Publicidade

Rute 1

Nawomi na Rusi

1 Mu gihe Abisirayeli baganzwa n’abacamanza, hateye inzara mu gihugu, maze umugabo umwe w’i Betelehemu mu karere ka Yuda, hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri, baja kuba baraba mu gihugu c’i Mowabu. 2 Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Abo bari Abanyefurata baba i Betelehemu, mu karere ka Yuda. Nuko baja i Mowabu babayo.

3 Haheze igihe, Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa, Nawomi asigarana n’abahungu biwe babiri. 4 Mu nyuma abo bahungu barongora Abanyamowabukazi, umwe yitwa Orupa uwundi akitwa Rusi. Bamazeyo nk’imyaka icumi, 5 Mahiloni na Kiliyoni na bo nyene barapfa. Nawomi asigara wenyene abahungu biwe bompi n’umugabo wiwe bamaze gupfa.

Rusi afata ingingo yo kugumana na Nawomi

6 Nawomi akiri i Mowabu yumva ko Uhoraho yatabaye abantu biwe akabarungikira ivyokurya. Nuko yitegura gusubira mu gihugu ciwe hamwe n’abakazana biwe. 7 Ava aho yaba ari kumwe n’abakazana biwe bafata inzira isubira mu karere ka Yuda.

8 Ariko Nawomi abwira abakazana biwe ati: "Nimwisubirire inyuma, umwe wese aje mu nzu kwa nyina. Uhoraho aze abagirire neza nk’uko mwatugiriye twe n’abahisi. 9 Uhoraho aze abahe impore mu ngo muzoja kwubakamwo."

Nuko arabagumbira arabasezera, bose bararira cane, 10 baca baramubwira bati: "Turajana nawe mu bwoko bw’iwanyu."

11 Ariko Nawomi arababwira ati: "Nimwisubirire iwanyu, bakobwa banje. Ni igiki cotuma mujana nanje? Mbega nzosubira kuvyara abandi bahungu, ngo bababere abagabo? 12 Nimwitahire iwanyu, bakobwa banje; kuko ndashaje cane nta mugabo wundi nkironka. Naho nokwiyumvira ko ngifise ibindi vyizigiro vyo kuronka umugabo iri joro nyene nkavyara abahungu, 13 mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka kurongorwa mubarindiriye? Oya ntivyokunda, bakobwa banje. Ivyanje ni umururazi kurusha ivyanyu, kuko Uhoraho ubwiwe yambanguriye ukuboko kwiwe!"

14 Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.

15 Nawomi abwira Rusi ati: "Raba mugenzawe arisubiriye mu b’iwabo no ku mana ziwe. Ehe jana na we."

16 Ariko Rusi aramwishura ati: "Reka kunyingingira kuvana nawe canke gusubira inyuma ngo ndaguhebe. Aho uzoja ni ho nzoja, aho uzoba ni ho nzoba. Ihanga ryawe ni ryo rizoba ihanga ryanje kandi Imana yawe ni yo izoba Imana yanje. 17 Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho bazompamba. Uhoraho aze abimpanire, mbere birushirije, nihagira ikintandukanya na wewe atari urupfu." 18 Nawomi amaze kubona ko Rusi yafashe ingingo ntabanduka yo kujana na we, ntiyasubira kumwinginga.

19 Abo bagore uko ari babiri baragenda gushika bashitse i Betelehemu. Bahashitse, abo mu gisagara bose bazira rimwe kubaraba. Abagore baho baravuga bati: "Mbega uwu si Nawomi?"

20 Na we arababwira ati: "Ntimunyite Nawomi, munyite Mara, kuko Iyishoboravyose yahinduye ubuzima bwanje umururazi ukomeye. 21 Nkigenda nta co nari nkenye, ariko Uhoraho angarukanye ata kintu na kimwe mfise. None ni igiki cotuma munyita Nawomi? Uhoraho yanteje amagorwa; Iyishoboravyose yanteje ivyago."

22 Nuko Nawomi agaruka avuye i Mowabu ari kumwe n’umukazana wiwe Rusi, Umunyamowabukazi, bashika i Betelehemu mu gihe iyimbura ry’ingano ryari ritanguye.

Veja também

Publicidade
Rute
Ver todos os capítulos de Rute
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-