1 Abisirayeli basubira gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe, maze Uhoraho abarekurira mu maboko y’Abafilisitiya, babacunaguza imyaka mirongo ine.
2 Hariho umugabo yaba i Zora yitwa Manowa, yava mu muryango wa Dani, yari afise umugore w’ingumba, babaho ata mwana bafise. 3 Umumarayika w’Uhoraho abonekera uwo mugore, amubwira ati: "Naho uri ingumba ata mwana ufise, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu. 4 Nuko rero wirinde, ntihagire umuvinyu canke ikiboreza, canke ico kurya gihumanye kizokugera ku munwa. 5 Uzotwara inda uvyare umwana w’umuhungu. Ntihagire urwembe ruzomugera ku mutwe. Kuko uwo muhungu azokwegurirwa Imana nk’Umunaziri kuva akivuka. Ni we azotangura igikorwa co kurokora Abisirayeli mu minwe y’Abafilisitiya."
6 Wa mugore aca arirukanga, abwira umugabo wiwe ati: "Hari umuntu w’Imana yaje aho ndi. Yasa n’umumarayika w’Uhoraho, yari ateye ubwoba kuraba. Sinamubajije iyo aje ava, kandi ntiyambwiye izina ryiwe. 7 Ariko yambwiye ati: ‘Uzotwara inda, uvyare umwana w’umuhungu. Ntihazogire umuvinyu canke ikiboreza uzonywa, kandi ntihazogire ikintu gihumanye uzorya, kuko uwo muhungu azoba Umunaziri w’Imana kuva akivuka gushika apfe.’ "
8 Maze Manowa aca asenga Uhoraho avuga ati: "Ndakwinginze Uhoraho, uturungikire uwo muntu w’Imana watumye, agaruke atwigishe ingene dukwiye kurera uwo mwana agiye kuvuka."
9 Imana yumva isengesho rya Manowa, wa mumarayika w’Uhoraho asubira kwiyereka wa mugore ari mu mirima, ariko Manowa umugabo wiwe ntibari kumwe. 10 Wa mugore aca arirukanga abwira umugabo wiwe ati: "Wa muntu yanyiyereka wa musi yagarutse!"
11 Manowa aca arahaguruka akurikira umugore wiwe. Bashikiriye wa muntu, Manowa aramubaza ati: "Ni wewe uvuganye n’umugore wanje?"
Na we yishura ati: "Ni jewe nyene!"
12 Manowa aca amubaza ati: "Ivyo wavuze nivyashika, mbega amategeko azogenga uwo mwana ku bw’ubuzima bwiwe n’ivyo azokora azoba ameze gute?"
13 Wa mumarayika amwishura ati: "Umugore wawe aze akore ivyo namubwiye vyose. 14 Ntaze arye inzabibu, canke ngo anywe umuvinyu canke ikindi cose kiboreza, canke ngo arye ikintu na kimwe gihumanye. Hanyuma azokurikize ivyo namubariye vyose."
15 Manowa aca abarira uwo mumarayika w’Uhoraho ati: "Turakwinginze ugume ngaha tugutegurire ishashi y’impene ufungure."
16 Wa mumarayika aramwishura ati: "Naho mwongumiza ngaha, sinobarira igifungurwa na kimwe. Ariko murashobora gutegura ikimazi co guturirwa, mukagihereza Uhoraho." (Manowa ntiyari yamenye ko ari umumarayika w’Uhoraho.)
17 Nuko Manowa abaza uwo mumarayika w’Uhoraho ati: "Izina ryawe ni nde kugira ngo tuzokwibuke ivyo wavuze nivyashika?"
18 Na we arishura ati: "Ni kubera iki ugomba kumenya izina ryanje? Ni izina rirengeye ugutahura kwawe." 19 Manowa aca afata umwagazi w’impene hamwe n’ishikanwa ry’ifu, abishikanira Uhoraho ku gitandara. Uhoraho aca akora igitangaza Manowa n’umugore wiwe babona: 20 Imbeya ziriko zirarabagirana ziduga mu kirere, wa mumarayika aca aduga muri izo mbeya. Manowa n’umugore wiwe babibonye, baca bakubita amavi hasi barunama. 21 Uwo mumarayika w’Uhoraho ntiyabaye agisubira kwiyereka Manowa n’umugore wiwe, Manowa aca aratahura ko yari umumarayika w’Uhoraho.
22 Aca abarira umugore wiwe ati: "Nta kabuza turapfuye, kuko twabonye Imana."
23 Ariko umugore wiwe aramubwira ati: "Iyo Uhoraho agomba kutwica, ntiyari kutwakirira ikimazi gituriwe n’ishikanwa ry’ifu twamuhereje, canke ngo atwereke ivyo twabonye, ntiyari no kutubwira ivyo yatubwiye."
24 Haheze igihe, uwo mugore avyara umwana w’umuhungu, amwita Samusoni. Arakura, kandi umuhezagiro w’Uhoraho uba kuri we, 25 Mpwemu w’Uhoraho atangura gukorera muri we ari i Mahane Dani, hagati y’ibisagara vya Zora na Eshitayoli.