Publicidade

Juízes 21

Baronderera abagore Ababenyamini

1 Igihe Abisirayeli bari bahuriye i Misipa bagira baje kugwanya Ababenyamini, bari barahiye bati: "Nta n’umwe wo muri twebwe azoshingira umukobwa wiwe Ababenyamini."

2 Inyuma y’intambara n’Ababenyamini, abantu bose baca bahurira i Beteli, bicara imbere y’Imana gushika ku mugoroba, baborogana umubabaro mwinshi, 3 bavuga bati: "Uhoraho, Mana ya Isirayeli, ni kubera iki ibi vyashikiye Isirayeli, bituma umuryango umwe uzimangana muri Isirayeli?"

4 Bukeye mu gatondo ka kare, abantu bubaka igicaniro bashikana ibimazi bituriwe hamwe n’ibimazi vy’ishimwe.

5 Abisirayeli baca barabaza bati: "Ni nde wo mu miryango ya Isirayeli atari kumwe natwe i Misipa aho twakoranira imbere y’Uhoraho?" Babajije gutyo kubera bari barahiriye imbere y’Uhoraho ko uwutazokwifatanya na bo azokwicwa.

6 Maze Abisirayeli bagandarira benewabo ari bo Babenyamini, bavuga bati: "Uno musi umwe mu miryango ya Isirayeli wazimanganye. 7 None abacitse kw’icumu tuzobakwera abagore gute ko twarahiriye imbere y’Uhoraho ko ata mukobwa wacu tuzobashingira?" 8 Barabaza bati: "Nta muryango wo mu Bisirayeli utakoraniye hamwe natwe imbere y’Uhoraho i Misipa?" Basanga nta n’umwe w’i Yabeshi Gileyadi yaje muri iryo koraniro. 9 Kuko bamaze guharura abari bahari bose, basanze ata wo muri Yabeshi Gileyadi yari ngaho.

10 Ikoraniro rica rigena abasoda ibihumbi cumi na bibiri bamenyereye intambara, ngo baje i Yabeshi Gileyadi, bicishe inkota ababayo bose, harimwo abagore n’abana 11 Bababwira bati: "Uku abe ari ko muzobagenza: muzotikize abagabo n’abahungu bose, hamwe n’abagore bose batakiri inkumi." 12 Baca basanga mu baba i Yabeshi Gileyadi harimwo inkumi amajana ane batararyamana n’abagabo, baca babatwara mw’ikambi i Shilo muri Kanani.

13 Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rica rirungika intumwa ku masigarira y’Ababenyamini bari ku gitandara c’i Rimoni kubabwira ko bashaka ko babana amahoro. 14 Nuko Ababenyamini basubira iwabo, bahabwa za nkumi z’i Yabeshi Gileyadi zari zazigurijwe. Ariko ntibabakwiye.

15 Abantu bose bagira umubabaro mwinshi ku bw’Ababenyamini kuko Uhoraho yari yaciye igihengeri mu miryango ya Isirayeli. 16 Abari barongoye ikoraniro baravuga bati: "Mbega abagabo basigaye bo muri bene Benyamini tuzobaha abagore dukuye he ko abagore bose bo mu muryango wa Benyamini bapfuye?" 17 Barongera bati: "Amasigarira yo mu muryango wa Benyamini ategerezwa kuronka abagore kugira ngo uwo muryango wa Isirayeli ntuzimangane ibihe vyose. 18 Ntidushobora kubaha abakobwa bacu kuko twarahiye tuti: ‘Azoba avumwe umuntu azoshingira umukobwa wiwe ku muntu wo mu muryango wa Benyamini.’ 19 Baravugana bati: Ehe raba, hariho isabukuru y’Uhoraho uko umwaka uheze ibera i Shilo, mu buraruko bwa Beteli no hakuno y’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, hamwe no mu bumanuko bwa Lebona."

20 Baca babwira abo mu muryango wa Benyamini bati: "Muzogende mwinyegeze mu mizabibu, 21 nimwabona abakobwa b’i Shilo bakoranye ngo batangure gutamba, muzoce muva mu mizabibu, umwe wese acakire umukobwa umwe amutware mu ntara ya Benyamini abe umugore wiwe. 22 Ba se babo canke basaza babo nibatwitwarako tuzobabwira tuti: ‘Nimutugirire ubuntu mubafashe, kuko tutashoboye kubaha abagore muri ya ntambara. Mwebwe nta co mwagirizwa kuko si mwebwe mwabashingiyeko abakobwa banyu.’ "

23 Ababenyamini babikora uko babibwiwe. Mu gihe abakobwa bariko baratamba, umwe wese aca asumira umukobwa umwe aramutwara ngo abe umugore wiwe. Baca basubira mu ntara yabo, basubira kwubaka ibisagara, babibamwo.

24 Inyuma y’ivyo Abisirayeli baca basubira inyuma bamwebamwe bose mu miryango yabo, baja mu ntara zabo.

25 Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise, umuntu wese yakora ibintu uko avyumva.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_12-43-22-