1 Sawuli avuye kugwanya Abafilisitiya, bamubwira bati: "Dawidi ari mu bugaragwa bw’i Eni-Gedi." 2 Nuko atoranya abasoda b’indobanurwa ibihumbi bitatu bavuye mu Bisirayeli baja kurondera Dawidi n’abantu biwe i ruhande y’ibitandara vy’impene z’inyeshamba.
3 Ashitse ku mpongore z’intama zari i ruhande y’inzira; hari isenga, Sawuli aja kwihagarika muri ryo. Kandi Dawidi n’abantu biwe bari muri ryo imbere. 4 Ba bantu baravuga bati: "Uwu ni wa musi Uhoraho yavuga, igihe yakubwira ngo: ‘Nzogabura umwansi wawe mu maboko yawe ngo umugenze uko ushaka.’ " Nuko Dawidi arasoboka aca ipfundo ry’ikanzu ya Sawuli.
5 Hanyuma Dawidi yumva umutima umurega kuko yacacuye ipfundo ry’ikanzu yiwe. 6 Abwira abantu biwe ati: "Uhoraho andinde gukora ikintu nk’ico kuri databuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta, canke ngo ndamuramvurireko ukuboko; kuko ari uwasizwe amavuta n’Uhoraho." 7 Avuze ivyo aca abuza abantu biwe kugirira nabi Sawuli. Maze Sawuli ava muri rya senga aragenda.
8 Maze Dawidi arasohoka ava muri rya senga ahamagara Sawuli ati: "Nyakwubahwa mwami wanje!" Sawuli akebutse, Dawidi arunama ashikana umutwe hasi. 9 Abwira Sawuli ati: "Ni kuki wumva ivyo abantu bakubwira ngo: ‘Dawidi arondera kukugirira nabi’? 10 Ubwawe uriboneye uwu musi ko Uhoraho yari yakugabuye mu maboko yanje muri rirya senga. Hari abampanuye kukwica, ariko nakwirekeye; navuze nti: ‘sinzobangurira ukuboko databuja, kuko yasizwe amavuta n’Uhoraho.’ 11 Raba, muvyeyi wanje, ehe iri pfundo ry’ikanzu yawe mu kuboko kwanje! Nacacuye ipfundo ry’impuzu yawe ariko sinakwishe. Ubu rero tahura kandi umenye ko ata kimenyetso c’uko noba narakugiriye nabi canke nkakugarariza. Nta kibi nagukoreye, ariko uriko urampiga ngo unyice. 12 Uhoraho naducire urubanza. Kandi Uhoraho ampore ku bibi vyose wankoreye, ariko jewe sinzogukozako ukuboko kwanje. 13 Nk’uko baca umugani ngo: ‘Mu munyakibi havamwo ibikorwa bibi,’ ni co gituma ntazogukozako ukuboko kwanje.
14 Mbega umwami w’Abisirayeli yasohotse guhiga nde? Uriko urakurikira nde? Imbwa ipfuye? Imbaragasa? 15 Uhoraho naducire urubanza. Arabe iconkiza akinkorere; amburanire mu kunkura mu kuboko kwawe."
16 Dawidi ahejeje kuvuga ivyo Sawuli arabaza ati: "Ni wewe, ga mwana wanje Dawidi?" Araboroga cane. 17 Aravuga ati: "Urandushije kugororoka. Wangiriye neza, jewe nakugiriye nabi. 18 Uhejeje kumbwira ivyiza wankoreye; Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ariko ntiwanyishe. 19 Mbega umuntu afashe umwansi wiwe yomurekura atamugiriye nabi? Uhoraho aguhembere ivyo ungiriye uwu musi. 20 Ndazi ko utazogenda utabaye umwami kandi ko ubwami bw’Abisirayeli buzokomezwa n’amaboko yawe. 21 Ubu rero ndahira mw’izina ry’Uhoraho ko utazohonya uruvyaro rwanje canke ngo ufute izina ryanje mu muryango wa data."
22 Nuko Dawidi arahira Sawuli. Maze Sawuli asubira iwe, ariko Dawidi n’abantu biwe baduga kwinyegeza mu misozi.