Publicidade

Juízes 10

Tola

1 Inyuma ya Abimeleki, umuntu wo mu muryango wa Isakari, yitwa Tola mwene Puwa, umwuzukuru wa Dodo, arahaguruka arokora Isirayeli. Yaba i Shamiri, mu karere k’imisozi ka Efurayimu. 2 Arongora Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’itatu, hanyuma arapfa, ahambwa i Shamiri.

Yayiro

3 Tora yakurikiwe na Yayiro w’i Gileyadi, yarongoye Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri. 4 Yari afise abahungu mirongo itatu, n’indogoba mirongo itatu yagenderako, kandi yaganza n’ibisagara mirongo itatu mu ntara ya Gileyadi. Ivyo bisagara biracitwa ibisagara vya Yayiro gushika n’ubu. 5 Yayiro apfuye, yahambwe i Kamoni.

Yefuta

6 Isirayeli isubira gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe. Bakorera Bayali na Ashitaroti n’izindi mana zo muri Aramu, i Sidoni, i Mowabu, muri Amoni n’iz’Abafilisitiya. Bava k’Uhoraho, ntibaba bakimukorera na gatoya. 7 Uburake bw’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abarekurira mu maboko y’Abafilisitiya n’Abamoni, 8 batangura kubacinyiza uwo mwaka nyene. Bamara imyaka icumi n’umunani batwaza umukazo Abisirayeli baba mu buseruko bwa Yorodani, mu ntara y’Abamori ari yo Gileyadi. 9 Abamoni na bo nyene bajabuka Yorodani baja gutera umuryango wa Yuda, uwa Benyamini n’uwa Efurayimu; Abisirayeli bari mu gatengo gahambaye. 10 Maze Abisirayeli baririra Uhoraho bavuga bati: "Twaragucumuyeko, kuko twagutaye ari wewe Mana yacu, tugakorera za Bayali."

11 Uhoraho arabishura ati: "Igihe Abanyegiputa, Abamori, Abamoni, Abafilisitiya, 12 Abanyesidoni, Abamaleki n’Abamawoni babacinyiza, ntimwandiriye nkabatabara? Sinabarokoye mu maboko yabo? 13 Ariko mwarantaye mukorera izindi mana. None rero singisubira kubarokora. 14 Nimugende muririre ziriya mana zindi mwahisemwo. Nizibe ari zo zibatabara mu marushwa yanyu!"

15 Ariko Abisirayeli babarira Uhoraho bati: "Twaracumuye. Duhane uko ubigomvye ariko upfe kudukiza uwu musi." 16 Baca bakura imana z’inyamahanga muri bo, bakorera Uhoraho. Uhoraho ntiyaba agishobora kwihanganira amagorwa y’Abisirayeli.

17 Igihe Abamoni bari bakoraniye i Gileyadi ngo baje mu ntambara, Abisirayeli na bo bari bakoraniye i Misipa. 18 Abarongozi b’i Gileyadi babwirana bati: "Uwuza gutera Abamoni ubwa mbere ni we azoca aba umurongozi w’Abagileyadi."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_12-43-22-