1 Uhoraho abwira Samweli ati: "Mbega uzogeza ryari kugandarira Sawuli, uwo nanse ko aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza amavuta ihembe ryawe uce ufata inzira; uje kwa Isayi, i Betelehemu. Natoranije umwe mu bahungu biwe ngo abe umwami."
2 Ariko Samweli aravuga ati: "Mbega nobigenza gute? Sawuli avyumvise yonyica."
Uhoraho amubwira ati: "Uze ujane ishashi y’inka uvuge uti: ‘Nje gushikanira ikimazi Uhoraho.’ 3 Uze utumire Isayi aze ku kimazi, hanyuma nanje nzokubwira ico uri bukore. Uze urobanuze amavuta uwo nzokwereka."
4 Samweli akora nk’uko Uhoraho amubariye. Ashitse i Betelehemu, abakuru b’igisagara bahagarika umutima bamubonye. Baramubaza bati: "Uzanywe n’amahoro?"
5 Samweli arabishura ati: "Egome ni amahoro; nzanywe no gushikanira ikimazi Uhoraho. Nimwiyeze muze dutange ikimazi." Nuko yeza Isayi n’abahungu biwe abatumira ku kimazi.
6 Bashitse, Samweli abona Eliyabu, maze ariyumvira ati: "Ni ukuri uwu ni we Uhoraho yatoranije."
7 Ariko Uhoraho aramubwira ati: "Nturabe akaranga n’uburebure, uwo namwanse. Uhoraho ntaraba ku vyo abantu baraba. Abantu baraba ku biboneka, ariko Uhoraho araba mu mutima."
8 Nuko Isayi ahamagara Abinadabu amucisha imbere ya Samweli. Ariko Samweli aravuga ati: "N’uwu si we Uhoraho yahisemwo." 9 Isayi azana Shama, Samweli aravuga ati: "N’uwu na we si we Uhoraho yahisemwo." 10 Isayi acisha abahungu biwe indwi imbere ya Samweli, ariko Samweli aramubwira ati: "Uhoraho ntiyahisemwo n’umwe muri aba." 11 Nuko aramubaza ati: "Aba ni bo bahungu ufise?"
Isayi aramwishura ati: "Harasigaye umuhererezi, kandi ubu ari kuragira intama."
Samweli aramubwira ati: "Mutumeko; kuko tuticara ngo dufungure atarashika."
12 Nuko amutumako araza. Yari umusore akeye mu maso, afise amaso meza kandi w’akaranga.
Nuko Uhoraho aravuga ati: "Haguruka umusukeko amavuta; ni uwo nyene."
13 Maze Samweli yakira rya hembe ry’amavuta ayamusukako bakuru biwe babona, kandi kuva uwo musi n’inyuma y’aho Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi azananye ubushobozi. Nuko Samweli asubira i Rama.
14 Ico gihe, Mpwemu w’Uhoraho yari amaze kuva kuri Sawuli, maze impwemu mbi itumwe n’Uhoraho ikaza ikamubuza amahoro.
15 Abishikira ba Sawuli baragenda bamubwira bati: "Ehe raba impwemu mbi ivuye ku Mana irakubujije amahoro. 16 Reka, turondere umuntu ashobora kukuvugiriza inanga. Azoja arayivuza igihe cose iyo mpwemu mbi itumwe n’Imana igufashe, kandi kuva ako kanya uzoca umererwa neza."
17 Nuko Sawuli abwira abo bishikira biwe ati: "Ndonderera uwo muntu azi kuvuza neza inanga mumunzanire."
18 Umwe mu bakozi biwe aravuga ati: "Narabonye umwe muri bene Isayi w’i Betelehemu azi kuvuza inanga neza. Ni umuntu w’intwari, akerebutse w’umuhizi mu ntambara. Avuga neza, ni umunyakaranga kandi Uhoraho ari kumwe na we."
19 Nuko Sawuli arungika intumwa kwa Isayi amutumako ati: "Ndungikira umuhungu wawe Dawidi, aragira intama." 20 Nuko Isayi afata indogoba ayiremeka imikate, umukuza w’umuvinyu n’ishashi y’impene abirungikana umuhungu wiwe Dawidi kwa Sawuli.
21 Dawidi ashitse kwa Sawuli atangura kumukorera. Sawuli aramukunda cane, maze Dawidi aca aba umwe mu bamutwaza ibigwanisho. 22 Nuko Sawuli arungikira ubutumwa Isayi amubwira ati: "Unyememerere Dawidi agume ankorera, kuko arampimbara."
23 Igihe cose ya mpwemu yatumwe n’Imana yaza kuri Sawuli, Dawidi yaca afata inanga yiwe akayivuza. Maze Sawuli agaca amererwa neza, kandi iyo mpwemu na yo igaca imuvako.