1 Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise.
Hariho Umulewi yaba kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu. Umusi umwe akura umugore i Betelehemu h’i Buyuda amuzana i muhira nk’umugore wa kabiri. 2 Ariko uwo mugore ntiyemera kugumana na we, asubira iwabo kwa se i Betelehemu. 3 Haciye amezi ane, umugabo wiwe afata ingingo yo kuja kumugarukana. Agenda ajanye umukozi wiwe n’indogoba zibiri. Wa mugore aramwakira, amushikana mu nzu kwa se. Se amubonye amwakirana urweze. 4 Sebukwe aramugobera aguma ngaho gato, na we ahamara imisi itatu, asangira na bo, aryama ngaho.
5 Ku musi ugira kane bazinduka kare, baritegura ngo bagende, ariko sebukwe aramubwira ati: "Banza ufungure hanyuma muheze mugende." 6 Nuko bompi baricara, bararya, baranywa. Hanyuma se w’umukobwa amubwira ati: "Ndakwingize usubire urare, unezereze umutima wawe." 7 Wa mugabo asubira kwizindura ngo agende, sebukwe yongera kumugobera, asubira kuharara irindi joro. 8 Mu gatondo k’umusi ugira gatanu, azindutse kugira ngo agende, sebukwe aramubwira ati: "Akira imfungurwa ufungure, uraba uragenda n’inyuma y’umutaga." Nuko bamara uwundi musi.
9 Wa mugabo n’umugore wiwe hamwe n’umukozi wiwe bahagurutse ngo batahe, sebukwe aramubwira ati: "Ehe raba bugira bwire; umusi usa n’uwurangiye, rara iri joro unezereze umutima wawe, hanyuma ejo uzozinduke witahira." 10 Ariko kuko uwo mugabo atashaka gusubira kuharara irindi joro, aca afata inzira ija i Yebusi ari ho i Yerusalemu, ari kumwe n’umugore wiwe na za ndogoba zibiri ziriko amatandiko yazo.
11 Begereje i Yebusi, bwari bumaze kwira cane, wa mukozi abwira shebuja ati: "Ingo tuje mu gisagara c’Abayebusi dusabeho indaro."
12 Shebuja aramubwira ati: "Oya ntibishoboka. Ntitwinjira mu gisagara c’abanyamahanga, kitabamwo Abisirayeli. Turabandanya dushike i Gibeya. 13 Reka tubandanye turabe ko twoshika i Gibeya canke i Rama, turaza gusaba indaro muri ivyo bisagara." 14 Nuko barabandanya, izuba rirenga begereje i Gibeya mu ntara ya Benyamini. 15 Bajayo kugira ngo baharare. Baragenda bahagarara ku mbuga y’igisagara ariko ntihagira n’umwe abakira ngo abahe indaro.
16 Kuri uwo mugoroba, haza umutama ava mu karere k’imisozi ya Efurayimu aba i Gibeya yari atashe avuye mu mirima. (Abantu baba ngaho bava mu umuryango wa Benyamini). 17 Abonye izo ngenzi ziri ku mbuga y’igisagara, abaza ati: "Muva he, mukaja he?"
18 Wa mugabo arishura ati: "Tuvuye i Betelehemu h’i Buyuda tuja kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu, ni ho mba. Nahora i Betelehemu h’i Buyuda, ubu nkaba ndiko nsubira i muhira ariko habuze n’umwe yompa indaro y’iri joro. 19 Turifitiye ivyokurya bikwiye vy’indogoba zacu n’ivyacu twebwe abasavyi bawe, jewe, uwu musavyikazi, n’uwu musore turi kumwe. Nta na kimwe dukeneye."
20 Wa mutama arababwira ati: "Nimushike muhira iwanje, ndabaha ivyo mukeneye vyose. Nawe nu ntimworara ku mbuga." 21 Nuko arabashikana mu nzu, agaburira n’indogoba ziwe. Ahejeje kuboza ibirenge, baca barasangira ivyokurya.
22 Bakiriko baranezeranwa, abantu b’inkozi z’ibibi bo mu gisagara baraza bakikuza iyo nzu. Batangura guhondagura ku muryango bahamagara uwo mutama, bavuga bati: "Sohokana uwo mugabo aje kurara mu nzu yawe tumusambanye."
23 Uwo mutama arasohoka ababwira ati: "Oya bagenzi banje, ndabinginze ntimukore ikibi kingana gityo. Uwu muntu ni umushitsi wanje, ntimukore igiterasoni nk’ico. 24 Ehe raba mfise umukobwa w’isugi, hari kandi n’umugore w’uwu mugabo. Reka ndababasohokanire mubakoze ico mushaka. Ariko uwo mugabo, ntimumukorere igiterasoni nk’ico."
25 Ariko ba bantu ntibamwumviriza. Wa mugabo aca afata wa mugore wiwe amuterera hanze, bamukuranwako bamusambanya ijoro ryose, maze bugiye guca baramurekura. 26 Umutwenzi utamanzuye, wa mugore aca asubira ku nzu ya wa mutama, aho umugabo wiwe yari ari, ariko aca agwa imbere y’umuryango, agumaho gushika bukeye.
27 Mu gitondo, wa mugabo avyutse, yugurura umuryango, arasohoka ngo abandanye urugendo, asanga aho wa mugore yaguye imbere y’umuryango, afashe igishimaryango. 28 Aramubwira ati: "Haguruka tugende." Ariko wa mugore ntiyamwishura. Wa mugabo aca amushira ku ndogoba, aramutahana.
29 Bashitse i muhira, wa mugabo aca afata imbugita, amucagaguramwo ibihimba icumi na bibiri, abirungika mu miryango icumi n’ibiri y’Abisirayeli. 30 Abantu bose babibonye baravuga bati: "Ububi nk’ubu ntibwari bwakaboneke kuva Abisirayeli bavuye muri Egiputa. Nimuvyiyumvireko, muheze mutubwire ico twokora."