1 Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Zikulagi ku musi ugira gatatu. Kandi Abamaleki bari bateye i Negebu n’i Zikulagi; i Zikulagi barahaturira, 2 batwara nk’inyagano abagore n’abandi bantu bose bari kumwe na bo, abato n’abakuze. Ntibishe n’umwe, ariko babajanye bose iyo bariko baraja.
3 Dawidi n’abo bari kumwe bashika i Zikulagi, basanga hatongowe n’umuriro, abagore, abana babo b’abahungu n’abakobwa bajanywe nk’inyagano. 4 Nuko Dawidi n’abo bari kumwe bararira cane gushika aho batakironka n’inkomezi zo kurira. 5 Abagore ba Dawidi babiri, Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili umupfakazi wa Nabali w’i Karumeli, na bo nyene bari mu batwawe. 6 Dawidi aja mu kaga gakomeye, kuko abantu bari bababajwe cane no kubura abahungu babo n’abakobwa babo, hanyuma batangura kuvugana ko bomwicisha amabuye. Ariko Dawidi aremeshwa n’inkomezi ziva k’Uhoraho Imana yiwe.
7 Maze Dawidi abwira Abiyatari umuherezi, mwene Ahimeleki ati: "Nzanira efodi." Abiyatari arayimuzanira, 8 maze Dawidi asiguza Uhoraho ati: "Nkurikire aba baduteye? Mbega noba nkibahamvya?"
Uhoraho aramwishura ati: "Bakurikire. Kandi uraza kubahamvya ugarure n’ivyo banyaze vyose."
9 Dawidi na ba bantu amajana atandatu bari kumwe na we baragenda bashika ku ruzi rw’i Besori, bamwe basigaraho, 10 kuko abashika amajana abiri bari barushe cane bibananira kujabuka urwo ruzi. Ariko Dawidi n’abandi amajana ane babandanya babakurikira.
11 Babonye Umunyegiputa mu mirima bamuzanira Dawidi. Bamuha amazi yo kunywa n’ivyokurya 12 igice c’umukate ukozwe mu nsukoni n’udukate tubiri ducumvye mu nzabibu. Ararya asubiramwo intege, kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya canke anywa.
13 Dawidi aramubaza ati: "Uri uwo kwa nde, kandi uva hehe?"
Aramwishura ati: "Ndi Umunyegiputa, umugurano w’Abamaleki. Databuja yantaye ngaha kubera ngwaye haciye imisi itatu. 14 Twateye i Negebu h’Abakereti no mu ntara ya Yuda n’i Negebu kwa Kalebu, duturira n’i Zikulagi."
15 Dawidi aramubaza ati: "Woshobora kunjana aho abo bateye bari?"
Aramwishura ati: "Ndahira imbere y’Imana ko utanyica canke ngo untange mu maboko ya databuja, nca ndakumanukana iyo bari."
16 Nuko amanukana Dawidi, asanga basanzaye ku misozi y’ico gihugu, bariko bararya banywa, bagira umusi mukuru kubera ibintu vyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya n’i Buyuda. 17 Dawidi n’abantu biwe barabahwikira, babinjiramwo barabagwanya kuva iryo joro ryose kugeza ku mugoroba w’umusi ukurikira, arabanesha kandi nta n’umwe yashoboye gucika ngo ahunge, atari abasore amajana ane basimbiye ku ngamiya bariruka barahunga. 18 Dawidi agarura ivyo Abamaleki bari banyaze vyose, harimwo na ba bagore biwe babiri. 19 Nta na kimwe cari kibuzemwo: abakiri bato n’abakuze, abahungu n’abakobwa, n’ivyanyazwe vyose vyari bikwiye. Dawidi arabigarukana vyose. 20 Ajana amasho n’imikuku, maze abantu biwe babishira imbere y’ibindi bitungwa bagenda bavuga bati: "Ibi ni ivyo Dawidi yanyaze."
21 Nuko Dawidi ashikira ba bandi amajana abiri bari barushe basigaye inyuma mu Kiyaya ca Besori. Baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we bose, Dawidi na we arabaramutsa anezerewe, ababaza ingene bamerewe. 22 Ariko abantu babi n’abansi b’amahoro bari mu bajanye na Dawidi baravuga bati: "Ko batajanye natwe ku rugamba, ntitwemera kugabura na bo ivyo twanyaze. Ariko umuntu wese ahitane umugore wiwe n’abana biwe ace agenda."
23 Dawidi arabishura ati: "Oyaye, bavukanyi, ntimukore uko ku vyo Uhoraho yaduhaye. Yaturinze yongera agabura mu maboko abari baje kudutera. 24 Ni nde yobashigikira muvuze ibintu nk’ivyo? Umugabane w’uwasigaranye ibintu ni umwe n’uw’uwagiye ku rugamba. Imigabane yabo irangana." 25 Maze Dawidi abigira itegeko mu Bisirayeli kuva uwo musi gushika n’ubu.
26 Dawidi ashitse i Zikulagi, arungikira abakuru b’i Buyuda, bari basanzwe ari abagenzi biwe, ababwira ati: "Iyi ni ingabire ivuye mu vyo twanyaze abansi b’Uhoraho."
27 Arungikira n’ab’i Beteli, Rama Negebu n’i Yatiri; 28 abo muri Aroweri, Sifumoti, Eshitemowa 29 n’i Rakali; abo mu bisagara vy’Abayerahimeyeli n’Abakayini; 30 ab’i Horuma, n’i Bori Ashani, Ataki 31 n’i Heburoni; no mu tundi turere twose Dawidi n’abari kumwe na we bari baraciyemwo.