1 Abo mu muryango wa Efurayimu babaza Gidiyoni bati: "Mbega ni iki watugaye catumye udufata uko? Ni kubera iki utaduhamagaye ngo tujane igihe waja gutera Abamidiyani?" Baramwidodombera cane.
2 Ariko arabishura ati: "Mbega jewe maze iki mungereranije na mwebwe? Mbega imizabibu mwebwe Abefurayimu musiga yo guhumba ntisumba umwimbu wose w’Abiyezeri? 3 Imana yarekuriye Orebu na Zeyebu, abarongozi b’Abamidiyani, mu maboko yanyu. Jewe ni igiki nakoze gihwanye n’ico mwakoze?" Ababwiye ivyo, imyidodombo yabo ica iragabanuka.
4 Gidiyoni na bamwe amajana atatu bari kumwe bararuha, ariko baguma bakurikira umwansi wabo, bashika kuri Yorodani bararujabuka. 5 Gidiyoni abarira abantu b’i Sukoti ati: "Ndabasavye mumpere abasoda ivyokurya kuko bararushe. Ndiko nkurikira Zeba na Zalimuna, abami b’Abamidiyani."
6 Ariko abatware b’i Sukoti bamwishura bati: "Mbega aho tubaha ivyokurya, Zalimuna na Zeba mwabafashe? Abasoda bawe tubahera indya iki batarabafata?"
7 Gidiyoni arabishura ati: "Ko munyishuye uko, Uhoraho niyamara kurekurira Zeba na Zalimuna mu maboko yanje, mwebwe nzobahindukirira imibiri yanyu ndayishishaguze amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe."
8 Bavuye aho baca baduga i Peniyeli, basaba ivyokurya gutyo nyene, ariko abantu baho babishura nk’ab’i Sukoti. 9 Gidiyoni aca abwira abantu b’i Peniyeli ati: "Ninagaruka nzanye intsinzi nzosambura uwu munara."
10 Zeba na Zalimuna bari i Karukori bari kumwe n’abasoda ibihumbi cumi na bitanu. Abo ni bo bari basigaye muri abo basoda bo mu buseruko bose bari bagiye hamwe, kuko abandi ibihumbi ijana na mirongo ibiri bari bamaze kugwa ku rugamba. 11 Nuko Gidiyoni afata ibarabara ryo mu buseruko bwa Noba na Yogibeha, ahasanga izo ngabo arazitera giturumbuka. 12 Zeba na Zalimuna, abami babiri b’Abamidiyani, barahunga, ariko aboma inyuma, arabafata, afata n’abasoda babo bose.
13 Gidiyoni mwene Yowashi aragaruka avuye ku rugamba, aca mu nzira ya Heresi. 14 Afata umusore ava i Sukoti, uwo musore amwandikira amazina y’abatware mirongo indwi ba Sukoti, ari bo bakuru b’ico gisagara. 15 Maze Gidiyoni abwira abantu b’i Sukoti ati: "Ngaba Zeba na Zalimuna, abo mwanshinyaguriza, muvuga muti: ‘Mbega Zeba na Zalimuna mwabafashe? Ni kubera iki twoha ivyokurya abantu bawe barushe?’ " 16 Gidiyoni aca afata ba batware b’igisagara, arabahana, abashishaguza amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe. 17 Yongera asenyura umunara w’i Peniyeli, yica n’abatware b’ico gisagara.
18 Aca abaza Zeba na Zalimuna ati: "Abantu mwishe i Tabori bari bameze gute?"
Na bo barishura bati: "Bari abantu bameze nk’uko kwanyu, basa n’abana b’abami."
19 Gidiyoni ababwira ati: "Barya bari abavukanyi banje, abahungu bavuka kuri mama. Ndabarahiye Uhoraho, iyo muba mutabishe, nanje sinari kubica." 20 Aca ahindukirira Yeteri umuhungu wiwe w’imfura, amubwira ati: "Bice!" Ariko Yeteri aratinya gufata inkota yiwe kuko yari akiri muto, ahinda agashitsi.
21 Zeba na Zalimuna bavuga babwira Gidiyoni bati: "Twiyicire wewe nyene, ibigumye bikora abagabo." Nuko Gidiyoni ava hasi arabica, aca yambura ingamiya zabo ibitako vy’inyambarabami ku mazosi yazo.
22 Inyuma y’ivyo, Abisirayeli babwira Gidiyoni bati: "Nabe ari wewe udutwara! Abana bawe n’abuzukuru bawe bazobe abatware bacu kuko wadukuye mu maboko y’Abamidiyani."
23 Ariko Gidiyoni ababwira ati: "Sinzobatwara kandi n’abana banje ntibazobatwara. Uhoraho ni we azoguma abatwara." 24 Yongera ababwira ati: "Ndafise ikintu kimwe ndabasaba: umwe wese muri mwebwe ampe ihereni rimwe ku yo mwanyaze." (Wari umugenzo mu bo kwa Ishimayeli kwambara amahereni y’inzahabu.)
25 Baramwishura bati: "Turemeye kuriguha ata kagobero." Nuko basanza umutamana hasi, umuntu wese atererako ihereni rimwe mu yo yanyaze. 26 Amahereni y’inzahabu yaronse yapima shekeli igihumbi n’amajana indwi, ukuyemwo ibisharizo vy’inyambarabami vy’ingamiya, utugenegene two kwambara tw’inzahabu, n’impuzu z’agahama zambarwa n’abami b’Abamidiyani. 27 Izo nzahabu Gidiyoni azikoramwo efodi ayishira muri Ofura, mu gisagara ciwe. Ariko ubwo nyene Abisirayeli baca bakora ubusambanyi mu kuyisenga, ivyo bica biba umutego kuri Gidiyoni n’umuryango wiwe.
28 Uko ni ko Abisirayeli banesheje Abamidiyani, barabaganza, ntibapfa basubiriye kubiganzura. Mu yindi myaka mirongo ine Gidiyoni yabayeho, Isirayeli yari mu mahoro.
29 Yerubayali mwene Yowashi aca asubira i muhira iwe. 30 Yari afise abahungu mirongo indwi yivyariye, kuko yari afise abagore benshi. 31 Umugore wiwe yaba i Shekemu na we nyene yamuvyayeko umwana w’umuhungu, amwita Abimeleki. 32 Gidiyoni mwene Yowashi apfa ashaje cane, bamuhamba hamwe na se Yowashi muri Ofura, mu muryango w’Abiyezeri.
33 Gidiyoni agipfa, Abisirayeli baciye basubira gusambana mu gusenga za Bayali, bahagarika Bayali-Beriti nk’imana yabo, 34 bibagira Uhoraho Imana yabo yabarokoye mu maboko y’abansi bari babakikuje. 35 Kandi ikigeretseko, ntibigeze bafata neza umuryango wa Yerubayali ari we Gidiyoni ku bw’ivyiza vyose yabakoreye.