Publicidade

1 Samuel 21

Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi

1 Dawidi aja i Nobu, kwa Ahimeleki umuherezi. Ahimeleki amubonye agira ubwoba arajugumira, aca amubaza ati: "Ko uri wenyene? Ni kuki ata n’umwe muri kumwe?"

2 Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi ati: "Umwami yantumye igikorwa aca ambwira ati: ‘Ntihagire umuntu n’umwe amenya ivyerekeye igikorwa ndagutumye.’ Abantu banje na bo nababwiye aho tuzohurira. 3 None ufise iki co kurya? Numpe imikate itanu canke ikindi cose woronka."

4 Ahimeleki yishura Dawidi ati: "Nta mukate usanzwe mfise; ariko, hano hari imikate yejejwe nshobora kuguha, nimba abagabo muri kumwe badaherutse kuryamana n’abagore babo."

5 Dawidi aramwishura ati: "Ntuhagarike umutima ku bw’ivyo. Igihe cose tuba dufise urugamba twama twirinda kuryamana n’abagore. Kandi ko bama bizigama ngo ntibiyanduze mu bihe bisanzwe, mbega ubu ntibarushiriza!" 6 Nuko wa muherezi amuha ya mikate ihezagiye, kuko ata yindi yariho, kiretse iyo mikate y’ishikanwa yari yakuwe imbere y’Uhoraho uwo musi nyene isubirizwa iyindi igishushe.

7 Ngaho nyene, hariho umusuku wa Sawuli yari yiriwe imbere y’Uhoraho; yitwa Dowegi Umunyedomu, akaba umukuru w’abungere ba Sawuli.

8 Dawidi abaza Ahimeleki ati: "Nta cumu woba ufise ngaha canke inkota? Sinazanye inkota yanje canke ikindi kigwanisho na kimwe, kuko ico umwami yari antumye cihutirwa cane."

9 Wa muherezi arishura ati: "Hari ya nkota ya Goliyati Umufilisitiya, umwe wicira mu kiyaya ca Ela; izingiriye mu mpuzu inyuma ya efodi. Niwaba uyigomba, yakire; kuko nta yindi nkota ihari atari iyo."

Dawidi aramwishura ati: "Nta yoza isumba iyo; yimpe!"

Dawidi aja i Gati

10 Kuri uwo musi Dawidi ahunga Sawuli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati. 11 Ariko abasuku ba Akishi baramubwira bati: "Uwu si Dawidi, umwami w’igihugu ca Isirayeli? Uwu si we baririmbiye batamba, bavuga ngo:

‘Sawuli yishe ibihumbi vyiwe,

Dawidi we yica ibihumbi incuro icumi’?"

12 Dawidi yumva ivyo bavuga vyose, aca agira ubwoba bwinshi atinya Akishi umwami w’i Gati. 13 Nuko aca yihindura nk’umusazi imbere yabo; akiri mu maboko yabo atangura kuvuga ibidahuye, no guharagura inzugi z’irembo no kurekereza inkonda mu bwanwa.

14 Akishi abwira abasuku biwe ati: "Raba uwu mugabo! Ni umusazi! Ni kuki mwamunzaniye? 15 Nari nkenye abasazi aho mumunzanira ngo akore ibintu nk’ivyo imbere yanje? Uwu nokwemera ko yinjira mu nzu yanje?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-