1 Nawomi yari afise incuti ku ruhande rw’umugabo wiwe, umugabo yari atunze kandi w’umwubahwa wo mu muryango wa Elimeleki, yitwa Bowazi.
2 Umusi umwe Rusi wa Munyamowabukazi abwira Nawomi ati: "Nyemerera nje mu mirima ntoratore ingano zakorotse inyuma y’umuntu wese aza kundaba ijisho ryiza."
Nawomi aramubwira ati: "Genda mwana wanje." 3 Nuko aragenda atangura gutoratora ingano zasigaye mu mirima inyuma y’abimbuzi. Maze birahurirana asanga ariko atoratora mu murima wa Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.
4 Maze Bowazi aca arashika avuye i Betelehemu, aramutsa abimbuzi ati: "Uhoraho abane namwe!" Baramwishura bati: "Uhoraho aguhe umugisha!"
5 Bowazi abaza umukozi yari ajejwe abimbuzi ati: "Urya mukobwa ni uwa nde?"
6 Uwo mukozi aramwishura ati: "Ni wa Munyamowabukazi yazanana na Nawomi bavuye i Mowabu. 7 Yaje asaba ati: ‘Ndabinginze mundeke ntoratore utwasigaye hagati y’imikama inyuma y’abimbuzi.’ Yaje mu murima kuva mu gitondo kandi gushika n’ubu ntarahagarika gukora, uretse akanya gato yicaye mu gitutu ngo aruhuke."
8 Nuko Bowazi abwira Rusi ati: "Mukobwa wanje, nyumviriza. Ntuze uje gutoratora ingano mu wundi murima kandi ntuze uje kure y’aha. Uze ugumane n’abakobwa bankorera. 9 Uze urabe umurima abimbuzi banje bariko barimburamwo, hanyuma ugende ukurikira abakobwa bankorera. Nihanije abakozi ngo ntihagire uwugukorako. Kandi unyotewe, uzoce ugenda wihe amazi yo kunywa ku mibindi abakozi bavomye."
10 Amubwiye ivyo, Rusi aca aramwunamira, amubwira ati: "Ni igiki gitumye ngirirwa ubuntu imbere yawe ngo unyiteho, jewe umunyamahangakazi?"
11 Bowazi aramwishura ati: "Barambwiye ivyo wakoreye nyokobukwe vyose kuva umugabo wawe apfuye, ko wahevye so na nyoko n’igihugu c’amavukiro ukaza kuba mu bantu utigeze umenya. 12 Uhoraho, Imana ya Isirayeli, uwo waje guhungira musi y’amababa, aze aguhembere ivyo wakoze. Uhoraho aze akwishure birushirije."
13 Rusi aramubwira ati: "Icompa ngashishikara kugirirwa ubuntu imbere yawe, Nyakwubahwa. Urandemesheje kandi umbwiye amajambo meza jewe umusavyikazi wawe, naho ntari mpwanye n’umwe mu bakobwa bagukorera."
14 Hageze gufungura, Bowazi aramubwira ati: "Ingo hano. Niwakire umukate ukoze mu muvinyu w’inkarisha."
Maze yicaye hamwe n’abimbuzi, amuha intete zikaranze. Ararya arahaga kandi aranasigaza. 15 Ahagurutse ngo atoratore ingano zakorotse, Bowazi ategeka abimbuzi biwe ati: "Naho yotoratora hagati y’imikama, ntimumugore. 16 Ahubwo, muze murakororera hasi ingano zimwe kugira ngo azitoratore, kandi ntimumukarire."
17 Nuko Rusi atorora ingano muri uwo murima gushika ku mugoroba. Asekuye izo yegeranije, akwiza ingero efa. 18 Araheza azijana mu gisagara, maze inabukwe abona ingene yegeranije ingano nyinshi. Kandi Rusi arongera asokorora ivyo yari yashigaje ahejeje gufungura agahaga, arabimuha.
19 Inabukwe aramubaza ati: "Mbega watoratoye he uwu musi? Wakoreye he? Uwo mugabo yakwitayeho aragahezagirwa!"
Maze Rusi abwira inabukwe nyene aho hantu yakoreye. Aravuga ati: "Izina ry’uwo mugabo nyene umurima nakoreyemwo uno musi ni Bowazi."
20 Nawomi abwira umukazana wiwe ati: "Uhoraho amuhezagire. Ntiyigeze ahagarika kugirira neza twebwe abazima n’abahisi." Arongerako ati: "Urya mugabo ni incuti yacu ya hafi; ni umwe mu bacunguzi bacu."
21 Maze Rusi Umunyamowabukazi aravuga ati: "Kandi yambwiye ngo: ‘Uze ugumane n’abakozi banje kugeza bahejeje kwegeranya umwimbu wanje wose.’ "
22 Nawomi abwira Rusi umukazana wiwe ati: "Bizokubera vyiza, mukobwa wanje, kujana n’abakobwa bamukorera, kuko ugiye mu murima w’uwundi muntu wohava ugira ingorane."
23 Nuko Rusi aguma hafi y’abakobwa bakorera Bowazi atorora gushika iyimbura rya sayiri n’ingano rirangiye. Kandi ico gihe yabana na inabukwe.