Publicidade

Juízes 4

Debora

1 Ehudi amaze gupfa Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe. 2 Maze Uhoraho abarekurira mu maboko ya Yabini, umwami wa Kanani yaba i Hazori. Sisera ni we yari arongoye ingabo ziwe, na we akaba yaba i Harosheti-Hagoyimu. 3 Sisera yari afise imikogote amajana icenda kandi yatwaje umukazo Abisirayeli imyaka mirongo ibiri. Maze Abisirayeli baririra Uhoraho ngo abatabare.

4 Hariho umugore yitwa Debora, umugore wa Lapidoti, yari umuvugishwa kandi ni we yari umucamanza w’Abisirayeli ico gihe. 5 Yacira imanza musi y’ikigazi ca Debora hagati ya Rama na Beteli mu karere k’imisozi ya Efurayimu, Abisirayeli bakama baza aho ari ngo abatunganirize iyo bafise amatati. 6 Umusi umwe atumako Baraki mwene Abinowamu yaba i Kedeshi mu ntara ya Nafutali, amubwira ati: "Uhoraho Imana ya Isirayeli akubwiye ati: ‘Genda wegeranye abasoda ibihumbi cumi bo mu ba Nafutali no mu ba Zebuloni, ubatware ku musozi Tabori. 7 Nanje nzokwega Sisera, umukuru w’ingabo za Yabini, hamwe n’imikogote yiwe n’abasoda biwe, baze ku ruzi Kishoni. Aho ni ho nzomurekurira mu maboko yawe.’ "

8 Baraki aramwishura ati: "Nitwajana nzogenda, ariko nitutajana sinzogenda."

9 Debora amwishura ati: "Nta co tuzojana. Ariko tujanye, nta cubahiro bizoguha kuko intsinzi y’Uhoraho kuri Sisera izoba ishizwe mu maboko y’umugore." Nuko Debora ajana na Baraki i Kedeshi. 10 Bashitseyo, Baraki akoranya imiryango ya Zebuloni na Nafutali. Abasoda ibihumbi cumi baramukurikira, na Debora ajana na we.

11 Hariho umuntu yitwa Heberi w’Umukayini yari yaravuye mu bandi Bakayini bo mu ruvyaro rwa Hobabu, muramu wa Mose, ashinga ihema ryiwe hafi y’igiti kinini c’i Zayananimu hafi y’i Kedeshi.

12 Sisera yumvise ko Baraki mwene Abinowamu yaduze ku musozi Tabori, 13 aca yegeranya imikogote yiwe yose amajana icenda hamwe n’abagwanyi biwe, baca bafata urugendo bava i Harosheti-Hagoyimu baja ku ruzi Kishoni.

14 Maze Debora abwira Baraki ati: "Itegure! Uyu ni wo musi Uhoraho yarekuriye Sisera mu maboko yawe, kandi Uhoraho agendera imbere yawe." Nuko Baraki ajana abasoda biwe ibihumbi cumi, bamanuka umutumba Tabori baja kugwana. 15 Baraki ateye Sisera, Uhoraho na we amuca ivutu hamwe n’imikogote yiwe n’abagwanyi biwe bose, Sisera aca ava mu mukogote ahunga yiruka n’amaguru.

16 Ariko Baraki akurikira iyo mikogote n’abo basoda gushika i Harosheti-Hagoyimu. Abasoda ba Sisera bose bamarwa n’inkota, ntihasigara n’uwo kuvuga inkuru. 17 Ariko Sisera we ahunga yiruka n’amaguru, ashikira ihema rya Yayeli muka Heberi Umukayini, kuko uwo muryango wari ufitaniye ubucuti na Yabini umwami wa Hazori.

18 Yayeli asohoka gusanganira Sisera, amubwira ati: "Kaze nyakwubahwa. Kandi ntihagire ico utinya." Nuko aca yinjira muri iryo hema, Yayeli amupfuka uburengeti.

19 Sisera amubwira ati: "Ndanyotewe. Impa amazi yo kunywa." Aca amuha umukuza warimwo amata, aranywa, aca arasubira aramupfuka.

20 Sisera amubwira ati: "Hagarara mu muryango w’ihema, nihagira uwuza akakubaza ati: ‘Hari umuntu yinjiye ngaha?’ Uvuge uti: ‘Oya.’ "

21 Ariko Yayeli muka Heberi aca ahitana urumambo rw’ihema n’inyundo, yinjira bukebuke, yinjira aho Sisera yari aryamye asinziriye cane kuko yari yarushe. Aca amushinga rwa rumambo rw’ihema mu mutwe, ararushimangira gushika hasi, Sisera aca arapfa.

22 Baraki ashitse ariko arakurikira Sisera, Yayeli aramutegera, amubwira ati: "Ingo ndakwereke uwo uriko urarondera." Aca yinjirana na we aho Sisera yari aryamye, na rwa rumambo rw’ihema rushinze mu mutwe, yapfuye.

23 Uwo musi Imana inesha Yabini umwami w’Umunyakanani, imbere y’Abisirayeli. 24 Kuva ico gihe, Abisirayeli basumvya inkomezi Yabini umwami w’Umunyakanani, gushika aho bamurandura.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-