1 Uwo musi Debora na Baraki mwene Abinowamu baca bariririmba indirimbo bavuga bati:
2 "Nimuhimbaze Uhoraho,
kuko habonetse intwari zirongora Isirayeli,
abantu bakitanga batagoberewe.
3 Nimwumve yemwe bami, mutege amatwi namwe batware!
Ngira ndirimbire Uhoraho,
ncurarangire Uhoraho, Imana ya Isirayeli.
4 Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri,
ukagendagenda uvuye mu ntara ya Edomu,
isi yaratigise, ijuru rirajojota,
ibicu bisesa amazi.
5 Imitumba yanyiganyigiye imbere y’Uhoraho, Imana y’i Sinayi,
imbere y’Uhoraho Imana ya Isirayeli ni ho yatigitiye.
6 Mu gihe ca Shamugari mwene Anati, no mu gihe ca Yayeli,
abantu ntibari bagica mu mabarabara,
n’ingenzi zaca mu tuyira dutoduto duca kure.
7 Abo mu bisagara vya Isirayeli ntibashobora kugwana;
gushika aho jewe Debora mpagurukiye,
mpaguruka nk’umuvyeyi wa Isirayeli.
8 Igihe bihitiramwo izindi mana,
intambara yinjiye mu marembo y’igisagara,
nta nkinzo canke icumu ryaboneka mu Bisirayeli
mu bihumbi mirongo ine vy’ingabo.
9 Umutima wanje uri kumwe n’abarongozi ba Isirayeli,
n’abitanze bo mu bwoko ngo baje mu ntambara.
Uhoraho nashimwe!
10 Yemwe abagendera ku ndogoba z’igitare,
na mwebwe mwiyicariye ku mikeka myiza,
namwe mugendera mu mabarabara,
nimutege amatwi 11 indirimbo z’abungere bari ku ngomero.
Bavuga intsinzi ziva ku kugororoka kw’Uhoraho,
hamwe n’intsinzi y’Abisirayeli.
Maze abantu baca baramanuka,
baja ku marembo y’ibisagara.
12 Kanguka, kanguka Debora!
Kanguka, shirako uririmbe!
Kanguka, yewe Baraki!
Gira imbohe abanyagano bawe, yewe mwene Abinowamu!
13 Amasigarira y’abubahwa baramanutse,
ubwoko bw’Uhoraho bwaje aho ndi ngo buhangane n’abanyenkomezi.
14 Bamwe baje bava mu ba Efurayimu, abatsinze Amaleki;
Ababenyamini bari kumwe nawe bagukurikiye.
Abakuru mu basoda bamanutse bava i Makiri,
abatanga amategeko na bo bamanutse bava mu Bazebuloni.
15 Abaganwa ba Isakari na bo bari kumwe na Debora;
ni ivy’ukuri aba Isakari bari kumwe na Baraki,
barungikwa mu biyaya barongowe na we.
Mu karere ka Reyubeni
vyaranse ko bafata ingingo baguma mu mpari.
16 Ni kuki mwigumiye mu mpongore z’intama
ngo mwumvirize urwamo rw’imikuku?
Mu bakomoka kuri Reyubeni
Vyaranse ko bafata ingingo.
17 Ab’i Gileyadi bigumiye hakurya ya Yorodani.
Kandi ni kuki abakomoka kuri Dani, bigumiye mu mato yabo?
Abakomoka kuri Asheri bagumye bicaye ku nkengera z’ikiyaga,
bisigarira mu bivuko vyabo.
18 Abakomoka kuri Zebuloni bashize ubuzima bwabo mw’irinde;
n’abakomoka kuri Nafutali na bo bahangana n’urugamba mu misozi.
19 Abami baraje baragwana,
abami b’i Kanani baragwanye.
I Tanaki, hafi y’amazi y’i Megido,
nta feza bashoboye kunyaga.
20 Inyenyeri zo kw’ijuru zaragwanye,
zajanye inzira zazo zigwanya Sisera.
21 Uruzi Kishoni rwarabatwaye bose,
uruzi rwa kera cane, uruzi Kishoni!
Komera, mushaha wanje, gira inkomezi!
22 Hanyuma humvikanye urwamo rw’ibinono vy’amafarasi,
zigenda zirasimbagurika ku binono vyazo vy’inkomezi.
23 Umumarayika w’Uhoraho ati: ‘Vuma Merozi.
N’abantu baho bavumwe bikomeye,
kuko bataje gufasha Uhoraho,
gufasha Uhoraho kugwanya abanyenkomezi.’
24 Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore bose,
Yayeli umugore wa Heberi Umukayini,
ahezagirwe kurusha abagore bose baba mu mahema.
25 Yamusavye amazi, ariko we amuha amata;
igikombe kibereye abubahwa ni co yamuzaniyemwo urubu.
26 Hanyuma agorora ukuboko kwiwe afata urumambo rw’ihema;
ukuboko kwiwe kw’i buryo gufata inyundo y’umwubatsi.
Yahonze Sisera, amumena umutwe,
yaramusabije agahanga aragatobekeranya.
27 Imbere y’ibirenge vyiwe Sisera arayama,
aratemba, ararambarara.
Imbere y’ibirenge vyiwe arayama, aratemba;
aho yayamiye, ni ho yatemvye, aracikana.
28 Nyina wa Sisera yagumye arabira mw’idirisha;
mu ntoboro zaryo agasemerera ati:
‘Ni kuki umukogote wiwe utevye gushika?
Ni kuki umurindi w’imigote yiwe utevye kwumvikana?’
29 Abagore b’incabwenge baramwishura;
na we aguma yibwira ati:
30 ‘Mbega ntibakiriko baratora bongera bagabura isahu:
umugabo umwe wese afata umugore umwe canke babiri,
impuzu z’amabara nk’isahu rya Sisera;
impuzu z’amabara zisharijwe ku mpande,
impuzu zisharijwe cane ku rundi ruhande,
izo nzokwambara mw’izosi,
izo zose zivuye mw’isahu.’
31 Uhoraho, abansi bawe bose baragahona!
Ariko abagukunda bose barakamera nk’izuba
iyo riserukanye inkomezi zaryo."
Nuko igihugu kimara imyaka mirongo ine kiri mu mahoro.