1 Abantu bo mu muryango wa Efurayimu bakoranya ingabo zabo, bajabuka Yorodani baja i Zafoni, babarira Yefuta bati: "Ni kubera iki wagiye kugwanya Abamoni utaduhamagaye ngo tujane? Tugira tuguturirane n’inzu yawe."
2 Yefuta arishura ati: "Jewe n’abantu banje twari mu ngorane zikomeye n’Abamoni, kandi igihe nabahamagara, ntimwigeze muza kuntabara mu maboko yabo. 3 Mbonye mutaje kuntabara naciye nibako nja kubagwanya tutari kumwe, kandi Uhoraho yampaye intsinzi ku Bamoni. None ubu ni igiki gitumye muza kungwanya?"
4 Yefuta aca akoranya abantu b’i Gileyadi kugira ngo bagwanye aba Efurayimu. Abanyagileyadi barabatera, barabanesha, barabica kuko aba Efurayimu bari bavuze bati: "Mwebwe Abanyagileyadi muri abahunze bava mu turere twa Efurayimu na Manase." 5 Abanyagileyadi bafata ivyambu vyo kuri Yorodani bija muri Efurayimu. Uwucitse kw’icumu mu bo kwa Efurayimu avuze ati: "Nimundeke ndengane," Abanyagileyadi bakamubaza bati: "Uri uwo mu Befurayimu?" Akishura ati: "Oya," 6 baca bamubwira bati: "Subiramwo uti ‘Shiboleti.’ " Ari Umwefurayimu yaca avuga ati: "Siboleti," kuko Abefurayimu batashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira kw’ijabukiro rya Yorodani. Ico gihe hishwe abantu bangana n’ibihumbi mirongo ine na bibiri vy’Abefurayimu.
7 Yefuta aca amara imyaka itandatu arongora Abisirayeli. Maze Yefuta Umunyagileyadi apfuye, ahambwa mu gisagara ca Gileyadi.
8 Inyuma ya Yefuta haza Ibuzani w’i Betelehemu, arongora Abisirayeli. 9 Yari afise abahungu mirongo itatu n’abakobwa mirongo itatu nyene. Abakobwa biwe barongowe mu yindi miryango, maze na we azana abandi bakobwa mirongo itatu bavuye mu yindi miryango, barongorwa n’abahungu biwe. Ibuzani arongora Abisirayeli imyaka indwi. 10 Hanyuma arapfa, ahambwa i Betelehemu.
11 Inyuma yiwe haje Eloni yava mu muryango wa Zebuloni, arongora Abisirayeli imyaka icumi. 12 Hanyuma arapfa, ahambwa muri Ayijaloni mu ntara ya Zebuloni.
13 Eloni amaze gupfa, haje Abudoni mwene Hileli, yava i Piratoni, arongora Abisirayeli. 14 Yari afise abahungu mirongo ine, n’abuzukuru b’abahungu mirongo itatu, bari bafise indogoba mirongo indwi bagenderako. Yarongoye Abisirayeli imyaka umunani. 15 Apfuye, yahambwe i Piratoni mu ntara ya Efurayimu, mu misozi y’Abamaleki.