Publicidade

1 Samuel 10

1 Nuko Samweli yugurura agacupa karimwo amavuta ya elayo, ayasuka ku mutwe wa Sawuli aca aramusoma, avuga ati: "Uhoraho akurobanuje amavuta ngo ube umurongozi w’ubwoko bwiwe. 2 Uno musi nyene, tumaze gutandukana, uraza guhura n’abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli, iri i Zeluza ku rubibe rw’intara ya Benyamini. Na bo baraja kukubwira bati: ‘Za ndogoba mwari mwagiye kurondera zaratowe. Ubu so ntagihagaritswe umutima na zo, ahubwo ahagaritswe umutima na mwebwe. Aguma abaza ico yokora kugira ngo atore umuhungu wiwe.’

3 Hanyuma uvuye ngaho ukabandanya uzoshikira igiti kinini kiri i Tabori. Uzohura n’abagabo batatu bazoba bariko baraduga i Beteli gusenga Imana. Umwe azoba afise imyagazi y’impene itatu, uwundi imikate itatu, uwundi umukuza ukozwe mu rusato urimwo umuvinyu. 4 Bazokuramutsa baguhe imikate ibiri, kandi uze uyakire.

5 Hanyuma uzoshika i Gibeya hitwa ah’Imana, ahari ikambi y’Abafilisitiya. Uri hafi gushika mu gisagara, uzohura n’umugwi w’abavugishwa bavuye ku musozi ahari ikibanza co gusengeramwo, bazoba bafise inanga, udushako tw’ingoma, imyironge n’amakembe, kandi abari imbere yabo bazoba bagenda barabivuza, bongera baravugishwa. 6 Mpwemu w’Uhoraho azoca akuzako mu bushobozi, nawe uvugishwe hamwe na bo; kandi uzoca uhinduka ube uwundi muntu. 7 Ivyo bimenyetso vyose nivyashika, uzoce ukora ikintu cose amaboko yawe ashobora gukora, kuko Imana izoba iri kumwe nawe.

8 Kandi uze unyitangire imbere kuja i Gilugali. Nanje nzogusangayo nje gutanga ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ivy’ishimwe, ariko uze urindire imisi indwi gushika aho nzozira kugira ngo ndakubwire ibindi ukwiye gukora."

Sawuli aba umwami

9 Sawuli ahindukiye ngo atandukane na Samweli, Imana ihindura umutima wiwe, kandi ivyo bimenyetso vyose bishika kuri uwo musi nyene. 10 Sawuli na wa mukozi wiwe bashitse i Gibeya, bahura n’umugwi w’abavugishwa; Mpwemu w’Imana amuzako mu nkomezi, na we atangura kuvugishwa hamwe na bo. 11 Abari basanzwe bamuzi bamubonye avugishwa hamwe na ba bavugishwa, barabazanya bati: "Mbega ibi ni ibiki vyabaye kuri mwene Kishi? Mbega burya Sawuli na we yari asanzwe ari mu mugwi w’abavugishwa n’Imana?"

12 Umwe mu bari ngaho aca arabishura avuga ati: "Mbega abandi bo, ba se ni ba nde?" Ni ho havuye uwu mugani ngo: "Mbega burya na Sawuli nyene arimwo mu bavugishwa?" 13 Sawuli ahejeje kuvugishwa, aca aduga kuri wa musozi wo gusengerako.

14 Maze sewabo wa Sawuli abaza Sawuli na wa mukozi wiwe ati: "Mwahora he?"

Sawuli amwishura ati: "Twari twagiye kurondera za ndogoba, ariko tubonye ko tudashoboye kuzibona, twaciye tuja kwa Samweli kumusiguza."

15 Sewabo aca aramubwira ati: "Mbwira rero ivyo Samweli yakubariye."

16 Sawuli yishura sewabo ati: "Yaratumenyesheje ko indogoba zatowe." Ariko ntiyabwira sewabo ivyo Samweli yavuze bijanye no kuba umwami.

17 Nuko Samweli ahamagaza Abisirayeli bose ngo bakoranire imbere y’Uhoraho i Misipa 18 hanyuma arababwira ati: "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Abisirayeli nabazanye ndabakuye mu gihugu ca Egiputa, ndabakura mu bubasha bw’Abanyegiputa n’ubw’abandi bami babacinyiza.’ 19 Ariko mwateye ibitugu Imana yanyu, kandi ari yo ibakiza ivyago n’ibiza vyose. Hanyuma mwavuze muti: ‘Oya, duhe umwami wo kutuganza.’ Nuko rero nimuze muhagarare imbere y’Uhoraho uko imiryango n’amazu ya ba sogokuruza banyu biri."

20 Maze Samweli amaze kwegeranya imiryango yose y’Abisirayeli, umuryango wa Benyamini aba ari wo werekanwa n’ubupfindo. 21 Nuko azana umuryango wa Benyamini uko amazu ya ba sekuruza ari, inzu ya Matirite aba ari yo yerekanwa. Mu nyuma Sawuli mwene Kishi aba ari we yerekanwa. Ariko bamurondeye, ntiyaboneka. 22 Nuko basiguza Uhoraho bati: "Mbega uwo muntu yoba araza hano?"

Uhoraho aravuga ati: "Egome, yinyegeje mu mizigo."

23 Nuko baragenda bamukurayo, kandi ahagaze mu bantu akabaruta mu burebure bose. 24 Samweli abwira abantu ati: "Murabona umuntu Uhoraho yatoranije? Nta n’umwe ameze nka we mu bantu bose."

Nuko abantu bose biha akamo bati: "Umwami arakaramba!"

25 Samweli asigurira abantu ivyo umwami asabwa gukora n’ivyo akorerwa, aca avyandika mu gitabu agishira imbere y’Uhoraho. Nuko Samweli arungika abantu, umwe wese ataha iwe.

26 Na Sawuli ataha iwe i Gibeya, aherekejwe n’abahizi Imana yakoze ku mitima. 27 Ariko abantu b’imburakimazi baravuga bati: "Uwu mugabo yodukiza gute?" Baramukengera ntibamuzanira amashikanwa. Ariko Sawuli arinumira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-