1 Aya ni yo mahanga Uhoraho yasigaje kugira ngo agerageze Abisirayeli batagwanye intambara n’imwe mu zabereye i Kanani. 2 Ayo yayasigaje kugira ngo yigishe intambara uruvyaro rwa Isirayeli rutigeze ruja mu ntambara. 3 Ayo mahanga na yo ni aya: Abafilisitiya bari barongowe n’abatware batanu, Abanyakanani bose, Abanyesidoni hamwe n’Abahiwi baba mu misozi ya Libani kuva ku musozi Bayali-Herumoni gushika i Lebo-Hamati. 4 Ayo mahanga yasigajwe ngo agerageze Isirayeli, kugira ngo Uhoraho arabe ko bazokurikiza amabwirizwa yahaye ba sekuruza aciye kuri Mose.
5 Abisirayeli babana n’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi, 6 bahana abageni, bongera bakorera imana zabo.
7 Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe, bibagira Uhoraho Imana yabo, bakorera Bayali na Ashera. 8 Uburake bw’Uhoraho buziriringira Isirayeli, abatanga ku mwami Kushani Rishatayimu w’i Mezopotamiya, bamubera abagurano imyaka umunani. 9 Hanyuma baririra Uhoraho ngo abatabare, na we abahagurukiriza uwubacungura, ari we Otiniyeli mwene Kenazi, Kenazi murumuna wa Kalebu, maze arabarokora. 10 Mpwemu w’Uhoraho aza kuri we, aba umucamanza w’Abisirayeli. Atera umwami Kushani Rishatayimu wa Aramu, Uhoraho amurekurira mu maboko ya Otiniyeli, aramunesha. 11 Igihugu gica kimara imyaka mirongo ine kiri mu mahoro, gushika Otiniyeli mwene Kenazi apfuye.
12 Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe, bituma Uhoraho aha umwami Eguloni w’i Mowabu ububasha bwo kuganza Isirayeli. 13 Eguloni akoranya Abamoni n’Abamaleki ngo bamufashe kugwanya Abisirayeli. Nuko barabatera barabanesha, bafata Yeriko, ari co gisagara c’ibigazi. 14 Abisirayeli bakorera Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka icumi n’umunani.
15 Abisirayeli basubira kuririra Uhoraho ngo abatabare, na we abahagurukiriza uwundi mucunguzi, ari we Ehudi mwene Gera, yakoresha ibampfu akaba uwo mu muryango wa Benyamini. Abisirayeli bamurungikana ikori kuri Eguloni umwami wa Mowabu. 16 Ehudi yari yaracuze inkota y’ubugi bubiri yangana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe, ayibohera kw’itako ry’i buryo, ayambarirako. 17 Nuko ashikanira iryo kori Eguloni umwami wa Mowabu, kandi yari avyibushe cane. 18 Ehudi ahejeje kurimuha, we n’abari baje barizanye baca basubira inyuma. 19 Bashitse i Gilugali aho basengera ibigirwamana vy’ibuye, aca asubira inyuma, abwira umwami ati: "Nyenicubahiro, ndafise ubutumwa bw’ibanga ndakuzaniye." Umwami na we aca abwira abatware biwe bose ati: "Nimudutaramukire tubonane."
20 Nuko Ehudi aramwegera aho yari yicaye wenyene mu cumba co hejuru mu kirimba, amubwira ati: "Ndagufitiye ubutumwa buvuye ku Mana." Wa mwami aca arahaguruka aho yari yicaye, 21 Ehudi na we aramvura ukuboko kwiwe kw’ukubamfu afata ya nkota yari iboheye kw’itako ry’i buryo, ayisogota mu nda y’uwo mwami. 22 N’ikirindi cayo kirinjira, iserukira mu mugongo. Ehudi ntiyayisokora, ibinure vyiwe birayipfuka. 23 Ehudi aca asiga yugariye imbere umuryango w’ico cumba, na we asohokana mu bwiherero.
24 Amaze kugenda, abakozi b’uwo mwami baraza basanga umuryango w’ico cumba wugariye imbere. Ni ko kwibaza ko umwami yoba yari ari kwihagarika. 25 Nuko bararindira, ariko bashika aho bagira amakenga babonye umwami atugurura.
26 Bakirindiriye, Ehudi afata inzira arigira. Aca i ruhande ya ca kibanza basengeramwo ibigirwamana, aja i Seyira. 27 Ashitseyo mu ntara y’imisozi ya Efurayimu, aca avuza inzamba y’intambara. Abisirayeli baca bamanukana na we, aba ari we abarongora.
28 Ababwira ati: "Nimunkurikire, kuko Uhoraho yarekuriye mu maboko yanyu umwansi wanyu ari we Mowabu." Nuko baramukurikira, baramanuka, bafata amajabukiro yose yo kuri Yorodani ava i Mowabu, kugira ngo ntihagire n’umwe ajabuka. 29 Nuko batera Mowabu, bica abantu ibihumbi cumi mu basoda bakomeye kandi b’inguvu, ntihagira n’umwe acika kw’icumu. 30 Uwo musi nyene Mowabu gihinduka intara yigaruriwe na Isirayeli, igihugu cose gica kimara imyaka mirongo umunani kiri mu mahoro.
31 Inyuma ya Ehudi haje Shamugari mwene Anati, ari na we yishe Abafilisitiya amajana atandatu abicishije igisonga. Nuko na we yabaye umutabazi w’Abisirayeli.