Publicidade

1 Samuel 3

Uhoraho ahamagara Samweli

1 Uwo muhungu Samweli akorera Uhoraho musi y’uburongozi bwa Eli. Kandi, muri iyo misi, kwumva ijambo ry’Uhoraho vyari imbonekarimwe; no kwerekwa kwari guke cane.

2 Ico gihe, Eli ntiyari akibona neza, amaso yiwe yari atanguye guhuma. Ijoro rimwe, Eli aja kuryama aho yari asanzwe aryama. 3 Itara ry’Uhoraho ntiryari bwazime, kandi na Samweli yari aryamye mu Ngoro y’Uhoraho, impande y’Isandugu y’Imana. 4 Maze Uhoraho ahamagara Samweli.

Samweli aritaba ati: "Sabwe!" 5 Aca yiruka iyo Eli ari aravuga ati: "Ndi hano; wampamagaye?"

Ariko Eli aravuga ati: "Sinaguhamagaye, subira kuryama." Nuko aragenda araryama.

6 Uhoraho asubira guhamagara ati: "Samweli!" Maze Samweli aravyuka aja iyo Eli ari aravuga ati: "Ndi hano; wampamagaye?"

Eli aramwishura ati: "Mwana wanje, sinaguhamagaye; subira kuryama."

7 Samweli ntiyari bwamenye Uhoraho kuko ntiyari bwumve ijambo rivuye k’Uhoraho.

8 Uhoraho ahamagara Samweli ubugira gatatu, maze Samweli aravyuka aja iyo Eli ari aravuga ati: "Ndi hano; wampamagaye?"

Maze Eli aca amenya ko ari Uhoraho ariko arahamagara uwo muhungu. 9 Nuko Eli aca abwira Samweli ati: "Genda uryame, niyasubira kuguhamagara, uce uvuge uti: ‘Vuga, Uhoraho, kuko umusavyi wawe ndaguteze amatwi.’ " Nuko Samweli aragenda araryama mu kibanza ciwe.

10 Maze Uhoraho araza asubira guhamagara nk’uko yari yamye abigira ubwa mbere ati: "Samweli! Samweli!"

Maze Samweli aravuga ati: "Vuga, kuko umusavyi wawe ndaguteze amatwi."

11 Nuko Uhoraho abwira Samweli ati: "Ehe, ngira nkore ikintu mu Bisirayeli kizotuma uwuzocumva wese agira iminzerere mu matwi. 12 Ngiye gushitsa kuri Eli ivyo namuburiye vyose ko bizomubako n’umuryango wiwe, uhereye ku ca mbere gushika ku ca nyuma. 13 Naramuburiye ko ngiye gucira urubanza rw’ibihe vyose umuryango wiwe kubera icaha co gucokora Uhoraho asanzwe azi neza ko abahungu biwe bakora, ariko ntababuze. 14 Kubera ivyo nararahiye abo mu nzu ya Eli nti: ‘Icaha c’inzu ya Eli ntikizokwigera gitangirwa impongano yaba iy’ikimazi canke iy’ishikanwa.’ "

15 Samweli asubira kuryama gushika mu gitondo aca yugurura imyango y’inzu y’Uhoraho, ariko aratinya kubwira Eli ivyo yabwiwe. 16 Ariko Eli aramuhamagara amubwira ati: "Samweli mwana wanje."

Samweli arishura ati: "Sabwe!"

17 Eli aramubaza ati: "Mbega bwabundi, Uhoraho yakubwiye iki? Ntubimpishe. Imana ibiguhanire, kandi birushirije, niwaramuka umpishije na kimwe mu vyo yakubariye." 18 Nuko Samweli amubwira vyose, ata na kimwe amuhishije. Nuko Eli aravuga ati: "Ni Uhoraho; nakore ibibereye mu nyonga ziwe."

19 Uhoraho abana na Samweli mu gukura kwiwe, kandi ijambo ryose Samweli yavuga Imana yararyubahiriza ikarishitsa. 20 Kandi Abisirayeli bose uhereye i Dani ugushika i Berisheba bamenya ko Samweli ari uwuvugishwa n’Uhoraho w’ukuri. 21 Uhoraho abandanya kwiyerekanira aho i Shilo, akiyereka Samweli biciye mw’ijambo ryiwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-