Publicidade

1 Samuel 1

Ukuvuka kwa Samweli

1 Habaye umugabo umwe yaba i Ramatayimu-Zofimu mu karere k’imisozi y’Abefurayimu, yitwa Elukana mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Elihu, Elihu mwene Tohu, Tohu mwene Zufi, wo mu muryango wa Efurayimu. 2 Yari afise abagore babiri, umwe yitwa Hana uwundi yitwa Penina. Penina yari afise abana, ariko Hana ntiyagira n’umwe.

3 Uko umwaka utashe uwo mugabo yama ava mu gisagara c’iwabo akaduga gusenga no gushikanira Uhoraho Mushoboravyose ikimazi i Shilo, aho abahungu ba Eli babiri, Hofuni na Finehasi, bakorera nk’abaherezi b’Uhoraho. 4 Igihe cose hageze ko Elukana atanga ikimazi, yama aha imigabane y’inyama umugore wiwe Penina n’abahungu biwe n’abakobwa biwe bose. 5 Ariko Hana we yamuha umugabane ungana incuro zibiri uwa Penina kuko yamukunda, naho Uhoraho yari yaramwimye uruvyaro. 6 Mukeba wiwe yama amucurira ngo amubabaze, kubera Uhoraho yari yaramwimye uruvyaro. 7 Ivyo vyabandanije gutyo uko imyaka yakurikirana. Igihe cose Hana yaja mu nzu y’Uhoraho, mukeba wiwe yama amucurira gushika aho arira ntagire n’ico afungura. 8 Elukana umugabo wiwe akamubwira ati: "Hana, ni kuki urira? Ni kuki udafungura? Ni kuki ubabaye? Mbega sindakurutira abahungu icumi wovyaye?"

9 Igihe kimwe bahejeje kurya no kunywa i Shilo, Hana arahaguruka. Ico gihe Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe ku muryango w’Ingoro y’Uhoraho. 10 Hana asenga Uhoraho n’umubabaro mwinshi wo mu mutima ararira cane. 11 Asezerana isezerano, avuga ati: "Yewe Uhoraho Mushoboravyose, niwaraba amagorwa yanje umusavyikazi wawe ukanyibuka, ntiwibagire umusavyikazi wawe ukampa umwana w’umuhungu, nanje nzomushikanira Uhoraho mu misi y’ukubaho kwiwe kwose, kandi nta rwembe ruzokwigera rumugera ku mutwe."

12 Uko yashishikara gusenga Uhoraho, ni ko Eli yamuraba ku munwa. 13 Hana yasengera ku mutima, kandi agakubita iminwa naho ijwi ryiwe ritumvikana. Eli we yibaza ko yaborewe, 14 aca aramubwira ati: "Uzogeza ryari kwama uborewe? Heba uwo muvinyu wawe."

15 Hana aramwishura ati: "Oyaye nyakwubahwa, si ko biri, ndi umugore afise ingorane nyinshi. Sinanyoye umuvinyu canke ikindi kiboreza na kimwe, nariko ndasuka umubabaro wo mu mutima wanje imbere y’Uhoraho. 16 Ntiwibaze ko umusavyikazi wawe ndi umugore w’umunyangesombi, nariko ndasenga kubera umubabaro n’agahinda biri muri jewe."

17 Eli aramwishura ati: "Niwigire amahoro, Imana y’Abisirayeli ikwishure iguhe ico wayisavye."

18 Na we aravuga ati: "Icompa umusavyikazi wawe nkagirirwa ubuntu imbere yawe." Nuko aca ava aho hantu, arafungura, maze mu maso hiwe ntihasubira kwiraburanirwa.

19 Mu gitondo ca kare baravyuka basenga Uhoraho hanyuma basubira iwabo i Rama. Elukana aryamana n’umugore wiwe Hana, maze Uhoraho aramwibuka. 20 Nuko Hana asama inda avyara umuhungu amwita Samweli, avuga ati: "Kuko namusavye Uhoraho."

Hana ashikanira Uhoraho Samweli

21 Hageze ko Elukana adugana n’umuryango wiwe wose gushikanira Uhoraho ikimazi c’umwaka no gushitsa isezerano ryiwe, 22 Hana ntiyashoboye kujana na bo. Nuko abwira umugabo wiwe ati: "Uwu muhungu niyacuka, nzomujana ndamushikanire Uhoraho, na we azoba imbere y’Uhoraho ibihe vyose."

23 Elukana umugabo wiwe aramubwira ati: "Uze ukore ikizokubera ciza. Guma ngaha gushika umucukije; kimwe gusa Uhoraho ashitse ijambo ryiwe." Nuko uwo mugore aguma i muhira arera umuhungu wiwe gushika aho yamucukirije.

24 Amaze kumucutsa, ajana wa muhungu, naho yari akiri muto, n’ishuri imaze imyaka itatu, n’ifu ingana n’ingero efa n’umukuza w’umuvinyu, amujana mu nzu y’Uhoraho i Shilo. 25 Bamaze gutanga ya shuri kw’ikimazi, bazanira Eli wa muhungu, 26 nyina wiwe aramubwira ati: "Nyakwubahwa, urakaramba! Ndi wa mugore nahagarara i ruhande yawe nsenga Uhoraho. 27 Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye. 28 None ubu ndamushikaniye Uhoraho. Ubuzima bwiwe bwose azoba ari uw’Uhoraho." Maze bapfukamira Uhoraho baramusenga.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_12-43-22-