1 Abafilisitiya bamaze gufata Isandugu y’Imana, bayikura i Ebenezeri bayijana i Ashidodi. 2 Batwara iyo Sandugu mu ngoro y’ikigirwamana Dagoni baca bayishira hambavu ya Dagoni. 3 Ariko, umusi ukurikira mu gitondo, abantu b’i Ashidodi, baravye babona ico kigirwamana Dagoni caguye cubamye hasi imbere ya ya Sandugu y’Uhoraho! Baca bafata ico kigirwamana Dagoni bagisubiza mu kibanza caco. 4 Bukeye mu gitondo bavyutse, babona ico kigirwamana Dagoni cubamye imbere y’Isandugu y’Uhoraho, umutwe waco n’ibikonjo vyaco vyacitse birambaraye mu rwinjiriro; umutumba waco usigaye uri wonyene. 5 Ni co gituma gushika n’ubu ata muherezi wa Dagoni canke uwundi muntu yinjira mu ngoro ya Dagoni iri i Ashidodi ashobora gukandagira mu rwinjiriro.
6 Ukuboko kw’Uhoraho kwari guhanamiye abantu b’i Ashidodi n’imihana ihakikije; kuko kwabateza ivyago n’ibihute. 7 Abantu b’i Ashidodi babonye ibibaye, baravuga bati: "Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntishobora kuguma hano muri twebwe, kuko ukuboko kwayo kugomba kuturandura twebwe n’imana yacu Dagoni." 8 Nuko batumako abatware bose b’Abafilisitiya barababaza bati: "Iyi Sandugu y’Imana y’Abisirayeli tuyigire dute?"
Na bo barabishura bati: "Iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli nimuyimurire i Gati." Nuko barayimura.
9 Ariko bamaze kuyimura, ukuboko kw’Uhoraho kubangamira abantu b’ico gisagara, bituma bacika ivutu rwose. Abantu b’ico gisagara, uhereye ku bakiri bato ukageza ku bashaje, bose baterwa n’ibihute. 10 Nuko baca barungika iyo Sandugu y’Imana i Ekuroni.
Ya sandugu igiseruka i Ekuroni, abantu baho bose bakoma induru bati: "Bazanye ya Sandugu y’Imana y’Abisirayeli muri twebwe kugira ngo itwicane n’abacu." 11 Nuko baca batumako abatware bose b’Abafilisitiya baravuga bati: "Nimwirukane iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli; muyisubize aho yahora, bitari uko na ho izotumara twebwe n’abantu bacu." Abantu bo muri ico gisagara bari bacitse ivutu rwose, kubera ubwoba, batinya gupfa; kuko ukuboko kw’Imana kwari kubangamiye ico gisagara. 12 Abatapfuye bafashwe n’ibihute birabasesereza cane, gushika aho amaborogo y’abo muri ico gisagara aduga agashika mw’ijuru.