Publicidade

1 Samuel 19

Sawuli agerageza kwica Dawidi

1 Sawuli abwira umuhungu wiwe Yonatani na ba bishikira biwe ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani yarakunda cane Dawidi. 2 Aca aramugabisha ati: "Data Sawuli ariko ararondera akaryo ko kukwica. Nuko wirinde kandi ejo mu gitondo uze urabe aho winyegeza mu mirima ugumeyo. 3 Nanje nzosohokana na data duhagararane muri uwo murima aho uzoba uri. Nzovugana na we ivyawe hanyuma mpeze nkubwire uko ibintu bizoba bimeze."

4 Nuko Yonatani avuga neza Dawidi imbere ya Sawuli aramubwira ati: "Umwami ntakwiye gucumura ku mukozi wiwe Dawidi, nta kibi na kimwe aragukorera; kandi ivyo yakoze vyose vyakuzaniye inyungu ihambaye. 5 Yahevye ubuzima bwiwe igihe yica Goliyati. Uhoraho aha Abisirayeli bose intsinzi ikomeye, kandi warabibonye kandi vyarakunezereye. None ni iki gituma ugomba kwica umuntu nka Dawidi ata kibi yakugiriye kandi udafise igituma?"

6 Maze Sawuli yumviriza Yonatani aca ararahira ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Dawidi ntazokwicwa."

7 Nuko Yonatani ahamagara Dawidi amubwira ivy’ico kiyago vyose. Amuzana aho Sawuli ari, Dawidi asubira kubana na Sawuli nk’ubwa mbere.

8 Hanyuma intambara isubira kwaduka, Dawidi aja kugwanya Abafilisitiya. Arabagwanya kugeza aho bahunga imbere yiwe.

9 Ariko impwemu mbi itumwe n’Uhoraho iza kuri Sawuli aho yari yicaye mu nzu yiwe afise icumu mu minwe. Dawidi akivuza inanga, 10 Sawuli amutera rya cumu ariko Dawidi ararizibukira, rica ryinjira mu gihome. Kuri uwo musi Dawidi aca ahenga mw’ijoro arahunga.

11 Sawuli atuma abantu kwa Dawidi ngo bamuryamire maze bamwice mu gitondo bukeye. Ariko Mikali muka Dawidi aramuburira ati: "Niyo utahunga iri joro, ejo mu gitondo uzokwicwa." 12 Nuko Mikali acisha Dawidi mw’idirisha, aratoroka arahunga. 13 Maze Mikali afata ikigirwamana c’umuryango akirambika ku buriri, agipfukisha impuzu agishirako ubwoya bw’impene ku mutwe.

14 Sawuli atumye ba bantu ngo bafate Dawidi, Mikali aravuga ati: "Aragwaye."

15 Nuko Sawuli arongera arabatuma ngo basubire kuraba Dawidi ababwira ati: "Mumunzanire ari ku buriri aryamyeko kugira ngo ndamwice." 16 Ariko ba bantu binjiye, basangamwo ca kigirwamana, ku mutwe hariko ubwoya bw’impene.

17 Sawuli abwira Mikali ati: "Ni kuki wampenze nk’uko ugatuma umwansi wanje ancika agahunga?"

Mikali aramubwira ati: "Yambwiye ati: ‘Reka ngende. Ni iki cotuma nkwica?’ "

18 Dawidi amaze guhunga aca aja kwa Samweli i Rama amubwira ivyo Sawuli yamugiriye vyose. Maze baca baja i Nayoti bagumayo. 19 Umuntu araza abwira Sawuli ati: "Dawidi ari i Nayoti i Rama"; 20 Maze arungika abantu ngo bamufate. Ariko babonye umugwi w’abavugishwa bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ari we abarongoye, Mpwemu w’Imana aza kuri ba bantu ba Sawuli batangura kuvugishwa. 21 Babibwira Sawuli, maze arungika abandi, na bo baravugishwa. Sawuli arungika abandi ubwa gatatu, na bo baravugishwa. 22 Mu nyuma aba ari we yigira i Rama aca aja ku kinogo kibika amazi c’i Seku. Maze arabaza ati: "Samweli na Dawidi bari he?"

Baramwishura bati: "Bari i Nayoti i Rama."

23 Nuko Sawuli aja i Nayoti i Rama. Ariko Mpwemu w’Imana amuzako, agenda aravugishwa kugeza ashitse i Nayoti. 24 Aca yiyambura impuzu ziwe, avugishirizwa mu maso ya Samweli. Aguma gutyo yambaye ubusa ijoro n’umurango. Ni co gituma abantu babibonye babaza bati: "Mbega harya na Sawuli ari mu bavugishwa n’Imana?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-