1 Muri ico gihe Abisirayeli nta mwami bari bafise.
Kandi muri ico gihe nyene, umuryango wa Dani wari ukiriko urironderera aho kuba, kuko batari bwaronke iragi ryabo mu miryango ya Isirayeli. 2 Nuko abo mu muryango wa Dani barungika abasoda batanu bava i Zora baja muri Eshitayoli gutata iyo ntara no kuyigenzura. Abo bantu baserukira umuryango wose wa Dani. Barababwira bati: "Genda mugenzure iyo ntara."
Ba bantu binjira mu karere k’imisozi ya Efurayimu, bashika ku nzu kwa Mika, bararaho. 3 Begereje inzu ya Mika, bumvise ijwi rya wa muhungu w’Umulewi baramumenya. Baca binjirayo baramubaza bati: "Ni nde yakuzanye ino? Ukora iki aha hantu? Ni kubera iki uri ngaha?"
4 Aca ababwira ivyo Mika yamukoreye ati: "Mika yampaye akazi ko kumubera umuherezi."
5 Baca bamubwira bati: "Turakwinginze utubarize Imana ko urugendo rwacu ruzogenda neza."
6 Wa muherezi arabishura ati: "Nimugende amahoro, Uhoraho azobana namwe mu rugendo rwanyu."
7 Ba bantu baca baragenda bashika i Layishi, aho hantu basanga abantu baho bibereye mu mahoro nk’Abanyesidoni, ata co binona, batekaniwe. Kandi kubera ko intara yabo ata co yari ikenye, bari bateye imbere. Baba kure cane y’Abanyesidoni, kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu na bamwe.
8 Basubiye i Zora n’i Eshitayoli, benewabo barababaza bati: "Mwasanze ibintu vyifashe gute?"
9 Bishura bati: "Nimuze tugende tubatere! Twabonye ko intara yabo ari nziza cane. Mbega murindiriye iki? Ntimwijijanye imitima, ingo tugende kuhafata. 10 Nitwashikayo, muzohasanga abantu ata co binona, hamwe n’intara nini cane Imana yarekuriye mu maboko yanyu, intara ata kintu na kimwe ikenye."
11 Nuko abasoda amajana atandatu bo mu muryango wa Dani biteguriye intambara, bava i Zora n’i Eshitayoli. 12 Bari ku rugendo bashinga ikambi yabo ahitwa Kiriyati-Yeyarimu i Buyuda. Ni co gituma aho hantu hiswe Mahanehi Dani gushika n’ubu. 13 Bavuye aho baciye baja mu gihugu c’imitumba ca Efurayimu, bashika ku nzu kwa Mika.
14 Ba bantu batanu bari bagiye gutata iyo ntara ya Layishi babwira benewabo bati: "Mbe murazi ko muri izi nzu harimwo efodi, ibigirwamana vyo mu nzu, igishushanyo kibajwe hamwe n’ikindi c’igicurano? None tubigenze dute?" 15 Nuko baca barinjira mu nzu ya wa musore w’Umulewi kwa Mika, baramuramutsa. 16 Ba bantu amajana atandatu bari biteguriye urugamba basigara kw’irembo, 17 bamwe batanu bari bagiye gutata iyo ntara baba ari bo binjira, batwara ca gishushanyo c’ikibazano, efodi hamwe n’imana z’uwo muryango na ca gishushanyo c’igicurano, kandi wa muherezi na bamwe amajana atandatu bari bahagaze kw’irembo.
18 Wa muherezi abonye ba bantu binjiye mu kanyabugoro ka Mika bagatora ca gishushanyo, efodi, utugirwamana hamwe n’ikigirwamana gikozwe mu cuma, arababaza ati: "Ivyo mukora ni ibiki?"
19 Baramwishura bati: "Numa! Ntihagire ijambo na rimwe usubira kuvuga. Ingo ujane natwe utubere umuvyeyi n’umuherezi. Mbega si vyiza ko wobera umuherezi umuryango ukwiye wo mu Bisirayeli gusumba kumubera inzu y’umugabo umwe gusa?" 20 Wa muherezi aca aranezerwa, cane. Ahitana efodi n’ibindi bishushanyo vyo mu muryango na ca gishushanyo c’ikibazano, aca ajana n’abo bantu. 21 Ashira imbere abana batobato, ibitungwa hamwe n’ayandi matungo yabo, barahindukira bafata urugendo.
22 Bageze kure gatoya yo kwa Mika, ababanyi ba Mika na bo barahamagarana, bakurikira abo mu muryango wa Dani. 23 Bagenda barasemerera inyuma ya bene Dani, na bo barahindukira babwira Mika bati: "Ni ibiki? Ni kubera iki wahamagaye abo bantu ngo baze kutugwanya?"
24 Mika arabishura ati: "Mwatwaye imana nakoze, mutwarana n’umuherezi wanje. Hari na kimwe mwansigiye? Ni kubera iki mumbaza muti ‘Ni ibiki?’ "
25 Bene Dani baramubwira bati: "Ntiwirirwe uraharira rero, ahandi ho abakaza ishavu bari ngaha boraka bakakurandurana n’umuryango wawe." 26 Nuko bene Dani babandanya urugendo rwabo, Mika abonye ko bakomeye kumusumvya, aca arahindukira asubira i muhira.
27 Bene Dani baca bafata vya bigirwamana vya Mika hamwe n’umuherezi wiwe, barabandanya baja i Layishi, batera abantu bari bibereye mu mahoro ata co binona. Babaririkisha inkota, bongera baturira ico gisagara. 28 Nta muntu n’umwe bari bafise wo kubatabara kuko baba kure cane ya Sidoni kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu na bamwe. Igisagara cari mu kiyaya hafi y’i Beti-Rehobu.
Bene Dani baca basanura ico gisagara baciberamwo. 29 Baca bacita Dani, izina rya sekuruza wabo, yavutse kuri Isirayeli, ariko ico gisagara cari cahoze citwa Layishi. 30 Bene Dani baca bashinga vya bigirwamana, Yonatani mwene Gerishomu, Gerishomu mwene Mose, n’abahungu biwe, baba abaherezi b’umuryango wa Dani ibihe vyose gushika igihe batwarwa nk’inyagano. 31 Babaho bakoresha ivyo bigirwamana Mika yari yarikoreye mu gihe ihema ry’Imana ryari i Shilo.