1 Maze Dawidi arahunga ava i Nayoti i Rama, aja kwa Yonatani aramubaza ati: "Mbega nakoze iki? Icaha canje ni ikihe? Ikibi nakoreye so ni ikihe, ko agomba kunyica?"
2 Yonatani amwishura ati: "Ntibikabe. Ntuzopfa! Data ntiyigera akora ikintu, caba gito canke kinini, atambwiye. None ivyo yobimpisha gute? Si vyo!"
3 Ariko Dawidi aramurahira ati: "So arazi neza ko nagize ikiganza ciza imbere yawe, maze aca aribwira ati: ‘Yonatani ntakwiye kubimenya kuko yobabara.’ Naho biri uko ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho kandi nawe ndakurahiye, nsigaje gatoya ngapfa."
4 Yonatani abwira Dawidi ati: "Ico ugomba cose ko nkora ndakigukorera."
5 Nuko Dawidi aramubwira ati: "Raba ejo ni umusi mukuru w’ukwezi gushasha, nategerezwa gusangira n’umwami; ariko reka ngende nihishe mu mirima gushika ku mugoroba wa hirya y’ejo. 6 So niyambaza akambura, uze umubwire uti: ‘Dawidi yanyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo gukubitira i Betelehemu mu gisagara c’iwabo, kuko haja gutangirwa ikimazi c’umwaka c’umuryango wose.’ 7 Niyavuga ati: ‘Ni vyiza,’ jewe umusavyi wawe nzoba ndi amahoro. Ariko niyashangashirwa, uzoce umenya ko yafashe ingingo yo kungirira nabi. 8 Ariko wewe, uze wereke imbabazi umusavyi wawe, kuko wanshize mw’isezerano hamwe nawe imbere y’Uhoraho. Ninaba ntsindwa n’urubanza, ube ari wewe unyiyicira! Ni iki cotuma undekurira mu maboko ya so?"
9 Yonatani aravuga ati: "Ntibikabe! Mbega iyo mba namenye na gatoya ko data agomba kukugirira nabi, simba nabikubwiye?"
10 Dawidi arabaza ati: "Ni nde ari bumenyeshe nimba so akwishuranye ishavu?"
11 Yonatani aravuga ati: "Nuze, tugende mu murima." Nuko barajana.
12 Maze Yonatani abwira Dawidi ati: "Ndakurahiye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, hirya y’ejo amasaha ageze nk’aho ageze ubu nzovugana na data! Ninasanga afise imigabo myiza kuri wewe, sinzokurungikira agakuru ngo ndakumenyeshe? 13 Ariko ninasanga data afise imigabo mibi yo kukugirira nabi, Uhoraho aze abimpanire, kandi birushirije, nintabikumenyesha ngo ndakubwire uhunge. Uhoraho abane nawe nk’uko yahora abana na data. 14 Ariko uze unyereke ukugira neza kw’Uhoraho igihe cose nzoba nkiriho. Kandi mpfuye, 15 uze ugaragaze urukundo ku muryango wanje, mbere n’igihe Uhoraho azoba amaze abansi bawe bose kw’isi."
16 Nuko Yonatani agirana n’inzu ya Dawidi isezerano, avuga ati: "Uhoraho aze asubirize mu nkoko abansi ba Dawidi." 17 Yonatani yongera kurahiza Dawidi ko azoguma amukunda; kandi mu vy’ukuri Yonatani yaramukunda nk’uko yikunda.
18 Nuko Yonatani abwira Dawidi ati: "Ejo ni umusi mukuru w’ukwezi gushasha. Uzoboneka ko atari ho uri, kuko icicaro cawe kizoba kigaragara. 19 Hirya y’ejo, ku muhingamo, uze uje hamwe winyegeza mbere, urindirire i ruhande y’ibuye ry’i Ezeli. 20 Nzorasa imyampi itatu i ruhande yaho, nk’aho noba ndiko ndarasa ikintu. 21 Maze nzotuma umukozi wanje mvuge nti: ‘Genda utore irya myampi.’ Ninavuga nti: ‘Ehe, imyampi iri i ruhande yawe; yinzanire,’ uzoce uza, kuko, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, bizoba ari amahoro; nta ngorane izoba ihari. 22 Ariko ninabwira wa mukozi nti: ‘Imyampi yarenze inyuma yawe,’ uze uce ugenda, kuko Uhoraho azoba akwemereye kugenda. 23 Kandi ku vyo tuvuganye jewe nawe wibuke, Uhoraho ni we cabona cacu twempi ibihe vyose."
24 Nuko Dawidi yinyegeza mu murima, maze wa musi mukuru w’ukwezi gushasha ushitse, umwami aricara ngo afungure. 25 Yicara mu kibanza yari asanzwe yicaramwo giherereye ku gihome, atumberanye na Yonatani, na Abuneri yicaye i ruhande ya Sawuli, ariko ikibanza ca Dawidi caragaragara. 26 Sawuli nta co yavuze uwo musi, kuko yiyumviriye ati: "Hoba hari icahumanije Dawidi akaba mu vy’ukuri ahumanye." 27 Ariko bukeye, ku musi ugira kabiri w’ukwezi, ikibanza ca Dawidi cari kigaragara kandi. Maze Sawuli abaza umuhungu wiwe Yonatani ati: "Mbega mwene Isayi ko ataje gufungura ejo n’uwu musi?"
28 Yonatani aramwishura ati: "Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo kuja i Betelehemu. 29 Yavuze ati: ‘Reka ngende kuko umuryango wacu uza gutangira ikimazi mu gisagara kandi mukuru wanje yantegetse kuhaba. Ninaba ngiriwe ubuntu mu maso yawe, reka ngende kuraba bakuru banje.’ Ni co gituma atashoboye kuba ku meza hamwe n’umwami."
30 Sawuli arakira Yonatani cane maze aramubwira ati: "Wa muhungu w’umugore w’ingare n’ingeso mbi! Mbega wibaza ko ntazi yuko ugomba ko mwene Isayi aba umwami mu gishingo cawe, ukaba agatetereza kuri wewe no kuri nyoko yakuvyaye? 31 Igihe cose urya muhungu wa Isayi azoba akiriho, yaba wewe canke ubwami bwawe ntibuzorama. Ubu rero tuma umuntu amunzanire, kuko ategerezwa gupfa!"
32 Yonatani abaza se ati: "Kubera iki yokwicwa? Yakoze iki?" 33 Nuko Sawuli abangura rya cumu ryiwe ngo arimutere. Yonatani aca amenya ko se yagabiye kwica Dawidi.
34 Yonatani aca arivumbura ava ku meza ashavuye cane; kuri uwo musi ugira kabiri w’ukwezi ntiyafunguye, kuko yari ababajwe n’ivyo se agirira Dawidi.
35 Bukeye mu gitondo Yonatani arasohoka aja mu murima ha hantu bateguye guhurira na Dawidi. Yari kumwe n’umuhungu mutoya, 36 maze abwira uwo muhungu ati: "Iruka untorere imyampi nza kurasa." Wa muhungu akiriko ariruka kuyitora, arasa umwampi uramurengana. 37 Wa muhungu ashitse aho wa mwampi waguye, Yonatani arasemerera ati: "Mbega umwampi ntiwarenze?" 38 Yongera gusemerera ati: "Nyaruka ningoga! Ntuhagarare!" Wa muhungu atora wa mwampi asubira kwa shebuja. 39 (Uwo muhungu ntiyamenye na kimwe muri ivyo; Yonatani na Dawidi ni bo bari bazi ivyo bakora) 40 Yonatani aca aha vya bigwanisho wa muhungu aramubwira ati: "Genda, ubisubize mu gisagara."
41 Wa muhungu amaze kugenda, Dawidi aranyeguruka ava mu bumanuko bwa rya buye yunamira Yonatani gatatu, akoza umutwe hasi. Baca baragumbirana bararira ariko Dawidi arira cane.
42 Yonatani aravuga ati: "Genda amahoro, kuko twasezeranye mw’izina ry’Uhoraho ko tuzoba abagenzi, tukavuga tuti: ‘Uhoraho ni we cabona hagati yawe nanje, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwanje ibihe vyose.’ " Nuko Dawidi aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.