Publicidade

1 Samuel 15

Uhoraho yanka ko Sawuli ashishikara kuba umwami

1 Umusi umwe, Samweli abwira Sawuli ati: "Ni jewe Uhoraho yatumye kukurobanuza amavuta ngo ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli; niwumve rero ijambo ngiye kukubwira rivuye k’Uhoraho. 2 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngomba guhana Abamaleki kubera ivyo bakoreye Abisirayeli igihe babategera mu nzira bavuye muri Egiputa. 3 Nuko rero genda utere Abamaleki kandi urandure ikintu cose. Ntihagire ico usigaza; wice abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’intama, ingamiya n’indogoba.’ "

4 Nuko Sawuli atumako abagize ingabo bose, abakoraniriza i Telayimu, bose hamwe bari abasoda ibihumbi amajana abiri bavuye mu miryango ya Isirayeli hamwe n’ibihumbi cumi bavuye mu muryango wa Yuda wonyene. 5 Nuko Sawuli ajana n’ingabo ziwe gutera igisagara c’Abamaleki, binyegeza mu mwonga kugira ngo babatere giturumbuka. 6 Maze abwira Abakayini ati: "Mwebwe nimwitandukanye n’Abamaleki kugira ngo ntimuranduranwe na bo; kuko mwagiriye neza Abisirayeli igihe bava muri Egiputa." Nuko Abakayini bitandukanya n’Abamaleki.

7 Hanyuma Sawuli atera Abamaleki kuva i Havila gushika i Shuri, mu buseruko bwa Egiputa. 8 Afata Agagi umwami w’Abamaleki, abantu biwe bose abaranduza inkota. 9 Ariko Sawuli n’ingabo ziwe basigaza Agagi n’ibitungwa vyizavyiza vyo mu ntama n’inka, inyana zivyibushe n’imyagazi y’intama, eka ibintu vyose vyiza, ibikengeretse n’ibinyantegenke vyose baba ari vyo barandura.

10 Maze Uhoraho abwira Samweli ati: 11 "Ndicujije icatumye nimika Sawuli ngo abe umwami, kuko yanteye ibitugu ntakurikize ivyo namutegetse." Samweli arababara cane, atakambira Uhoraho iryo joro ryose.

12 Mu gitondo ca kare Samweli aravyuka aja kubonana na Sawuli, ariko baramubwira bati: "Sawuli yagiye i Karumeli gushinga icibutso ciwe co kumuhesha icubahiro hanyuma aca aramanuka aja i Gilugali."

13 Samweli amushikiriye, Sawuli amubwira ati: "Uhoraho aguhezagire! Ivyo Uhoraho yantegetse gukora vyose, nabikoze."

14 Samweli aramwishura ati: "None ko numva ukwabira kw’intama n’inka mu matwi yanje?"

15 Sawuli aramwishura ati: "Ni intama n’inka nziza kurusha izindi abasoda basigaje barabizana babikuye mu Bamaleki kugira ngo babishikanire Uhoraho Imana yawe, ariko ibindi vyose twarabiranduye turabimara."

16 Samweli abwira Sawuli ati: "Geza aho! Nyumviriza nkubwire ico Uhoraho yaraye ambwiye muri iri joro rikeye."

Sawuli aramwishura ati: "Mbwira."

17 Samweli amubwira ati: "Naho wewe nyene wari wariravye ukikengera, mbega ntiwabaye umurongozi w’imiryango yose y’Abisirayeli? Uhoraho yarakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’Abisirayeli. 18 Kandi yaragutumye, arakubwira ati: ‘Genda urandure abo bantu babi b’Abamaleki, ubagwanye gushika ubamaze bose.’ 19 None ni iki catumye utumvira Uhoraho? Ni kuki wagurukiye ku vyanyazwe ugakora ikintu kibi nk’ico mu nyonga z’Uhoraho?"

20 Ariko Sawuli ashishikara avuga ati: "Narakoze igikorwa Uhoraho yantumye. Naranduye Abamaleki bose, mfata n’umwami wabo Agagi ndamuzana. 21 Abasoda ni bo bafashe intama n’inka mu vyanyazwe, ivyo babonye ko ari vyiza kurusha ibindi kugira ngo babishikanire Uhoraho Imana yawe kw’ibimazi i Gilugali."

22 Ariko Samweli aramwishura ati:

"Mbega Uhoraho ahimbarwa n’amashikanwa atongozwa umuriro n’ibimazi

kuruta kumwumvira no gukora ico yategetse?

Nyumviriza! Kwumvira Uhoraho biruta ibimazi, kandi

kwumvira ico yavuze biruta amapfizi y’intama anuze.

23 Kuko kugarariza ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu,

kandi ukutumvira, ni co kimwe n’ugusenga ibigirwamana.

Ko wanse kwumvira ijambo ry’Uhoraho,

na we yanse ko ubandanya uri umwami."

24 Nuko Sawuli abwira Samweli ati: "Ni vyo, nacumuye. Nanse kwumvira ivyo Uhoraho yantegetse n’ivyo yanyihanikirije. Natinye abantu nca ndabemerera gukora ivyo bashaka. 25 None rero, ndakwinginze, mparira icaha canje, hanyuma uze dusubirane inyuma, kugira ngo nje gusenga Uhoraho."

26 Ariko Samweli aramubwira ati: "Sinsubirana inyuma nawe. Wanse kwumvira ijambo ry’Uhoraho, na we yanse ko uba umwami w’Abisirayeli!"

27 Samweli ahindukiye ngo agende, Sawuli amufata ku musozo w’ikanzu yambaye ica iratabuka. 28 Samweli aca amubwira ati: "Uhoraho atabuye ubwami bwa Isirayeli arabukwatse kuva uwu musi, abuhaye uwundi akurusha ubutwari. 29 Uhoraho, we Cubahiro ca Isirayeli, ntiyigera abesha kandi ntiyivuguruza; kuko si umwana w’umuntu ngo aje arihindukiza mw’ijambo."

30 Sawuli aramwishura ati: "Ni vyo nacumuye. Ariko ndakwinginze ntera iteka imbere y’aba bakuru b’abantu banje n’imbere y’Abisirayeli; garuka tujane, kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe." 31 Nuko Samweli asubiranayo na Sawuli, Sawuli asenga Uhoraho.

32 Maze Samweli aravuga ati: "Nzanira Agagi umwami w’Abamaleki."

Maze Agagi aza aho Samweli ari aremye, yibaza ati: "Singipfuye."

33 Ariko Samweli aravuga ati:

"Nk’uko inkota yawe yahekuye abavyeyi benshi,

ni ko na nyoko abaye umwe muri abo bagore bahekuwe."

Maze Samweli ahimbagurira Agagi aho nyene imbere y’Uhoraho i Gilugali.

34 Nuko Samweli asubira i Rama, ariko Sawuli araduga aja iwe i Gibeya. 35 Samweli ntiyigeze asubira kubonana na Sawuli kugeza apfuye, naho yagandaye kubera umubabaro w’ivyabaye kuri Sawuli. Kandi Uhoraho yaricujije icatumye yimika Sawuli ngo abe umwami w’Abisirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-