Publicidade

1 Samuel 18

Sawuli agirira ishari Dawidi

1 Dawidi ahejeje kuvugana na Sawuli, Yonatani ahuza umutima wiwe n’uwa Dawidi, amukunda nk’uko yikunda. 2 Kuva ico gihe Sawuli aca agumya Dawidi ntiyasubira kumureka ngo asubire iwabo. 3 Maze Yonatani agirana isezerano na Dawidi kuko yamukunda nk’uko yikunda. 4 Yonatani yambura ikanzu yiwe yari yambaye ayiha Dawidi, umuha n’impuzu ziwe z’intambara, mbere n’inkota yiwe, n’umuheto n’umukanda vyose arabimuha.

5 Ico Sawuli yatuma Dawidi gukora cose, yaragikora kandi neza gushika aho Sawuli yamuhaye ikibanza kinini mu ngabo za Isirayeli. Ivyo bihimbara abantu bose, n’abakuru b’ingabo ba Sawuli.

6 Ingabo z’Abisirayeli igihe zariko zirataha Dawidi ahejeje kwica Goliyati, abagore bava mu bisagara vya Isirayeli baje guhura n’umwami Sawuli baza bavyina kandi batamba indirimbo z’umunezero bavuza utugoma n’ibindi bikoresho vyose bivuzwa mu kuririmba. 7 Bariko baravyina baririmba ngo:

"Sawuli yishe ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi incuro icumi."

8 Urwo ruririmbo rushavuza Sawuli cane. Ariyumvira ati: "Dawidi bamuharuriye ibihumbi cumi, ariko jewe ni ibihumbi gusa. Mbega igisigaye ni iki, atari kumuha ubwami?" 9 Kuva ico gihe Sawuli agirira ishari Dawidi akamuraba ijisho ribi.

10 Bukeye impwemu mbi itumwe n’Imana iza kuri Sawuli amera nk’uwuriko avugishwa ibintu ari mu nzu iwe, Dawidi na we ariko aravuza inanga, nk’uko yahora abikora. Sawuli yari afise icumu mu minwe 11 aca ararimutera, yibwira ati: "Ngomba ntobekeranye Dawidi afatane n’igihome." Ariko Dawidi ararizibukira kabiri kose.

12 Kuva ico gihe Sawuli aca atinya Dawidi, kuko yarabona ko Uhoraho ari kumwe na we, mugabo we akaba azi ko yamuhevye. 13 Maze arungika Dawidi kure yiwe amuha kuganza abasoda igihumbi. Dawidi akama ajana ingabo ku rugamba azigiye imbere. 14 Ivyo yakora vyose vyagenda neza, kuko Uhoraho yari kumwe na we. 15 Sawuli amaze kubona ko ivyo akora vyose bitera imbere, arushaho kumutinya. 16 Ariko Abisirayeli n’Abayuda bose bagakunda Dawidi, kuko yajana na bo ku rugamba abarongoye.

17 Sawuli abwira Dawidi ati: "Ng’uwu umukobwa wanje mukuru Merabi. Ndamugushingira; ariko ubanze unkorere ushizeko umwete, ugwane intambara z’Uhoraho." Vyatumwa n’uko Sawuli yibwira mu mutima ati: "Singomba kumukozako ukuboko ngo ndamwice, reka Abafilisitiya abe ari bo bamwica!"

18 Ariko Dawidi yishura Sawuli ati: "Mbega jewe ndi iki canke umuryango wa data mu Bisirayeli, aho noba umukwe w’umwami?" 19 Maze igihe kigeze ko Merabi umukobwa wa Sawuli ashingirwa Dawidi, ahabwa Adiriyeli w’i Mehola.

20 Maze Mikali umukobwa wa Sawuli akunda Dawidi, bamaze kubibwira Sawuli, aranezerwa. 21 Ariyumvira ati: "Nzomumuha, maze amubere umutego kugira ngo aze agwe mu maboko y’Abafilisitiya." Nuko Sawuli abwira Dawidi ati: "Uronse akandi karyo ka kabiri ko kuba umukwe w’umwami."

22 Nuko Sawuli avugana n’abishikira biwe ati: "Muvugane na Dawidi mw’ibanga mumubwire muti: ‘Umwami arakunezererwa, kandi n’abishikira biwe twese turagukunda; none rero niwemere ube umukwe wiwe.’ "

23 Babwira Dawidi ayo majambo. Ariko Dawidi abishura ati: "Mbega mwibaza ko ari ikintu coroshe kuronka inkwano no kuba umukwe w’umwami? Jewe ndi umukene kandi nta co maze."

24 Ba bishikira ba Sawuli bamubwiye ivyo Dawidi yavuze, 25 Sawuli arishura ati: "Mubwire Dawidi muti: ‘Umwami ntashaka inkwano n’imwe yindi atari udukoba tw’ibitsina gabo vy’Abafilisitiya ijana, kugira ngo yihore abansi biwe.’ " Mu mugambi wa Sawuli kwari ukugira ngo Dawidi ahitanwe n’Abafilisitiya.

26 Ba bakozi bamaze kubwira Dawidi ivyo vyose, aca aremera kuba umukwe w’umwami. Nuko imbere y’uko igihe yahawe gihera, 27 Dawidi n’abantu biwe baragenda bica Abafilisitiya amajana abiri. Aca azana igitigiri gikwiye ca twa dukoba tw’Abafilisitiya abiha umwami kugira ngo ashobore kuba umukwe w’umwami. Maze Sawuli aca amushingira umukobwa wiwe Mikali.

28 Sawuli abonye ko Uhoraho ari kumwe na Dawidi, kandi ko umukobwa wiwe Mikali amukunda, 29 Sawuli aca arushaho gutinya Dawidi, hanyuma aca amugira umwansi wiwe mu misi yose yari ashigaje kubaho.

30 Abakuru b’ingabo z’Abafilisitiya bashishikara gutera Isirayeli, kandi igihe cose batera, Dawidi yama abanesha akarusha abandi bakuru b’ingabo bose ba Sawuli, maze izina ryiwe riba rurangiranwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-