Publicidade

1 Samuel 2

Isengesho rya Hana

1 Maze Hana asenga Uhoraho avuga ati:

"Umutima wanje unezererewe Uhoraho;

Uhoraho we wangize uwukomeye.

Ubu ndafise ico nishura abansi banje,

kuko nezerejwe n’ugutabara kwawe.

2 Nta wera nk’Uhoraho;

nta wundi yoboneka i ruhande yawe;

nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.

3 Nimureke kuvugana ubwibone,

iminwa yanyu ntivuge ivyo kwishira hejuru,

kuko Uhoraho ari Imana izi vyose,

kandi ni yo ipima ibikorwa vyose ku munzane.

4 Imiheto y’abagwanyi iravunaguritse,

ariko abahoze ari abanyantegenke bambitswe inkomezi.

5 Abari bafise ivyuzuye, babaye abacangero, bakorera ivyo barya

kandi abahora bashonje, bashize inzara.

Uwahora yitwa ingumba, avyaye abana indwi,

ariko uwari afise abahungu benshi arakabiranye.

6 Uhoraho ni we atuma umuntu apfa kandi ni we atuma abaho;

ni we amanura bamwe i kuzimu, abandi akabakurayo.

7 Uhoraho ni we atuma bamwe bakena, kandi ni we atuma abandi batunga;

ni we acisha bugufi bamwe, agashira hejuru abandi.

8 Akura umugorwa mu mukungugu,

ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;

akamwicarikana n’abakomeye,

akamuha intebe y’icubahiro.

Kuko imfatiro z’isi ari iz’Uhoraho;

Kandi kuri zo ni ho yashinze isi.

9 Ni we azozigama ibirenge vy’abamukorera mu bwizigirwa,

ariko abanyakibi bazokamanganira mu mwijima.

Inkomezi z’umuntu si zo zituma anesha;

10 abagwanya Uhoraho bazocika ubunywenywe.

Iyisumbavyose izobaturagarirako iri mw’ijuru;

Uhoraho azocira urubanza impera z’isi.

Azoha inkomezi umwami yimitse

kandi yongere inkomezi uwo yimikishije amavuta."

11 Hanyuma Elukana ataha iwe i Rama, ariko wa muhungu akorera Uhoraho ari musi y’uburongozi bwa Eli umuherezi.

Ububi bw’abahungu ba Eli

12 Abahungu ba Eli bari abantu babi; ntibubaha Uhoraho. 13 Hariho ingeso abaherezi bari basigaye bafise y’uko igihe cose umuntu yaza gushikana ikimazi, umukozi w’umuherezi yaca azana icaruzo c’amenyo atatu mu minwe, akaza igihe inyama z’ico kimazi zikiriko ziratogotera ku ziko, 14 agaca yinjiza ca caruzo mu nkono canke mu kintu cose batetsemwo izo nyama, umuherezi agaca atwara izo ico caruzo caruye. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo. 15 Vyaranashika ko umukozi w’umuherezi aza ibinure vy’ikimazi bitaraturirwa n’umuriro ku gicaniro, akabwira uwariko arashikana ikimazi ati: "Zana inyama zo kwokereza umuherezi; ntashaka izimaze gutekwa, ashaka izikiri mbisi."

16 Iyo uwo muntu yishuye ati: "Reka mbanze nturire ibinure vyazo, hanyuma uheze utware izo ugomba zose," uwo mukozi yaca yishura ati: "Oya zizane ubu nyene; utazizanye naho, ndaziha ku nguvu."

17 Ico caha c’abo bahungu cari kinini cane mu nyonga z’Uhoraho, kuko bakengera ibimazi vyiwe.

18 Ariko Samweli we naho yari akiri agahungu gatoya yakomeje gukorera Uhoraho. Yambara efodi yera nk’iyo abaherezi bambara. 19 Uko umwaka utashe, nyina yama amushonera agakanzu gatoya akakamushira aduganye n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka. 20 Imbere y’uko bataha, Eli yama aca ahezagira Elukana n’umugore wiwe, akavuga ati: "Uhoraho aguhe abana kuri uwu mugore kugira ngo baje mu gishingo c’uwu yasengeye agaca amuha Uhoraho." Bagaca bataha. 21 Kandi Uhoraho agirira ubuntu Hana; avyara abahungu batatu n’abakobwa babiri. Wa mwana Samweli na we abandanya akurira imbere y’Uhoraho.

22 Ico gihe Eli yari ashaje cane, ariko yarumva ivyo abahungu biwe bakorera Abisirayeli, ko baryamana n’abagore bakorera ibikorwa mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro. 23 Nuko akama ababwira ngo: "Ni kuki mukora ibintu nk’ivyo? Numva abantu bose babavuga ko mwigenza nabi. 24 Nimusigeho, bana banje! Inkuru numva ivugwa mu bantu b’Uhoraho si nziza. 25 Iyo umuntu acumuye ku wundi, Imana ishobora kubuzuriza; ariko umuntu acumuye k’Uhoraho, ni nde yomuvugira?" Ariko abahungu biwe ntibumvira impanuro za se, kuko Uhoraho yari yagabiye ko bategerezwa gupfa.

26 Samweli we abandanya gukura mu mubiri no kugira igikundiro k’Uhoraho no ku bantu.

Imburi ku nzu ya Eli

27 Nuko haza umuntu w’Imana ashikira Eli aramubwira ati: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Siniyeretse abo mu nzu ya so igihe bari bakiri muri Egiputa baganzwa na Farawo?’ " 28 Natoranije so mu yindi miryango yose y’Abisirayeli ngo ambere umuherezi, ngo aje ku gicaniro canje, acane ibimota neza, kandi yambare efodi imbere y’inyonga zanje. Kandi nahaye abo mu nzu ya so ibimazi vyose vyoswa n’Abisirayeli. 29 None ni kuki mukengera ikimazi canje n’ishikanwa ryanje? Ni kuki wubaha abahungu bawe ukabandutisha mu kwirira inyama z’indobanurwa z’ibimazi vyose ihanga ryanje ry’Abisirayeli batanze?

30 "Nguku rero uko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nari narasezeranye ko inzu ya so ari yo izokorera imbere yanje ibihe vyose.’ Ubu rero Uhoraho avuze ati: ‘Ntibikabe!’ Abanyubaha ni bo nzokwubaha, ariko abankengera nanje nzobakengera." 31 Ehe igihe kiraje aho nzokwaka inkomezi wewe n’inzu ya so nkabaka ubuherezi, kugira ngo ntihabe hakibaho umuntu aramba mu ruvyaro rwawe, 32 kandi uzoba mu mubabaro uri mu nzu yanje. Naho Abisirayeli bazogirirwa neza, mu ruvyaro rwawe ntihazokwigera hongera kuboneka umuntu aramba agashika mu zabukuru. 33 Uwo nzosigaza adakuwe ku gicaniro canje azoba ari uwo kuguteza umubabaro no kukwihebuza, kandi abo mu ruvyaro rwawe bose bazopfa bakiri bato. Ariko abandi bose bazopfa bakiri mu myaka y’ubuto.

34 " ‘Ibizoba kuri Hofuni na Finehasi, abahungu bawe babiri, bizoba ikimenyetso c’ivyo, bazopfira umusi umwe. 35 Nzokwitorera uwuzombera umuherezi w’umwizigirwa, azokora ibiri ku mutima wanje no mu vyiyumviro vyanje. Kandi nzokomeza inzu y’ubuherezi bwiwe, baze bame bakorera imbere y’abami nasize amavuta ibihe vyose. 36 Ico gihe umuntu wese wo mu muryango wawe azosigara azoza amwunamire kugira ngo amuhe igiceri kimwe c’ifeza n’akavunguka k’umukate kandi amwinginge ati: "Ntabara umpe ico nkora mu bikorwa vy’ubuherezi kugira ngo ndonke ico kurya." ’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-