Publicidade

Juízes 2

Umumarayika w’Uhoraho i Bokimu

1 Umumarayika w’Uhoraho aduga ava i Gilugali aja i Bokimu, avuga ati: "Nabaduganye ndabakuye muri Egiputa ndabashikana mu gihugu narahiye ko nzoha ba sogokuruza banyu. Naravuze ko ntazorenga kw’isezerano nagiranye na bo. 2 Ku ruhande rwanyu mwemeye ko mutazogirana isezerano na rimwe n’ababa muri iki gihugu, mwemera ko muzosangangura ibicaniro vyabo. Ariko ntimwanyumviye. Mbega ivyo mwabitumwe n’iki? 3 None rero ndababwiye ko ntazobirukana imbere yanyu. Bazobabera nk’amahwa abacumita mu mbavu, imana zabo na zo zibabere imitego."

4 Uwo mumarayika w’Uhoraho amaze kubwira Abisirayeli bose ivyo, abantu baraturikisha bararira. 5 Aho hantu baca bahita Bokimu, bisigura "Kurira", baca bahashikanira Uhoraho ibimazi.

Kutumvira no kuneshwa

6 Yosuwa amaze kurungika Abisirayeli, baciye baja gufata igihugu, umuryango wose uja gufata aho wahawe. 7 Abantu bakorera Uhoraho mu gihe cose Yosuwa yari akiriho no mu gihe c’abatware bakoranye na we, abo yasize amaze gupfa, abari barabonye ibikomeye Uhoraho yari yarakoreye Isirayeli.

8 Yosuwa mwene Nuni, umusavyi w’Uhoraho, apfa amaze imyaka ijana na cumi. 9 Bamuhamba mw’itongo yagabanye i Timunati-Hereki, mu ntara yo mu misozi ya Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi.

10 Urwo runganwe rumaze guhamvya ba sekuruza, haza urundi rutari rwarigeze rumenya Uhoraho canke ngo rubone ivyo Uhoraho yakoreye Isirayeli. 11 Nuko Abisirayeli bakora ibibi mu maso y’Uhoraho, bongera bakorera ibigirwamana vyitwa Bayali. 12 Bava k’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza babo, yabakuye muri Egiputa, bakurikira imana zitandukanye z’abantu babana na bo, barazisenga. Ivyo bituma uburake bw’Uhoraho buziriringa, 13 kuko bari bayivuyeko bagakorera ibigirwamana Bayali na Ashitaroti. 14 Ivyo bituma Uhoraho arakira Isirayeli, abarekuriramwo abasuma babanyaga ivyabo. Abagurisha ku bansi babo bari babakikuje kuko batari bagishoboye kubagwanya. 15 Igihe cose Abisirayeli baja kugwana, ukuboko kw’Uhoraho kwarabagwanya bakaneshwa nk’uko yari yarabisezeranye. Nuko baja mu kwihebura gukomeye.

16 Hanyuma Uhoraho ahagurutsa abacamanza, barokora Abisirayeli mu maboko y’abari barabanyaze. 17 Ariko Abisirayeli ntibumvira abo bacamanza, ahubwo bashira imitima ku zindi mana, barazisenga. Nuko bihutira kuva mu nzira za ba sekuruza kuko bobo bagendera mu kwumvira ivyagezwe vy’Uhoraho. 18 Igihe cose Uhoraho yabahagurukiriza umucamanza, yabana na we akabarokora mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza yaba akiriho, kuko Uhoraho yaterwa akagongwe n’amaborogo avuye ku gacinyizo bagirirwa n’abansi babo. 19 Ariko uwo mucamanza amaze gupfa, abantu baca basubira gukora ibibi biruta n’ivya ba sekuruza, bagakurikira izindi mana, bakazikorera bakongera bakazisenga. Banka guheba ibikorwa vyabo bibi n’ubugarariji bwabo.

20 Ni co catumye Uhoraho arakira Isirayeli cane, avuga ati: "Ko ubu bwoko bwarenze isezerano nagiranye na ba sekuruza babo, bakanka gukurikiza amabwirizwa yanje, 21 nta hanga na rimwe Yosuwa yapfuye atanesheje nzokwirukana imbere yabo. 22 Nzokoresha ayo mahanga mu kugerageza Abisirayeli kugira ngo ndabe ko boguma mu nzira z’Uhoraho, bakagenda nk’uko ba sekuruza bagenda." 23 Ni co gituma Uhoraho yaretse ayo mahanga akagumaho, ntiyigera ayirukana canke ngo yemere ko Yosuwa ayamara yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-