Publicidade

1 Samuel 12

Samweli asezera

1 Samweli abwira Abisirayeli ati: "Narumvise ivyo mwambariye vyose none namaze kubaha umwami wo kubaganza. 2 Ubu rero murafise umwami wo kubarongora. Jewe ndashaje, mfise imvi, mbere n’abahungu banje bari ngaha muri mwebwe. Nabaye umurongozi wanyu kuva nkiri muto gushika uno musi. 3 None mpagaze hano. Nimunyagirize imbere y’Uhoraho n’uwo yimikishije amavuta. Ni nde nanyaze inka yiwe? Ni nde nanyaze indogoba yiwe? Ni nde nagunze? Ni nde nacinyije? Ni nde yampaye igiturire kugira ngo kimpume amaso? Nihaba hari ikintu na kimwe kinyagira muri ivyo vyose, ndagitunganya."

4 Baramwishura bati: "Ntiwatugunze, ntiwaducinyije kandi nta n’umwe wanyaze ikintu na kimwe."

5 Samweli arabishura ati: "Uhoraho ni we cabona imbere yanyu hamwe n’uwo yimikishije amavuta ko ata na kimwe munyagiriza, amaboko yanje yoba yariyandurishije."

Baramwishura bati: "Ni vyo, Uhoraho ni we cabona."

6 Nuko Samweli abwira abantu ati: "Uhoraho ni we yatoranije Mose na Aroni kandi ni we yakuye ba sogokuruza banyu muri Egiputa. 7 Nuko rero, nimuze hano imbere y’Uhoraho ndabibutse ivyiza vyose yabakoreye mwebwe na ba sogokuruza banyu.

8 Yakobo n’abiwe bamaze gushika muri Egiputa, ba sogokuruza banyu batakambiye Uhoraho ngo abatabare, maze Uhoraho atuma Mose na Aroni, baba ari bo babakura muri Egiputa babashira muri iki gihugu.

9 Ariko baciye bibagira Uhoraho Imana yabo; bituma abarekurira mu maboko ya Sisera, umukuru w’ingabo z’i Hazori, no mu maboko y’Abafilisitiya n’umwami w’i Mowabu barabagwanya. 10 Maze batakambira Uhoraho bavuga bati: ‘Twaracumuye; twataye Uhoraho dukorera Bayali na Ashitaroti. Ariko niwadutabara ukadukiza amaboko y’abansi bacu ubu, natwe tuzogukorera.’ 11 Nuko Uhoraho arungika Yerubayili, Baraki, Yefuta na Samweli, abakura mu maboko y’abansi banyu impande zose, muca muba mu mahoro.

12 Ariko mubonye Nahashi umwami w’Abamoni aje kubatera, muraza mumbwira muti: ‘Tugomba umwami wo kutuganza,’ kandi Uhoraho Imana yanyu yari asanzwe ari umwami wanyu. 13 None rero ng’uwu umwami mwahisemwo, uwo mwasavye; raba Uhoraho yabahaye umwami wo kubaganza. 14 Nimwubaha Uhoraho, mukamukorera, mukamwumvira ntimugararize amabwirizwa yiwe; mwebwe n’umwami abatwara nimwakurikira Uhoraho Imana yanyu bizoba ari vyiza. 15 Ariko nimutubaha Uhoraho, mukagarariza amabwirizwa yiwe, ukuboko kwiwe kuzobahanamira, nk’uko kwahanamiye ba sogokuruza banyu.

16 Ubu rero, nimuhagarare mushikamye, murabe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere y’amaso yanyu! 17 Mbega ubu si mw’iyimbura ry’ingano? Murazi ko ata mvura isanzwe igwa. Ngira nambaze Uhoraho na we ararekura imituragaro n’imvura. Hanyuma muratahura ikibi mwakoze imbere y’inyonga z’Uhoraho mu kwubahuka kumusaba umwami."

18 Nuko Samweli yambaza Uhoraho. Kuri uwo musi nyene Uhoraho arungika imituragaro n’imvura, bituma abantu bose bafatwa n’ubwoba bwinshi, batinya Uhoraho na Samweli.

19 Abantu bose babwira Samweli bati: "Dusabire k’Uhoraho Imana yawe twebwe abasavyi bawe kugira ngo ntidupfe, kuko kuri vya vyaha vyacu vyose, twongeyeko ikindi kibi co gusaba umwami."

20 Samweli arabishura ati: "Ntimutinye. Egome mwarakoze ivyo bibi vyose, ariko ntimusubire gutera ibitugu Uhoraho, ariko mumukorere n’imitima yanyu yose. 21 Ntimusubire guhindukirira ibigirwamana bitagira ikimazi. Ntibishobora kubakorera iciza na kimwe, canke ngo bibakize, kuko bitagira ikimazi. 22 Ku bw’icubahiro c’izina ryiwe rihambaye, Uhoraho ntazota abantu biwe, kuko Uhoraho vyamuhimbaye kubagira ihanga yiharije. 23 Kandi jewe, ntibikambeko ko nocumura k’Uhoraho mu kureka kubasengera. Nzoshishikara kubigisha ivyiza n’ibigororotse. 24 Ariko muze mwubahe Uhoraho, mumukorere mu bwizigirwa n’imitima yanyu yose, mwibuke ibihambaye vyose yabakoreye. 25 Ariko nimwashishikara gukora ibibi, mwebwe n’umwami wanyu muzohona mwese."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-