1 Hari umugabo yitwa Yefuta yari Umunyagileyadi, yari umugwanyi akomeye cane. Se yitwa Gileyadi, nyina akaba maraya. 2 Umugore wa Gileyadi yari yaravyaye n’abandi bahungu, bamaze gukura birukana Yefuta, bamubwira bati: "Nta ragi na ritoya uzoronka muri uwu muryango, kuko wavutse kuri maraya." 3 Yefuta aca ahunga benewabo, aja kuba mu ntara ya Tobu, aho yasanze umugwi w’abantu b’inyererezi b’inkozi z’ibibi, baramukurikira.
4 Haheze igihe, Abamoni bateye Isirayeli, 5 abatware b’i Gileyadi batumako Yefuta mu ntara ya Tobu. 6 Bamubwira bati: "Ingo utubere umugabisha w’ingabo, kugira ngo dushobore kugwanya Abamoni."
7 Yefuta arabishura ati: "Mbega ntimwanyanse, mukanyirukana mu nzu ya data? Ubu rero muraje kundondera ko muri mu magorwa!"
8 Abatware b’i Gileyadi baramubwira bati: "Ni wewe duhanze amaso! Niwaturongora muri iyi ntambara, tukagwanya Abamoni tukabatsinda, tuzokugira uwutwara ababa i Gileyadi bose."
9 Yefuta arabishura ati: "Hinge twumvikane neza. Hamwe nje kugwanya Abamoni, hanyuma Uhoraho akabarekurira mu maboko yanje, muremera neza ko nzoca mba umutware wanyu?"
10 Ba batware bamwishura bati: "Uhoraho ni we cabona cacu. Turemeye ko tuzobikora uko nyene ubivuze." 11 Nuko Yefuta ajana n’abo batware b’i Gileyadi, bamugira umugabisha w’ingabo zose. Ageze i Misipa imbere y’Uhoraho Yefuta asubiramwo ya majambo yose yavugana n’abatware.
12 Yefuta arungikira intuma umwami w’Abamoni, amubaza ati: "Mbega uturonderako iki ko uteye igihugu cacu?"
13 Umwami w’Abamoni na we yishura intumwa ya Yefuta ati: "Igihe Isirayeli yaduga iva muri Egiputa, banyaze intara yanje kuva ku ruzi Arunoni gushika kuri Yaboki, ukabandanya no gushika kuri Yorodani. None rero nimuhansubize mu mahoro n’umutekano."
14 Yefuta asubira kurungika intumwa ku mwami w’Abamoni 15 avuga ati:
"Uku ni ko Yefuta avuze: Isirayeli ntiyanyaze intara ya Mowabu canke y’Abamoni. 16 Ariko igihe bava muri Egiputa, Abisirayeli baciye mu bugaragwa baja ku Kiyaga Gitukura barabandanya bashika i Kadeshi. 17 Hanyuma barungikira intumwa umwami wa Edomu bamubwira bati: ‘Twemerere duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu ntiyatwemerera. Bongera barungika intumwa ku mwami wa Mowabu, na we nyene aranka. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi.
18 Bavuye aho baciye baca mu bugaragwa, bazunguruka intara za Edomu na Mowabu, baca baja mu buseruko bw’igihugu ca Mowabu, bashinga amahema yabo i ruhande y’uruzi Arunoni. Ntibigeze binjira mu ntara ya Mowabu kuko Arunoni ni rwo rwari urubibe rwaho.
19 Nuko Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, zimubwira ziti: ‘Twemerere duce mu guhugu cawe kugira ngo dushike mu gihugu cacu.’ 20 Ariko Sihoni ntiyizera ivyo Abisirayeli bavuze, ababuza guca mu guhugu ciwe. Aca akoranya ingabo ziwe zose zija i Yahiza kugwanya Abisirayeli.
21 Maze Uhoraho Imana ya Isirayeli arekurira Sihoni n’ingabo ziwe mu maboko y’Abisirayeli, barabanesha. Abisirayeli baca bafata intara yose y’Abamori baba muri ico gihugu, 22 bagifata bahereye kuri Arunoni gushika kuri Yaboki, no kuva mu bugaragwa gushika kuri Yorodani.
23 Urabona rero ko ari Uhoraho Imana ya Isirayeli yafashe iyo ntara y’Abamori iyiha Isirayeli. None ni iki cotuma tuyibasubiza? 24 Mbega mweho ntimugumya ico Kemoshi imana yanyu yabahaye? Natwe ico Uhoraho Imana yacu yaduhaye cose turakigumya. 25 Mbega usumba Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu? Yarigeze atongana n’Abisirayeli canke ngo abagwanye? 26 Haheze imyaka amajana atatu Abisirayeli baba i Heshiboni, muri Aroweri no mu micungararo yaho, hamwe no mu bisagara biri ku nkengera ya Arunoni. None ubu ni ho uje kubibohoza? 27 Nta kibi nabakoreye, ariko ni wewe ugize nabi kuza kuntera. Uhoraho we mucamanza, abe ari we acira urubanza Abisirayeli n’Abamoni."
28 Ariko umwami wa Amoni ntiyitaho ubwo butumwa Yefuta yamurungikiye.
29 Ico gihe Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, ajabuka Gileyadi na Manase, aca i Misipehi h’i Gileyadi, avuye aho aca ayobora abasoda baja gutera Abamoni. 30 Yefuta asezeranira Uhoraho ati: "Niwampa intsinzi ku Bamoni, 31 ikija gusohoka kunsanganira ntahanye intsinzi ku Bamoni kizoba ari ic’Uhoraho, nza kugishikana nk’ishikanwa rituriwe."
32 Nuko Yefuta aja kugwanya Abamoni, Uhoraho amuha intsinzi kuri bo. 33 Asambura ibisagara mirongo ibiri kuva Aroweri gushika mu bisagara vya Miniti no muri Abeli-Keramimu. Maze Abisirayeli banesha Abamoni.
34 Yefuta agarutse i muhira i Misipa, ntihagira uwundi aza kumusanganira atari umukobwa wiwe, aza atambatamba ku gashako k’ingoma. Ni we mwana yari afise wenyene; nta wundi muhungu canke umukobwa yari afise. 35 Amubonye yitaburirako impuzu, asemerera ati: "Ewe mwana wanje urakankoreye! Urankwegeye amahano! Kuko nasezeraniye Uhoraho kandi sinisubirako."
36 Na we amwishura ati: "Data, nimba hari ico wasezeraniye Uhoraho, ngira uko wasezeranye kuko Uhoraho aguhaye intsinzi nini ku bansi bawe, ari bo Bamoni. 37 Ariko unyemerere iki kimwe gusa: umpe amezi abiri, nduge mu mitumba nje kurirana n’abagenzi banje kuko nzopfa ntarongowe."
38 Yefuta aramubwira ati: "Nugende." Aramureka aragenda amarayo amezi abiri. We na bagenzi biwe baduga mu mitumba bararira kuko azopfa atarongowe. 39 Amezi abiri aheze, aca agaruka kwa se, na we amugira nk’uko yari yarasezeranye. Yapfuye ari inkumi.
Vyahavuye biba umugenzo mu Bisirayeli 40 igihe cose uko umwaka utashe, inkumi z’Abisirayeli zarava mu gisagara zikamara imisi ine zibuka umukobwa wa Yefuta, Umunyagileyadi.