Publicidade

Rute 3

Rusi na Bowazi ku mbuga yo kugosorerako

1 Umusi umwe Nawomi, inabukwe wa Rusi, aramubwira ati: "Mukobwa wanje, ntegerezwa kukuronderera urugo, ahantu uzoshobora kuronka ibigutunga. 2 Bowazi, shebuja wa barya bakobwa mwakorana, ni umucunguzi wacu. Muri iri joro ahava aja kugosoza sayiri ku mbuga yo kugosorerako. 3 Niwiyuhagire maze wisige, uheze wambare agahuzu keza kurusha izindi. Maze umanuke ku mbuga, ariko ntamenye ko ari ho uri kugeza ahejeje kurya no kunywa. 4 Niyaryama, urabe neza ahantu aryamye. Hanyuma uce ugenda umupfukure ibirenge vyiwe uce uryama. Azoheza akubwire ico ukwiye gukora."

5 Rusi arishura ati: "Ndakora ivyo umbwiye vyose." 6 Nuko aramanuka aja ku mbuga yo kugosorerako akora ivyo inabukwe yamubwiye gukora vyose.

7 Maze Bowazi ahejeje kurya no kunywa ahaze, aca aja kuryama i ruhande y’ikigunguzi c’imikama ya sayiri. Rusi aramwegera mu gacerere, apfukura ibirenge vyiwe araryama. 8 Ijoro rigeze hagati, sinzi icakomye uwo mugabo, arihindukiza maze asanga hari umugore aryamye ku birenge vyiwe.

9 Arabaza ati: "Uri nde?"

Aravuga ati: "Ndi umuguranokazi wawe Rusi. Numpfuke igice co hepfo c’impuzu yawe, kuko uri umucunguzi w’umuryango wanje."

10 Arishura ati: "Uhoraho aguhezagire, mukobwa wanje. Ugize neza gusumba n’ubwa mbere: ntiwakurikiye abagabo bakiri bato, baba abatunze canke abakenye. 11 None rero, mukobwa wanje, ntutinye. Nzokora ivyo wasavye vyose. Abagabo bagenzanje bo mu gisagara bose barazi ko uri umugore w’imico myiza. 12 Naho vy’ukuri ndi umucunguzi, hari umucunguzi andusha kuba uwa hafi. 13 Guma ngaha iri joro, maze mu gitondo niyashima kugucungura, bizoba ari vyiza; azogucungura. Ariko niyo atabishima, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho jewe nzobikora. Ryama ngaha gushika mu gitondo."

14 Nuko aca aryama hafi y’ibirenge vyiwe gushika mu gitondo ca kare hatarabona neza, ata muntu yoshobora kumenya uwundi; maze Bowazi aramubwira ati: "Ntihaze hagire uwumenya ko hari umugore yaje ku mbuga yo kugosorerako."

15 Arongera aramubwira ati: "Tega uwo mwitero wambaye uwugumye." Rusi abigira nk’uko amubwiye, maze asukamwo ingero zitandatu za sayiri aramukorera. Aca asubira mu gisagara.

16 Rusi ashitse aho inabukwe ari, Nawomi aramubaza ati: "Vyagenze gute, ga mukobwa wanje?"

Nuko Rusi amudondera ivyo Bowazi yamukoreye vyose 17 kandi arongerako ati: "Yampaye izi ngero zitandatu za sayiri, arambwira ati: ‘Ntuje kwa nyokobukwe iminwe misa.’ "

18 Maze Nawomi aravuga ati: "Rindira, mukobwa wanje, gushika aho umenyera iyo biherera. Kuko uwo mugabo ataza kuruhuka adatunganije iki kibazo uwu musi."

Veja também

Publicidade
Rute
Ver todos os capítulos de Rute
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-