanisho ati: "Ingo tujabuke hakurya kuri kirya kirindiro ca zirya ntakebwa. Kumbure Uhoraho yogira ico adukoreye. Nta cobuza Uhoraho gukiza abantu, akoresheje benshi canke akoresheje bake."
7 Uwo amutwaza ibigwanisho aramubwira ati: "Kora ico wumva kibereye, nanje ndi kumwe nawe muri vyose."
8 Yonatani aravuga ati: "Ingo rero tujabuke dutumbereye barya bagabo kandi tugende batubona. 9 Nibatubwira bati: ‘Rindira tubasange aho mugeze,’ duca tuguma aho tugeze, ntitubasangayo. 10 Ariko nibatubwira bati: ‘Nimuduge mudusange ino,’ duca tuduga, kuko kizoba ari ikimenyetso ko Uhoraho abagabuye mu maboko yacu."
11 Nuko bompi bagenda abari ku kirindiro c’Abafilisitiya bababona. Abafilisitiya baravuga bati: "Ehe Abaheburayo bariko baranyeguruka bava mu myobo bari binyegejemwo." 12 Ba bantu bari kuri ico kirindiro barasemerera babwira Yonatani n’uwari amutwaje ibigwanisho bati: "Nimuduge hano tubereke!"
Nuko Yonatani abwira umwe amutwaje ibigwanisho ati: "Nkurikira tuduge; Uhoraho abagabuye mu maboko y’Abisirayeli."
13 Yonatani aduga aharamba n’amaboko n’amaguru, umwe amutwaje ibigwanisho amukurikiye. Yonatani agenda atera Abafilisitiya bagwa imbere yiwe, umwe amutwaje ibigwanisho na we akagenda arabahohosha. 14 Muri ico gitero ca mbere Yonatani n’uwari amutwaje ibigwanisho bica abagabo mirongo ibiri, imivyimba yabo yandagara ahantu hangana n’ahorimwa n’inka zibiri ku musi.
15 Maze ubwoba bufata ingabo zose z’Abafilisitiya: abasigaye aho bacumbitse, abari mu mirima, abari ku birindiro hamwe n’imice yagiye gutera yose. Isi iranyiganyiga, haba ubwoba bukomeye burungitswe n’Imana.
16 Abareretsi ba Sawuli bari i Gibeya mu ntara ya Benyamini babona ingabo z’Abafilisitiya ziruka zishwiragira impande zose. 17 Nuko Sawuli abwira abari kumwe na we ati: "Koranya ingabo zose turabe uwatuvuyemwo." Baravye, basanga Yonatani n’uwumutwaza ibigwanisho ni bo bari babuze.
18 Sawuli abwira Ahiya ati: "Zana Isandugu y’Imana." (Muri ico gihe yari ifiswe n’Abisirayeli.) 19 Sawuli akivugana n’umuherezi, urwamo rurushaho kuba rwinshi mu ngabo z’Abafilisitiya. Nuko Sawuli abwira wa muherezi Ahiya ati: "Isigireho kwinginga Uhoraho."
20 Nuko Sawuli n’ingabo zari kumwe na we barakorana baja kugwana. Basanga Abafilisitiya bari mu muvurungano ukomeye, umwe wese acumita inkota mugenziwe. 21 Mbere n’Abaheburayo bari bagiye kwishikana ku Bafilisitiya kandi bari kumwe na bo aho bacumbitse barahindukira baja ku ruhande rw’Abisirayeli bari kumwe na Sawuli na Yonatani. 22 Abisirayeli bari binyegeje mu karere k’imisozi k’Abefurayimu bumvise ko Abafilisitiya bariko barahunga, babaja inyuma barabagwanya. 23 Nuko kuri uwo musi, Uhoraho atabara Abisirayeli, kandi urugamba rurabandanya gushika barenze i Beti-Aveni.
24 Kuri uwo musi Abisirayeli bari bacitse intege kubera kuruha, kuko Sawuli yari yarahije abantu ati: "Aravumwe umuntu aza kugira ico arya butarira, ntarihora abansi banje!" Rero nta muntu n’umwe mu bari ku rugamba yigeze agira ico ashira ku munwa.
25 Ingabo zose zirenguka ahantu hari ishamba, zisanga hatemba ubuki. 26 Binjiye mw’ishamba, babona ubuki buriko buratemba, kandi ata n’umwe yigeze abukorako ngo ashire ku munwa, kuko batinya ya ndahiro. 27 Ariko Yonatani we ntiyari yumvise ko se yarahije abantu, aca ashira inkoni yari yitwaje mu kimamara c’ubuki. Araheza aratamira, intege ziragaruka. 28 Umwe mu bakuru b’ingabo aramubwira ati: "So yarahije ingabo zose ngo: ‘Aravumwe umuntu wese aza kugira ico ariye uwu musi!’ Ni co gituma abantu bacitse intege."
29 Yonatani aravuga ati: "Data yateye amakuba mu gihugu. Raba ingene intege zigarutse maze kurigata kuri ubu buki. 30 Mbega ntivyari kuba vyiza kurushiriza iyo abantu baba bariye ku vyo banyaze abansi babo? Kandi tuba twarushirijeho kunesha Abafilisitiya."
31 Kuri uwo musi, Abisirayeli bamaze kunesha Abafilisitiya kuva i Mikimashi gushika i Ayaloni, bagera aho bacika intege kubera kuruha. 32 Nuko basimbira ku vyo basahuye, bafata intama, amashuri n’inyana z’inka, babibagira aho nyene bari, baca babirya bikirimwo amaraso. 33 Umuntu umwe abwira Sawuli ati: "Ehe raba abantu bariko baracumura k’Uhoraho kuko bariko bararya inyama zikirimwo amaraso."
Sawuli aravuga ati: "Mwahemutse! Nimunyarukane ibuye rinini hano ubu nyene." 34 Nuko aravuga ati: "Nimugende murondere abantu mubabwire umuntu wese azane hano inka yiwe canke intama yiwe, babibagire kandi babirire hano. Nimureke gucumura k’Uhoraho mu kurya inyama zikirimwo amaraso."
Nuko umuntu wese azana ishuri yiwe muri iryo joro ayibagira ngaho. 35 Maze Sawuli yubakira Uhoraho igicaniro; kandi bwari ubwa mbere akora atyo.
36 Sawuli aravuga ati: "Nimuze tumanuke dukurikire Abafilisitiya mw’ijoro tubanyage ivyabo gushika mu mutwenzi, kandi ntidusigaze n’umwe ari muzima."
Na bo barishura bati: "Nukore ivyo ubona ko ari vyiza."
Ariko umuherezi aravuga ati: "Reka dusigurize Imana ngaha nyene."
37 Nuko Sawuli abaza Uhoraho ati: "Mbega manuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli?" Ariko Imana ntiyamwishura kuri uwo musi.
38 Nuko Sawuli aravuga ati: "Nimuze hano mwebwe mwese murongoye abasoda, kugira ngo tugire ubupfindo tumenye icaha cakozwe uwu musi. 39 Kandi ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho atabara Abisirayeli, naho yoba ari umwana wanje Yonatani, ategerezwa gupfa." Ariko nta n’umwe mu bantu yagize ico avuga.
40 Nuko Sawuli abwira Abisirayeli bose ati: "Nimuhagarare harya; nanje n’umuhungu wanje Yonatani duhagarare hano."
Abantu barishura bati: "Nukore ikiguhimbaye cose."
41 Nuko Sawuli asenga Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ati: "Ni igiki catumye utanyishura jewe umusavyi wawe uno musi? Nimba vyavuye ku caha nakoze canke umuhungu wanje Yonatani yakoze, ndakwinginze wishure na Urimu, ariko nimba vyavuye ku caha c’abasoda ba Isirayeli, ndakwinginze wishure na Tumimu." Maze Yonatani na Sawuli baba ari bo bafatwa n’ubupfindo, abasoda bo barera. 42 Sawuli aravuga ati: "Mugire ubupfindo hagati yanje na Yonatani umuhungu wanje." Maze Yonatani aba ari we afatwa.
43 Maze Sawuli abwira Yonatani ati: "Mbwira ico wakoze."
Yonatani aramubwira ati: "Narigase ubuki bukeya ndabuhakuje inkoni yanje. None ntegerezwa gupfa!"
44 Sawuli aravuga ati: "Imana ize ibimpore mbere birushirije, nutapfa, Yonatani."
45 Ariko abasoda baravuga bati: "Mbega Yonatani yopfa ari we yazanye ugutabarwa kungana gutya mu Bisirayeli? Ntibikabe! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nta n’agashatsi ko ku mutwe wiwe kaza gukorokera hasi, kuko yakoze ivyo uno musi afashijwe n’Imana." Nuko abantu bakiza Yonatani batyo, maze ntiyicwa.
46 Nuko Sawuli areka gukurikira Abafilisitiya, na bo basubira mu gihugu cabo.
47 Kuva Sawuli ahawe kuganza Abisirayeli, yagwanye n’abansi b’impande zose: Abanyamowabu, Abamoni, Abanyedomu, abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya. Kandi aho yaja kugwana hose, yama atahukana intsinzi. 48 Yagwananye ubuhizi anesha Abamaleki, akura Abisirayeli mu maboko y’abari barabanyaze ivyabo.
49 Bene Sawuli bari Yonatani, Ishuvi na Maluki-Shuwa. Umukobwa wiwe mukuru yitwa Merabi, mutoya na we yitwa Mikali. 50 Umugore wiwe yitwa Ahinowamu umukobwa wa Ahimazi. Umukuru w’ingabo za Sawuli yitwa Abuneri mwene Neri, Neri na we yari sewabo wa Sawuli. 51 Kishi se wa Sawuli na Neri se wa Abuneri bari bene Abiyeli.
52 Imyaka yose Sawuli yamaze ku ngoma yari iy’intambara zikomeye yagwanye n’Abafilisitiya, kandi igihe cose Sawuli yabona umuntu w’intwari canke w’umuhizi, yaca amushira mu ngabo ziwe.