1 Hanyuma Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo kugira ngo bagwane, bakoranira i Soko mu Buyuda, bacumbika i Efesi-Damimu, hagati y’i Soko n’i Azeka. 2 Sawuli n’Abisirayeli na bo barakorana bacumbika mu kiyaya ca Ela, batonda urugamba ngo bagwanye Abafilisitiya. 3 Nuko Abafilisitiya bahagarara ku musozi umwe, Abisirayeli na bo bahagarara ku wundi, hagati yabo hakaba ikiyaya.
4 Maze haza umuhizi mu ntambara yitwa Goliyati, Umufilisitiya yaturuka i Gati, asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya. Yari afise nk’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’uburebure. 5 Ku mutwe yari yambaye inkofero icuzwe mu muringa, mu gikiriza na ho yari yambaye icuma co kumukingira gifise ibigaragamba gicuzwe mu muringa nyene gipima shekeli ibihumbi bitanu. 6 Ku maguru yari yambaye ivyuma vyo kuyakingira bicuzwe mu muringa, yitwaje n’icumu ricuzwe mu muringa ku bitugu. 7 Icumu ryiwe ryari rikwikiye mu giti kingana n’ico kujishirako impuzu, icuma caryo na co kigapima shekeli amajana atandatu. Uwamutwaza inkinzo yamugendera imbere.
8 Nuko Goliyati arahagarara, arasemerera abwira ingabo z’Abisirayeli ati: "Ni kuki mutonze urugamba? Jewe ndi umuhizi w’Umufilisitiya, namwe muri abagurano ba Sawuli? Nimuhitemwo umuntu umwe muri mwebwe amanuke aze duhure tugwane. 9 Niyashobora kungwanya akanyica, tuzoca tuba abagurano banyu; ariko ninamunesha nkamwica, muzoca muba abagurano bacu mudukorere." 10 Nuko uwo Mufilisitiya arongera aravuga ati: "Uwu musi ingabo zose za Isirayeli ndazihaye ikibazo! Nimumpe umuntu aze tugwane." 11 Uko bumvise amajambo y’uwo Mufilisitiya kwose, Sawuli n’Abisirayeli bose baca bacika ivutu bakagira ubwoba bwinshi.
12 Dawidi, yari umwe mu bahungu b’umuntu wo mu ntara ya Efurata yitwa Isayi, yaba i Betelehemu mu Buyuda. Isayi yari afise abahungu umunani, kandi mu gihe ca Sawuli we yari ashaje cane. 13 Abahungu ba Isayi batatu bakuru bari bajanye na Sawuli ku rugamba: imfura yitwa Eliyabu, uwa kabiri Abinadabu, n’uwa gatatu Shama. 14 Dawidi ni we yari umuhererezi. Abo batatu bakuru bari bajanye na Sawuli ku rugamba, 15 ariko Dawidi we yaja aragenda yongera agaruka, akava kwa Sawuli akaja kuragira intama za se i Betelehemu.
16 Nuko uwo Mufilisitiya amara imisi mirongo ine, asokoroka igitondo n’umugoroba agahagarara imbere y’ingabo z’Abisirayeli.
17 Umusi umwe, Isayi abwira umuhungu wiwe Dawidi ati: "Akira iyi ngero efa y’ingano zikaranze n’iyi mikate icumi ubishire bakuru bawe iyo bari ku rugamba kandi wihute. 18 Utware n’izo foromaji icumi uzishire umukuru w’ingabo abarongoye. Urabe uko bakuru bawe bamerewe, hanyuma unzanire inkuru y’ingene bameze. 19 Bakuru ba Dawidi bari kumwe na Sawuli hamwe n’abagabo b’Abisirayeli bose mu kiyaya Ela, bagwana n’Abafilisitiya."
20 Mu gatondo ka kare Dawidi asigarana uwundi mwungere imikuku, atekera vya bintu aragenda, nk’uko se Isayi yamubwiye. Nuko ashika aho bacumbitse mu gihe ingabo zariko ziratonda urugamba, bavuza akamo k’intambara. 21 Abisirayeli n’Abafilisitiya bariko baregerana bashaka kurumana ngo bagwane. 22 Dawidi asigarana bimwe yajanye umurinzi w’ibikoresho, yiruka ku rugamba kuramutsa bakuru biwe no kubabaza amakuru yabo. 23 Akiriko araganira na bo, Goliyati, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati, yigira imbere ava aho abandi batonze urugamba bari, asubira gusemerera n’agakengerwe kenshi nk’uko yari asanzwe amenyereye kubikora. Maze Dawidi aravyumva. 24 Abisirayeli babonye uwo mugabo, bose baca barahunga kubera kumutinya.
25 Abisirayeli baguma bavugana ngo: "Murabona kirya kigabo ingene kiguma kiza? Kizanwa no gucokora Isirayeli. Umwami yaravuze ko yoha impera nini umuntu yomwica. Ngo yomuha umwe mu bakobwa biwe kandi inzu ya se ntiyosubira gutanga ikori mu miryango yose ya Isirayeli."
26 Dawidi abaza abari bamwegereye ati: "Uwokwica uwo Mufilisitiya agakura agakengerwe ku Bisirayeli yokorerwa iki? Iyo ntakebwa y’Umufilisitiya yibaza ko ari iki, aho yubahuka gucokora ingabo z’Imana Nzima?"
27 Bamusubiriramwo vya bindi bamye bavuga bati: "Ivyo ni vyo umuntu yomwica yokorerwa."
28 Maze Eliyabu, mukuru wa Dawidi, yumva ariko aravugana na ba bantu, aca arashavura cane, amubaza ati: "Ni igiki cakuzanye hano? Ni nde wasigaranye twa dutama mu bugaragwa? Ndazi ukwishira hejuru kwawe n’ububi bwo mu mutima wawe; nta kindi cakuzanye atari ukuraba intambara."
29 Dawidi aramwishura ati: "None jewe ngize iki? None no kuvuga simvuge?" 30 Aca arimuka aja ku wundi muntu yongera kubaza ico kibazo nyene, bamwishura kwa kundi nyene. 31 Ivyo Dawidi yavuze bikwira hose bishikira na Sawuli, na we aca amutumako.
32 Dawidi abwira Sawuli ati: "Ntihagire umuntu asubira kuranduka umutima kubera uwo Mufilisitiya; jewe umusavyi wawe ngira nje kumugwanya."
33 Sawuli aramwishura ati: "Ntushobora kuja kugwana n’urya Mufilisitiya; kuko uracari muto, ariko we yatanguye kugwana kuva kera akiri muto."
34 Ariko Dawidi yishura Sawuli ati: "Jewe umusavyi wawe nsanzwe ndagira intama za data. Iyo intambwe canke idubu ije kwiba intama yo mu mukuku, 35 nca ndayikurikira, nkayigwanya, nkayiyikura mu kanwa. Yampindukirira, nkayifata mw’izosi nkayigwanya nkayica. 36 Jewe umusavyi wawe ko nishe intambwe n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebwa araba nka kimwe muri ivyo, kuko yacokoye ingabo z’Imana nzima. 37 Uhoraho yantabaye akankura mu vyara vy’intambwe n’idubu arankura no mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya."
Sawuli abwira Dawidi ati: "Genda, Uhoraho abane nawe."
38 Nuko Sawuli yambika Dawidi umwambaro wiwe. Amwambika n’ibigwanisho vyiwe, amuha n’inkofero yiwe y’umuringa yo kwambara ku mutwe. 39 Maze Dawidi ahagatira inkota ya Sawuli hejuru ya wa mwambaro, agerageza gutambuka biranka kuko atari abimenyereye.
Maze abwira Sawuli ati: "Sinshobora kugenda nambaye ibi bintu kuko sindabimenyereye." Nuko arabikura. 40 Aca afata inkoni yiwe mu minwe, atora amabuye atanu yiburungushuye ku mugezi, ayashira mu gasaho kiwe k’abungere, ajana n’umugozi wiwe mu minwe, aca agenda atumbereye wa Mufilisitiya.
41 Goliyati wa Mufilisitiya na we aza guhura na Dawidi, umwe amutwaje inkinzo agendera imbere yiwe. 42 Aravye Dawidi akiri kure aramukengera, kuko yari akiri umuhungu muto cane, afise amagara meza kandi w’akaranga. 43 Abwira Dawidi ati: "Mbega mbaye imbwa, aho uza kungwanya witwaje inkoni?" Nuko wa Mufilisitiya atuka Dawidi mu mazina y’imana ziwe. 44 Aravuga ati: "Nuze hano, ndakubagire ibisiga n’ibikoko vyo mw’ishamba!"
45 Dawidi na we abwira wa Mufilisitiya ati: "Uje kungwanya witwaje inkota n’icumu n’ikimito, ariko jeho nje kukugwanya mw’izina ry’Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye. 46 Uwu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje, ngira ndakwice ndaguce umutwe. Uwu musi imivyimba y’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi isi yose izomenya ko mu Bisirayeli hari Imana. 47 Kandi abakoraniye hano bose baramenya ko Uhoraho adakirisha inkota canke icumu; kuko intambara ari iy’Uhoraho, arabagabura mu maboko yacu."
48 Wa Mufilisitiya aramwegera ngo amugwanye, Dawidi na we yiruka aja iyo ari ngo bahure. 49 Akora muri ka gasaho atoramwo ibuye rimwe, arishira muri wa mugozi, arawuzungagiza, aritera wa Mufilisitiya mu ruhanga. Rya buye ryinjira mu gahanga kiwe, aca agwa hasi yubamye.
50 Nuko Dawidi anesha wa Mufilisitiya akoresheje umugozi n’ibuye rimwe; amutsinda hasi ata nkota afise, aramwica.
51 Dawidi ariruka amuhagarara hejuru. Afata ya nkota ya wa Mufilisitiya ayikura mu rwubati. Amaze kumwica, amuca umutwe na ya nkota yiwe.
Abafilisitiya babonye ko umuhizi wabo apfuye, barahindukira barahunga. 52 Nuko ingabo z’Abisirayeli n’Abayuda biha akamo bakurikira Abafilisitiya gushika kw’irembo ry’i Gati n’amarembo y’i Ekuroni. 53 Abisirayeli bavuye gukinagiza Abafilisitiya, basahura ibintu aho bari bacumbitse.
54 Dawidi atwara umutwe wa wa Mufilisitiya awujana i Yerusalemu, ashira ibigwanisho vya wa Mufilisitiya mw’ihema ryiwe.
55 Igihe Sawuli yabona Dawidi agiye guhura na Goliyati, yabajije Abuneri, umukuru w’ingabo, ati: "Mbega Abuneri, uwo muhungu ni mwene nde?"
Abuneri aramwishura ati: "Ndahiye wewe nyene, mwami, sindamuzi."
56 Umwami aravuga ati: "Gerageza umenye se w’uwo muhungu."
57 Dawidi avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri amujana kwa Sawuli, agifise umutwe wa Goliyati mu ntoke.
58 Sawuli aramubaza ati: "Muhungu, uri mwene nde?"
Dawidi aramwishura ati: "Ndi umuhungu w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu."