1 Inyuma y’aho, hari mw’iyimbura ry’ingano, Samusoni afata umwagazi w’impene, awushira umugore wiwe nk’akaganuke. Avuga ati: "Ndagiye mu cumba c’umugore wanje turyamane." Ariko se w’umukobwa aramwankira.
2 Amubwira ati: "Erega nagira ngo waramwanse. Ni co catumye ndamuha wa mugendanyi wawe wa mbere. Ariko ehe raba, murumunawe ni we mwiza kumurusha. Nabe ari we urongora."
3 Samusoni ababwira ati: "Ubu rero ndaronse imvo yo gukorera Abafilisitiya ico nshaka. Nzobagirira nabi." 4 Nuko aca arasohoka afata imbwebwe amajana atatu, azibohanya imirizo zibirizibiri, kuri iyo mirizo ibohanye akaja araboherako ibimuri. 5 Vya bimuri abidometse agaca azirungika mu mirima y’ingano y’Abafilisitiya. Aturira izo batekeye mu mikama hamwe n’izari zikiri mu mirima, aturira n’inzabibu hamwe n’imyelayo.
6 Abafilisitiya barabaza bati: "Ni nde yakoze ibi?" Bishura bati: "Ni Samusoni, umukwe w’umuntu w’i Timuna, kuko umugore wiwe yahawe umugendanyi wiwe."
Nuko Abafilisitiya baca baraduga bafata wa mugore bamuturirana na se. 7 Samusoni aca ababwira ati: "Ko mukoze ivyo, sinzogenda ntabihoye!" 8 Aca atera Abafilisitiya n’uburake bwinshi, yica benshi muri bo. Hanyuma aca amanuka mu bitandara vy’amabuye vy’i Etamu, abayo.
9 Abafilisitiya baca baraduga bashinga amahema yabo i Buyuda, amahema yabo yashika hafi y’igisagara ca Lehi. 10 Abantu b’i Buyuda barababaza bati: "Ni igiki gitumye muza kutugwanya?"
Bishura bati: "Twaje gufata Samusoni tumugire imbohe, tumugirire nk’ivyo yatugiriye."
11 Maze abantu ibihumbi bitatu bo mu Bayuda baca bamanuka kw’isenga ryo ku gitandara c’i Etamu, babwira Samusoni bati: "Mbega ntuzi ko Abafilisitiya ari bo batware bacu? Wabakoreye iki?"
Abishura ati: "Nabakoreye ivyo na bo bankoreye."
12 Na bo baramubwira bati: "Tuje kukuboha tugutange ku Bafilisitiya."
Samusoni arababwira ati: "Nimundahire ko mutanyica mwebwe nyene."
13 Na bo bati: "Turakurahiye. Turakuboha gusa tugutange ku Bafilisitiya. Ntitukwica." Baca bamubohesha ibiziriko bibiri bishasha, bamukura muri iryo senga. 14 Yegereye i Lehi, Abafilisitiya baca baza biha akamo k’intsinzi. Mpwemu w’Uhoraho amuzako mu bushobozi bwinshi, acagagura vya biziriko nk’utunyuzi duhuye n’umuriro, birakoroka bimuva ku maboko. 15 Samusoni aravye ku ruhande abona igufa ry’umubangabanga w’indogoba, araritora, aryicisha Abafilisitiya igihumbi.
16 Samusoni aravuga ati:
"Umubangabanga w’indogoba
ndawurundishije ikirundo.
Umubangabanga w’indogoba
nawicishe abantu igihumbi."
17 Ahejeje kuvuga ivyo aca ashibura wa mubangabanga, aho hantu haca hitwa Ramati-Lehi risigura ngo "agasozi k’umubangabanga".
18 Kubera yari anyotewe cane, arasemerera asaba Uhoraho avuga ati: "Uhaye intsinzi ihambaye umusavyi wawe. None urandetse ngo nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’izi ntakebwa?" 19 Maze Imana isatura ahantu hari ikinogo i Lehi, ituma haza amazi, Samusoni aranywa, asubira kugira inkomezi. Iryo riba rica ryitwa Eni-Hakore, bisigura "Iriba ry’Uwasemereye" kandi riracariho i Lehi gushika n’ubu.
20 Samusoni yarongoye Abisirayeli imyaka mirongo ibiri igihe bari bagitwarwa n’Abafilisitiya.