1 Mu nyuma, Bowazi aduga kw’irembo ry’igisagara yicaraho. Wa mucunguzi yari yavuze ahaciye, Bowazi aravuga ati: "Ingo, mugenzi, wicare hano." Nuko aragenda aricara.
2 Bowazi aca ahamagara icumi mu bakuru b’igisagara aravuga ati: "Nimwicare hano," na bo baricara. 3 Maze abwira wa mucunguzi ati: "Nawomi, umwe yagaruka avuye i Mowabu, ariko aragurisha igice c’itongo ryari irya mwenewacu Elimeleki. 4 Niyumviriye kubikumenyesha kugira ngo urigure imbere y’aba bicaye hano n’imbere y’aba bakuru b’ubwoko bwacu. Niwaba ushaka kuricungura, ubikore. Ariko niwaba udashaka, ubimbwire, ndabimenye. Kuko ata n’umwe afise uburenganzira bwo kubikora atari wewe, jewe nza inyuma yawe."
Na we avuga ati: "Nzoricungura."
5 Bowazi na we aravuga ati: "Ku musi uzogurirako iryo tongo rya Nawomi, uzoca utwara na Rusi wa Munyamowabukazi, umupfakazi w’umuhisi, kugira ngo tuzigame izina ry’umuhisi n’itongo ryiwe."
6 Yumvise ivyo, wa mucunguzi aravuga ati: "Aho rero sinshobora kuricungura kuko vyohava bintera ingorane ku bw’itongo ryanje bwite. Ba ari wewe uricungura. Jewe sinshobora kubikora."
7 Muri ico gihe muri Isirayeli, kugira ngo umuntu yerekane ko ahaye uwundi uburenganzira bwo gucungura canke kugura, yakura ikirato ciwe akagiha uwo wundi. Ico ni co cemeza ku mugaragaro ukwo gutanga uburenganzira.
8 Nuko wa mucunguzi abwira Bowazi ati: "Nabe ari wewe urigura." Akura ikirato ciwe.
9 Maze Bowazi abwira ba bakuru n’abantu bose bari aho ati: "Uno musi mubaye ivyabona ko nguze na Nawomi itongo rya Elimeleki, Kiliyoni na Mahiloni. 10 Kandi nakiriye na Rusi Umunyamowabukazi, umupfakazi wa Mahiloni, nk’umugore wanje, kugira ngo mponore izina ry’uwapfuye n’itongo ryiwe, izina ryiwe ntirizimangane mu muryango wiwe canke mu gisagara avukamwo. Uwu musi mubaye ivyabona!"
11 Nuko ba bakuru n’abari kw’irembo baravuga bati: "Turi ivyabona. Uhoraho aze agire uwo mugore aje mu nzu yawe nka Rasheli na Leya, abo imiryango yose ya Isirayeli yakomotseko. Uze ugire igihagararo muri Efurata ube rurangiranwa i Betelehemu. 12 Umuryango wawe uzobe nk’uwa Perezi, uwo Yuda yavyaye kuri Tamari, biciye mu ruvyaro Uhoraho azoguha kuri uwu mugore akiri muto."
13 Nuko Bowazi atwara Rusi, aba umugore wiwe. Maze aryamana na we, Uhoraho amuha gusama inda, avyara umwana w’umuhungu. 14 Abagore babwira Nawomi bati: "Uhoraho ahimbazwe, atakuretse ngo ubure uwo kugucungura uwu musi. Izina ry’uwu mwana rize ribe rurangiranwa muri Isirayeli! 15 Azotuma ubuzima bwawe butotahara kandi agushigikire ugeze mu zabukuru. Kuko umukazana wawe, umwe agukunda kandi akurutira abahungu indwi, ari we yamuvyaye."
16 Maze Nawomi atora wa mwana, aramukikira amushira mu gikiriza, aba ari we amurera. 17 Abagore babana na we baravuga bati: "Nawomi yaronse umuhungu." Nuko bamwita Obedi. Ni we yabaye se wa Isayi, Isayi se wa Dawidi.
18 Uwu, rero, ni wo muryango wa Perezi:
Perezi yavyaye Hezironi,
19 Hezironi avyara Ramu,
Ramu avyara Aminadabu,
20 Aminadabu avyara Nahashoni,
Nahashoni avyara Salumoni,
21 Salumoni avyara Bowazi,
Bowazi avyara Obedi,
22 Obedi avyara Isayi,
Isayi na we avyara Dawidi.