Publicidade

Juízes 6

Gidiyoni

1 Abisirayeli basubira gukora ibibi mu maso y’Uhoraho, maze aca abarekurira mu maboko y’Abamidiyani babategeka imyaka indwi. 2 Kubera agacinyizo k’Abamidiyani kari kenshi, vyatumye Abisirayeli baja kwinyegeza mu bihomoka vy’imitumba, mu masenga, no mu bindi bibundo. 3 Igihe cose Abisirayeli baba barimye imirima yabo, Abamidiyani, Abamaleki hamwe n’amahanga yo mu buseruko baca batera Isirayeli, 4 bagacumbika muri ico gihugu gushika imirima yabo yose bayihoneje kuva ngaho gushika mu gisagara ca Gaza. Basiga Abisirayeli batagira ico barya, ata ntama canke indogoba n’imwe basigaranye. 5 Abo bansi babo bazanana n’ibitungwa vyabo, bagashinga n’amahema yabo. Baza kubatera ari isinzi nk’inzige ziteye. Baje ku ngamiya zabo ari benshi cane ku buryo ata muntu yashobora kubaharura, basiga basanganguye igihugu rwose. 6 Abamidiyani batera ubukene Abisirayeli gushika aho baririra Uhoraho ngo abatabare.

7 Abisirayeli bamaze kuririra Uhoraho kubera Abamidiyani, 8 aca arungikira umuvugishwa Abisirayeli, ababwira ati: "Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ati: Ni jewe nabakuye mu buja bwa Egiputa. 9 Nabarokoye mu bubasha bwa Egiputa, mu gihugu mwarimwo mucunaguzwa. Nirukana abansi banyu, ndabaha igihugu cabo. 10 Narababwiye nti: ‘Ndi Uhoraho Imana yanyu. Ntimuzosenge imana z’Abamori, bene iki gihugu mubamwo.’ Ariko ntimwanyumviye."

11 Uwo mumarayika w’Uhoraho aca aja kwicara musi y’igiti kinini c’i Ofura, cari ica Yowashi wo mu muryango wa Abiyezeri. Gidiyoni mwene Yowashi yariko arasekuririra ingano mu bwato azinyegeje Abamidiyani. 12 Wa mumarayika w’Uhoraho yiyereka Gidiyoni, amubwira ati: "Uhoraho ari kumwe nawe, wa muhizi w’umunyenkomezi."

13 Gidiyoni arishura ati: "Nyakwubahwa, nimba Uhoraho ari kumwe natwe, ni kubera iki ibi vyose biriko biradushikira? Mbega vya bitangaza ba sogokuruza bacu bavuga aho batubwira bati: ‘Uhoraho ni we yadukuye muri Egiputa,’ biri hehe? Ko mbona ubu Uhoraho yadutaye, akaturekurira mu maboko y’Abamidiyani."

14 Uhoraho arahindukira amubwira ati: "Jana izo nkomezi nyene ufise, ukize Abisirayeli mu maboko y’Abamidiyani. Ni jewe nkurungitse!"

15 Ariko Gidiyoni yishura ati: "Mwami, jewe norokora Abisirayeli bigenze gute? Umuryango wanje ni wo muryango wa nyuma mu miryango ya Manase, kandi nanje ndi inyuma y’abandi bose mu muryango wanje."

16 Uhoraho aramubarira ati: "Nzoba ndi kumwe nawe, kandi Abamidiyani uzobarandura nk’uwugwanya umuntu umwe."

17 Gidiyoni yishura ati: "Nimba nagiriwe ubuntu mu nyonga zawe, nyereka ikimenyetso kinyemeza koko ko ari Uhoraho avuganye nanje. 18 Ndakwinginze undindire gushika ngaruke, nzane ishikanwa ndagushikanire."

Uhoraho aramwishura ati: "Egome genda, ndakurindira gushika ugarutse."

19 Gidiyoni yinjira mu nzu, ategura umwagazi w’impene, atora n’ingero efa y’ifu mu giseke, acumba imikate itagira umwambiro. Aca ashira za nyama n’umufa wazo mu gakono, azishikanira wa mumarayika aho yari yicaye musi y’igiti kinini.

20 Wa mumarayika w’Imana amubwira ati: "Fata izo nyama n’iyo mikate itambiye, ubishire ku gitandara, uce ubisukako uwo mufa." Gidiyoni abigenza gutyo. 21 Wa mumarayika w’Uhoraho aca abikozako umutwe w’inkoni yari yitwaje. Haca haduka umuriro uva muri ico gitandara, utongora ivyo yari yazanye vyose. Wa mumarayika w’Uhoraho aca arazimangana. 22 Gidiyoni abonye ko yari umumarayika w’Uhoraho aca araboroga avuga ati: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, mbonye ibara kuko mbonye Umumarayika w’Uhoraho amaso mu yandi."

23 Ariko Uhoraho aramuhumuriza ati: "Tekana, ntutinye. Nta co uba!"

24 Aho hantu Gidiyoni aca ahubakira Uhoraho igicaniro, acita Yahwe Shalomu, bisobanura ngo Uhoraho ni we Mahoro. Ico gicaniro kiracahagaze muri Ofura mu Babiyezeri gushika n’ubu.

25 Iryo joro Uhoraho abarira Gidiyoni ati: "Fata impfizi igira kabiri mu nka za so, irya imaze imyaka indwi. Uce usenyagura igicaniro so yubakiye Bayali, utemagure n’inkingi ya Ashera iri i ruhande yaco. 26 Hanyuma uce wubaka igicaniro ciza c’Uhoraho Imana yawe kuri uwu musozi. Uheze utange impfizi igira kabiri nk’ikimazi gituriwe kandi inkwi uzokoresha zibe iz’inkingi za Ashera watemaguye."

27 Nuko Gidiyoni ahitana abakozi biwe icumi, abikora nk’uko Uhoraho yari yabimubwiye. Ariko yabikoze mw’ijoro kuko yatinya abo mu muryango wiwe hamwe n’abandi bo mu gisagara cabo.

28 Abantu bo muri ico gisagara bikanguye mu gatondo, basanga igicaniro ca Bayali casanganguwe, n’inkingi za Ashera yari i ruhande yaco bazitemaguriye hasi, basanga na ya mpfizi igira kabiri yatanzwe ku gicaniro gishasha.

29 Barabazanya bati: "Ni nde yakoze ibi?"

Batohoje neza bumva ko ari Gidiyoni mwene Yowashi yabigize.

30 Abantu bo muri ico gisagara baca babwira Yowashi bati: "Sohokana uwo muhungu wawe. Ategerezwa gupfa kuko yasenyuye igicaniro ca Bayali, agatemagura n’inkingi za Ashera yari impande yaco."

31 Ariko Yowashi yishura abo bantu bari bamugumukanye ati: "Mbega mugira muburanire Bayali? Mugomba kuyirokora? Uwugwanira Bayali wese buza guca yapfuye. Nimba Bayali ari imana y’ukuri, niyigwanire yonyene, irandure uwasenyuye igicaniro cayo." 32 Uwo musi Gidiyoni baca bamwita Yerubayali, bisigura ngo "Reka Bayali yigwanire", kuko yasenyuye igicaniro ca Bayali.

33 Hanyuma y’ivyo Abamidiyani, Abamaleki, n’abandi bo mu buseruko baja hamwe ngo bagwanye Isirayeli, bajabuka Yorodani, bashinga amahema yabo mu kiyaya ca Yezireyeli. 34 Maze Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Gidiyoni, aca avuza inzamba ihamagarira abantu mu ntambara, maze abo mu muryango wa Abiyezeri baramukurikira. 35 Aca arungika intumwa ku bo mu miryango ya Manase, Asheri, Zebuloni na Nafutali, abahamagarira kuja ku rugamba, na bo baramukurikira.

36 Gidiyoni asenga Imana avuga ati: "Nimba uza gukirisha Abisirayeli ukuboko kwanje nk’uko wabisezeranye, 37 nuvyerekanishe iki kimenyetso: ehe nshize ubwoya bw’intama ku mbuga yo gusekurirako ingano. Ejo mu gatondo nitwasanga ubu bwoya bwatoteshejwe n’urume bwonyene ariko isi yumutse, nzoheza nemere ko uzokirisha Isirayeli ukuboko kwanje nk’uko wabivuze." 38 Bigenda uko. Gidiyoni avyuka kare mu gatondo, akanya bwa bwoya, buvamwo urume rwinshi, rwokwuzura akabakure.

39 Gidiyoni aca abwira Imana ati: "Ntunkarire, ariko reka nongere ngusabe iki kimwe. Unyemerere ndagusabe ikindi kimenyetso kuri ubu bwoya. Ubu na ho, ubu bwoya buzogume bwumye, ariko urume rutose ahabukikuje hose." 40 Iryo joro Imana ibikora uko. Ubwoya bwonyene buguma bwumutse, ariko isi yuzurako urume.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-